IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaporisi b’Abarundi bahora muri Centrafrique batahukanwe

Abaporisi b’Abarundi bahora muri Centrafrique batahukanwe

mardi 2 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abaporisi b’Uburundi bahora mu gihugu ca Centrafrika batashe kuri uwu wa mbere bazanwe n’indege ya Ethiopian Airlines, bikaba bitegekanijwe ko atabazobasubirira.

Aho bashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko bakoze neza, naho ishirahamwe mpuzamakungu ONU riheruka kuvuga ko ata baporisi b’Abarundi ryipfuza kubandanya rikoresha.

Mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu uwu mwaka, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko rihagaritse amasezerano ryari rifitaniye n’igiporisi c’Uburundi mu bikorwa vy’uguhagararira amahoro n’umutekano muri Centrafrika.

Kuri iyo ngingo ya ONU, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko ivyo bitobazwa igiporisi. Mu gihe bitegekanijwe ko abo baporisi b’Abarundi bazosubira muri ivyo bikorwa vy’uguhagararira amahoro muri Cenfrafrika, OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko bazoguma biteguye, kugira amashirahamwe yari yabasavye niyasubira kubakenera azobaronke bitagoranye.

Inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iheruka gufata ingingo yo kurungika mu Burundi abaporisi mpuzamakungu ba ONU bagera ku 228.

Abo baporisi mpuzamakungu bazorungikwa mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu cose, bakazoba bafise ikiringo c’umwaka umwe, ariko gishobora kwongererzwa mu gihe umutekano wobandanya gutituka. Bazokora n’abarorerezi mpuzamakungu basanzwe bari mu Burundi, hamwe n’abasirikare b’abahinga b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika basanzwe bari mu Burundi.

Nk’uko iyo ngingo y’inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ibivuga, abo baporisi mpuzamakungu ba ONU bazoja gukurikirana ibijanye n’agateka ka muntu mu Burundi, hamwe n’ugufasha kugira ibiganiro bihuza Abarundi bigende neza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.