IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Izandiko zishigikira abaririmvyi bariko batotezwa zibandanya ziboneka ku (...)

Izandiko zishigikira abaririmvyi bariko batotezwa zibandanya ziboneka ku bwinshi

vendredi 16 Nzero 2015

Abantu batari bake batanguje urugamba rwo gushigikira abaririmvyi b’i Burundi bivugwa ko bariko batotezwa. Baboneka bafise inzandiko zishusha n’izabonetse igihe hicwa abamenyeshamakuru bo mu kinyamakuru Hebdo Charlie mu Bafaransa" Je Suis Charlie".

Abatari bake bariko bashira ahabona umutima wo gushigikira abaririmvyi bivugwa ko bariko batotezwa aho harimwo n’abahavuye bahunga Uburundi. Bamwe muri abo bantu bafise inyandiko nk’izabonetse igihe hicwa abakozi bo mu kinyamakuru Charlie Hebdo. "Je Suis Mkombozi", "Je Suis N John Melodica", "Je Suis Lion Story".

Ubwo butumwa busigura ko uwo muntu yanditse uko aba yishize mu kibanza c’uwo ariko aratotezwa.

Nawe urabashigikiye?

Rekura umu Rasta na Lion Story

Nzeyimana na Mkombozi

Ndasavy’Ijambo na N John Melodica


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ariko Mana karashize ingani tugume dutoteza abo tudasangiye ivyiyumviro???????? Ese ko numva ivyo bavuga ari ukuri ubundi barabahora iki????? Ariko ntibacike intege tubari inyuma.

  • barundi benewacu kugira igihugu gitere imbere akamo kanyu karakenewe,abaririmvyi ntibacike intege mwisunge laky doube mur afrique du sud yapfunzwe azira ukuri ariko ntamvura idahita ukuri kuratinda kukaja habona!turikumweeeeeeee!!!!!!!

  • jew ndatangazwa nitotezwa ry abaririvyi bo muburndi,erega abo ntagihugu bashaka gutwara, ataru gukebura abarongoye uburundi na babubamwo, kandi Kugira igihugu giter imbere kikeney abaririvyi n abakinyi,par ex: USA ,Brazil n’ibindi bihugu.reta yikebuk,.

  • Je suis Mukombozi Nzeyimana.Leta y’uburundi yokwikebuka,igakingira abaririmvyi bacu dukunda,bavuga ibiriho biboneka Natwe tubona Nta mvura Idahita. baririmvyi bacu komez’ukwiianga,ariko Ntimwihe Ababashak’agahanga.Abadukurira,babashigikiye.Batabaze Ababanyi,gukur’akarenganyo kagirigwa uwuvuz’ukuri Ukuri.Murkoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.