IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abari biteze kwubakirwa amasoko amaso yaheze mu nzira

Abari biteze kwubakirwa amasoko amaso yaheze mu nzira

mercredi 18 Ruheshi 2014

Umwanya ubaye munini, abadandaza bashizwe mu muhango ko bagiye kwubakirwa amasoko ya kijambere, ariko amaso yaheze mu nzira, nk’uko bishikirizwa n’icegera c’uwurongoye sendika y’abadandaza SYGECO.

Martin Sindaruhuka, icegera c’umukuru wa SYGECO atanga uturorero tw’isoko ya Bugenyuzi (Karusi), Musenyi (Ngozi), hamwe n’isoko mfatakibanza ya Cotebu, zose.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu, icegera c’uwurongoye sendika y’abadandaza SYGECO (Syndicat Général des Commerçants) amenyesha ko barajwe ishinga n’abadadandaza batanze intererano zabo zo kwubaka amasoko ya kijambere mu ntara za ruguru, ariko umwaka ukaba urangiye ayo masoko atarubakwa.

Martin Sindaruhuka avuga nk’isoko ya Bugenyuzi yahiye ubugira kabiri, abarongoye komine hamwe n’abadandaza bagatangazwa n’ukungene gushika ino saha ibikorwa vyo kwubaka isoko ya kijambere bitaratangura. Nico kimwe n’isoko ya Musenyi mu ntara ya Ngozi, naho nyene abadandaza baratanze intererano, ariko gushika ubu ibikorwa vyo kububakira iyindi bikaba bitaratangura, nk’uko Martin Sindaruhuka abandanya abishikiriza.

Muri ico kiganiro, Martin Sindaruhuka yagarutse kandi ku kungene umwaka n’inusu urangiye ibikorwa vyo kwubaka isoko mfatakibanza ya COTEBU bitarahera, ndetse abadandaza baburiye ibidandazwa vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura bakaba gushika kuri ino saha batararonka ibibanza muri iryo soko. Muri SYGECO bagasaba ko ugutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU ababijejwe bakwiye gufadikanya n’umurwi watowe n’abadandaza inyuma yisha ry’isoko nkuru ya Bujumbura, kugira bitangwe mu muco atagucanishamwo abadandaza. Basaba abajejwe intwaro gukurikiza akarorero k’intara ya Kayanza aho itangwa ry’ibibanza muri ryo soko ryatanzwe mu muco ntangere.

Martin Sindaruhuka arangiza asaba ko abadadandaza bose bashizwe mu muhango wo kubakirwa amasoko ya kijambere ko bobibakorera mu maguru masha kuko naya mashirahamwe ashumbusha abahuye n’ivyago adashobora kwemera gukorana n’abo badadandaza mu gihe bagikorera mu mabarabara, canke mu tuzu tw’imbaho.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.