IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bahamagarirwa kurwiza umwimbu wo gushora muri Afrika (...)

Abarundi bahamagarirwa kurwiza umwimbu wo gushora muri Afrika y’ubuseruko

jeudi 8 Rusama 2014

Inama y’abahinga bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yari imaze iminsi ibiri iriko ibera i Bujumbura yasozerewe n’ibikorwa vyo kuja gusigurira abanyagihugu bo muri komine Buyenzi akamaro k’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko kw’iterambere ry’ibihugu.

Abahinga bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bagizwe n’abadandaza, abanyamitahe hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bari bamaze iminsi ibiri mu nama yasozerewe ku munsi w’ejo kuwa gatatu. Iyo nama isanzwe itegura iyindi izobera mu gihugu ca Ouganda, ku magenekerezo ya 12 na 13 Nyakanga 2014, ku bijanye n’ukwibutsa abanyagihugu bo ku karere ka Afrika y’ubuseruko akamaro k’isoko rusangi, hamwe n’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe.

Yohani Rigi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko amenyesha ko abanyagihugu b’abarundi bakwiye kwijukira kurondera uturusho ku masezerano aterwako umukono n’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko mu bijanye n’ukworohereza uruja n’uruza rw’abanyagihugu n’ibidandazwa muri ivyo bihugu bigize uwo muryango ukwo ari bitanu. Kugira abanyagihugu b’abarundi bashobore gukora ku rugero rumwe n’abandi bo muri ivyo bihugu, Yohani Rigi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko avuga ko umwimbu worwizwa, kugira abarundi baronke ivyo badandaza mu gihugu, n’ivyo bashora muri ivyo bindi bihugu bigize Afrika y’ubuseruko. Abarundi bokwongera bakamenyera guhiganwa n’abanyagihugu bo muri ivyo bihugu mu bijanye n’ukurondera ubuzi.

JPEG - 1.1 Mo
Yohani Rigi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko

Mwomenya ko inyuma y’iyo nama yamaze iminsi ibiri, abo bahinga baciye bagendera abanyagihugu bo muri komine Buyenzi kugira babasigurire akamaro k’ugukorera hamwe mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Abo banyagihugu barahawe akanya ko kubaza ivyo badatahura mw’itunganwa ry’ibikorwa vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Uwo munsi w’ejo kuwa gatatu wasozerewe n’ibikorwa vyo gusukura ibibanza bimwe bimwe vyo muri komine Buyenzi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.