IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi baba mu Rwanda bafashije abahuye n’imvura y’isegenya

Abarundi baba mu Rwanda bafashije abahuye n’imvura y’isegenya

lundi 7 Mukakaro 2014

Abahuye n’imvuro yo ku wa 9 ushira uwa 10 Ruhuhuma, nibo baronkejwe imfashanyo igizwe n’impuzu hamwe n’amafaranga, n’ishirahamwe ry’abarundi bakorera mu gihugu c’Urwanda.

Nk’uko vyashikirijwe na Minani Longin yaserukiye ishirahamwe ry’abarundi baba mu Rwanda, ako gafashanyo bakegeranije kugira gafashe abarundi bahuye n’ivyago vy’imvura yaguye igahitana abantu n’ibintu mu makomine amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, n’intara ya Bujumbura. Imiryango ishika kuri 21, akaba ariyo yahawe iyo mfashanyo igizwe n’impuzu, uburengeti, amabido, hamwe n’amafaranga y’amanyarwanda agera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana abiri.

Yaba ishirahamwe Croix Rouge ryafashije kugira abahuye n’ivyo vyago bagahungira ku kibuga ca komine ya Kamenge, canke musitanteri w’iyo komine, bose banezerejwe n’ako kigoro k’abarundi baba mu gihugu c’Urwanda, ndetse baca basaba abandi bagiraneza kubandanya bafasha, kuko abo bahuye n’ivyo vyago, bakenyeye amabati yo kwubaka amazu, na rirya ayo babamwo, yahitanywe n’imvura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.