IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bashika 300 barahungiye mu Rwanda inyuma y’irahira ry’umukuru (...)

Abarundi bashika 300 barahungiye mu Rwanda inyuma y’irahira ry’umukuru w’igihugu

vendredi 28 Myandagaro 2015

Ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe ibibazo vy’impunzi mu gihugu c’Urwanda vyerekana ko impunzi z’abarundi ziri hagati y’150 na 300 arizo bakira kuva inyuma yaho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arahiriye kurongora Uburundi ku kiringo ca gatatu.

Frederick Ntawukuriryayo, ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bukurikirana ibiza n’ibibazo vy’impunzi,avuga ko ibiharuro bafise vyerekana ko impunzi z’abarundi zihungira mu duce duhana imbibe n’Urwanda, biri hagati ya 150 na 300, zimwe muri izo mpunzi zikaha zijanwa mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.

Ntawukuriryayo Frederick abandanya avuga ko ata biharuro bizwi vy’impunzi z’abarundi zisubira mu Burundi baciye mu nzira zizwi,kuko nimba zigenda zitabimenyesha abayobozi.

Mwomenya ko impunzi z’abarundi zatanguye guhungira mu Rwanda mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza ,kuva umugambwe CNDD FDD ushize imbere umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ngo arongore Uburundi ku kiringo ca gatatu.

Ubushikiranganji bujejwe ibibazo vy’impunzi vyerekana ko Urwanda rumaze kwakira abarundi bashika ibihumbi 75 , ibihumbi 23 baba mu gisagara ca Huye na Kigali abandi ibihumbi 43 baba mw’ikambi y’impunzi ya Mahama, abandi basigaye mu tundi turere tw’Urwanda.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ABO N ABANYARWANDA BARIKO BASUBIRA IWABO BARI BARAJE MUMATONGO Y ABAHUTU MURI 1972

  • Muzabaze aba Congorais bashuste ngo bahunge babone uko bateza akavuyo iwabo ngo bazabatahura nyuma aho ubuhunzi bubageze ubu!!?
    Mutegereze izo ntambara tu muzombarira. Icyo zizobasigira

  • Ariko Gukunda Ubutegetsi Ukanka Abo Utegeka N’ Ubujuju Butagira Uko Bungana.

  • Abo bita barundi bahunga nibamwe mubatutsi bo mungagara bahunze 59 bava mu RWANDA ntabwo rero ari abarundi nyabo. Nibyiza gutahuka iwabo i Rwanda. nibabe basangira impungure n.abanyamurenge bashutswe bakava kongo none bakaba inkambi bazimazemo imyaka hafi 20

  • Nn abo ngo bahungik?uwuhunz nuwudahuz hagez barapfa je simbon iyo barik baja

  • Ntagitanaza kiri mur’ayo makuru,u Rwanda twararutahuye neza.

  • mwebwe muterera ivyuyuviro nimurabe icotez uburundi ibere mureke ivyamoko nukur imana ntamoko yaremye yaremye umuntu gusa mwebwe mubivuga nyamba harinyugu mubifisemwo ntawobimenya.arko kuvakera ntamoko yariho icozico namada yabarundi bamwe bamwe inzaribishe amako acaja kumunwa wabo barondera vyimagazabo gusa abonibo twaridukwiye kugwanya mu burundi

  • Nimba ari abatutsi b’abanyarwanda ,nibanyarutse batuvireho vuba bwango,abo bicanyi b’abamafia ntibakwiye kuba mu barundi turacari peuple iri honnete ifise umutima atari izo nyenzi àla place y’umutima hari ibuye,batuvireho ahubwo barakengerana kubona batugumiye mu gihugu n’ibibi badukoreye,bahejeje gufashanya n’abatutsi b’i burundi kutwica no kutwiba baja i rwanda,rubananiye bagaruka i wacu,c’est fou ça,abo bose ba muhozi non seulement tugire kubaha indaro,bongere batwanikire ari abanyarwanda,batange ama radio pour couvrir le pusth,nubu bagume batwononera ,ntivyumvikana abahutu turirererako imisega,on doit changer .

  • Wewe fidelite iciyunvirowatereye nicubaka tweseturibamwe abahungiyetanzanianabonakongo nayuganda nakenya mozambikenahanandinabongoboba arabaki ndagusavye inambazawetuzoganiravyishi nimba ufise ukwizera

  • abo barundi nabo bahunga barafise ico bahunga.kuk ntawova murugo adafis icahung.ahubw abarund nimuz twes hamw duhang amas igologota kuk turagez ahumwas satani ashaka.

  • Njye ndi mu Rwanda ntuye i Butare gusa abantu mbona mumakambi 70/100. Bafite inkomoko mu Rwanda(aba 59)Mbona ari sawa kuko ni abanyarwanda batahutse basubira iwabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.