IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi ba FDLR basubiye kugirwako ibitero bikomeye

Abarwanyi ba FDLR basubiye kugirwako ibitero bikomeye

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Abarwanyi b’umuhari wa FDLR usanzwe urwanya Reta y’Urwanda batanguye kugirwako ibitero bikomeye, mu ntumbero yo kubaka ibirwanisho.

Nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igisirikare ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abarwanyi ba FDLR baranse gushira mu ngiro ivyo basabwe, abasirikare b’igihugu bakavuga ko bagiye kuvira hasi abo barwanyi, bakwe ibirwanisho, mu gihe uwo muhari wagirizwa gukora amarorerwa mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yaba mu gufata abagore ku nguvu, kwica n’ukwiba. Eka mbere bakagirizwa n’uko batera umutekano muke mu gihugu c’Urwanda.

Ariko rero tukabamenyesha ko umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yaheruka kwanka ikorana n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariryo MONUSCO. Intandaro ya vyose rero, akaba ari ukudahuza hagati ya MONUSCO n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ku basirikare babiri bafise ipete rya General, bategerezwa kurongora umurwi wo gutuza abo barwanyi ba FDLR. Bikavugwa ko igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe na MONUSCO batanguye ibiganiro kugira barabe ico korwa mu kurwaniriza hamwe abo barwanyi b’abanyarwanda bafatwa nk’intagondwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.