IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Abarungikirwa amafaranga y’agaciro bazoyaronswa mu marundi gusa

Abarungikirwa amafaranga y’agaciro bazoyaronswa mu marundi gusa

mercredi 7 Gitugutu 2015, par egide

Banki nkuru y’igihugu (BRB : Banque de la Republique du Burundi) iheruka kurungikra urwandiko amabanki y’ubudandaji ibibutsa ingene amafaranga y’agaciro azohora atangwa. Amafaranga y’agaciro yarungikiwe abantu azotangwa mu marundi gusa, ariko iyo ngingo ikaba itaraba amashirahamwe azoba afise ivyemeza ko akora urudandazwa rwo hanze y’igihugu.

Abantu bafise amafaranga y’agaciro mu bubiko bwabo (Comptes) bazoshobora kuyatora nk’uko vyahora, ariko abarungikiwe ayo mafaranga y’agaciro biciye mu buhinga bwa none bwa Western Union, Money Gram canke ubundi buhinga bazoyahabwa mu mafaranga y’amarundi gusa.

Prosper NGENDANGANYA, ajejwe kuraba ingene amabanki y’ubudandaji akorana n’ibanki nkuru y’igihugu BRB, asigura ko iyo ngingo yafashwe kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2015, ikaba ije yiyongera ku zindi ngingo zari zihasanzwe zigenga ivunjishwa ry’amafaranga y’agaciro, ikaba yafashwe kugira nk’uko amategeko abivuga mu gihugu c’Uburundi hakoreshwe amafaranga y’amarundi gusa, ari naco gituma muri iyo ngingo nshasha, intumbero ari ukwibutsa abantu ko ayo mategeko ategerezwa gukurikizwa.

NGENDANGANYA akamenyesha ko amashirahamwe nayo afise amafaranga y’agaciro mu bubiko bw’amabanki (Comptes), ivyo azoba akeneye kurihira canke kugurira mu Burundi, ayo mafaranga bazoyahabwa mu marundi. Mw’ibanki nkuru y’igihugu bakamenyesha ko muvyo bihweje babona neza ko hari amashirahamwe amwe amwe afise utunenge mu nyifato zimwe zimwe, ari naco gituma bafashe iyo ngingo iraba amashirahamwe, ariko ntifate abantu ukwabo.

Prosper NGENDANGANYA yibutsa ko hariho ingingo yindi yo mwaka uheze mu kwezi kwa gatanu ivuga ko umuntu wese aba mu Burundi afise amafaranga y’agaciro mu bubiko bwa banki (Compte) afise uburenganzira bw’ugukoresha amafaranga uko agomvye kandi ata rugero barinda kumutegeka, ariko ayo arungikiwe yose agategerezwa kuzoyahabwa mu marundi.

Ku mashirahamwe nayo akeneye gukoresha amafaranga y’agaciro mu kurangura ibidandazwa bivuye hanze y’igihugu, Prosper NGENDANGANYA asigura ko hariho amategeko agenga urwo ruja n’uruza rw ‘ibidandazwa, iryo shirahamwe rizoba rikeneye ayo mafaranga y’agaciro rikazosabwa kwerekana ivyemeza bisabwa n’amabanki.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • none ko banki Nkuru yigihugu ifashe iyo ngingo yoba yaravye neza ukuntu ibanki ivunza amahera yagaciro mumarundi kumenga batanga make muribanke kumuvunjo mucige neza kugira bahindure kurya kuntu bavunja badutwara menshi muribanke kumuvunjo murakoze

  • Ndababwire ababantu bavuze ikiciyimviro nabanyabwengepe! Ariko ubwobwenge nimukomeze mubukoreshe mukwiga uko bank ivunja nkakarorero hano Bujumbura wifitiye ijanaryawe ryana $ y’Amerika ucumenyako abakuvunjira bataza kunjamusi yibihumbi 170 ariko icomwomenya birahindagurika nkomurinomisi bavunja hafiyibihumbi 190 ariko kwi banki ntanashika ibihumbi 160 uburero namazekunenyako abarundi babanubihugu vyohanze batanguye kwikora kuncutizabo zaba Tanzanians zikabatorera ama $ kumabanki ya Tanzania bagaheza bakazana ngaha Burundi ama dollars bakayavunjamwo amarundi bagaheza bagakomeza kurangura ibikorwavyabo basanzwe bakorera ngaga Burundi. Kubwivyorero sinovugako ama banki yovunja nkabobababakorera mubirere ariko bogerageza bakongezako kurayo batanga maze yaba ibanki ntiyfitagaze umunwanyi ngwikundeyunguke umurengera, cokimwe numunwanyi ntiyipfuze gusaba ibanki amahera angana nayatangwa nabarya bakorera mubirere kukobaryabomumabanki barahemba abakozi bakariha amatasi nibindi.

  • kuki ? turungika amahera yagaciro hama ngobatange amarundi mugihe umuntu ataba yarubgitse amarundi akonakarenganyo

  • kuki ? turungika amahera yagaciro hama ngobatange amarundi mugihe umuntu ataba yarubgitse amarundi akonakarenganyo

  • Emwe aho politique yigihugu ibataye kuwamazi,mbe muraziko uko mufata ingingo zokwiyorohereza mukuronka amahera mudakoreye,niko natwe tuyaruhira dufata ingingo zitworohereza mukuyacisha mubundi buryo.Nimutekane vyabasheshe kuwamazi.

  • Mureke gufatira amafaranga yabaturage mwitwaza ngo na madorari. Mugihe uburundi mugifatiwe ambargot namakungu mubijyanye nimfashanyo desequilibre economique uzahaguma kugeza igihe igihugu kizosubira munzira nziza. So mureke umuntu avunje aho ashaka.

  • Ndakeneye Kumenya Ukuntu Bavunja Amazambia Ijana Baguha?Amatanzania Yogute Uwubizi Aduhe Inyishu,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.