IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaryumyeko ba CNDD FDD bashinze urwego rwubahiriza amasezerano ya (...)

Abaryumyeko ba CNDD FDD bashinze urwego rwubahiriza amasezerano ya Arusha

mardi 21 Mukakaro 2015

Abahoze mu mugambwe CNDD FDD berekanye ko badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,ubu bavuga ko bitwa abaryumyeko ba CNDD FDD bamenyesha ko bashizeho urwego nfatakibanza rujejwe kugenzura ibikorwa bifise intumbero yo kwubahiriza amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Leonidas Hatungimana avugira urwo rwego kuwa mbere igenekerezo rya 20 Mukakaro,iyo komite imenyesha ko ishigikiwe n’abari mu nama mpanuzwajambo harimwo uwahoze ari icegera ca mbrere c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri, Piyo Ntavyohanyuma yahoze arongoye inama nshingamateka,hamwe na Yeremiya Ngendakumana yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD.

Iryo tangazo rimenyesha kandi ko hari n’abari mu nama mpanuzwajambo bari mu Burundi,ariko batashimye kuvuga amazina kubera imvo z’umutekano wabo.

Abaryumyeko baboneyeho akaryo ko kumenyesha abarundi n’amakungu ko bashigikiye akigoro k’ishingwa ry’umurwi w’igihugu ujejwe kwubahiriza amasezerano ya Arusha na Reta ishingiye ku mategeko.

Abaryumyeko ba CNDD FDD barangiza basaba ibihugu n’amashirahamwe vyo mu karere na mpuzamakungu,abafasha Uburundi kutemera ibizova mu matora atabaye mu mwidegemvyo,mu muco kandi atitabwe na bose,no kutemera inzego zizoyavamwo.

Abagize urwo rwego ni:

1. Onésime Nduwimana: Umukuru
2. Honorable Moïse Bucumi : Icegera
3. Léonidas Hatungimana : Umuvugizi
4. Honorable Aimé Nkurunziza: Ajejwe imigenderanire
5. Honorable Oscar Ndayiziga: Ajejwe kurumenyesha no kurwigisha mu rwaruka
6. Geneviève Kanyange : Ajejwe kwigisha mu bakenyezi
7. Frédiane Coyitungira: Ajejwe ibikoresho


Van Naris Mugisha

Messages

  • MANA TEBUKA,UKIZUBURUNDI.NAYAHANDI ABABUNDIYE UBURUNDI NGOBABUSAMBURE NIBESHI.MANA UBURUNDI NDABUSHIZE,MUBIGANZA VYAWE.

  • Komera Léonidas Turi Inyuma Yanyu Kandi Mutubwi Uko Biriko Biratunganywa Kugira Dufatanye Urugamba,nayo Uwusha Akarenzo. Azoheraheze Wenyene Uyu Mwibutsa.

  • komera turinyuma yanyu izontozo tuxiyamirize

  • hooowatevye ndavuyo kumwemeza muze niwigumye ntakundi aragutwa atacamira

  • Suma Murenga Mwahimvye Ntacoyimena Nimube Muraravuta Ngo Muravuga!Sha Agahimbo Nikabi.Bamurinyegeje Nyene Imigambi Yanyu Yararambutse Mwamirimbirimwe.

  • Basha ndarahiye ahomwaduhendeeeeeye nikera mweho ntimuje ,ahubwo akokarwi kanyu kubwoko n’umwe ntawuzobaha nirwere kuko mwaratemye murakinda mwirorera muhengereye murahaze none ngo murakuye meza mugiye kutugarukanamwo iki assaya c’ubwoko bumwe kuko mwarangije mandat zanyu ,mur’ibijuju ba muratur’amangati y’ivyo mwasahuye ,ivyagoye namwe muri mwebwe nt’amazina nshizeko muriyizi kandi murazwi ,namwe ubusambanyi bwo mu bureau, ubwicanyi no gutang’ishano Ruyigi n’ahandi ,kugurish’umugambwe kuber’inda y’ibiturire n’ibindi n’ibindi nzokwemanga kuri facebook kandi murazi ko mbifise ,uwobabaza vyabice mwiyemeza ko DD yari yanaduhayeko aho mwotwereka ibice mwahay’Abatutsi birihehe mur’uwo rwego muri kuduhumish’amaso ?cira birarura jan’ayomacakubiri yanyu hiyo Imana Idac’urwankunzi Iraz’ico Yateguye kubarundi Twanizwe tugomb’amahoro tutagomb’ivyicaro (KAND’IMANA IRAHORA IHOZE TOGUMA KUMAVI KANDI TUZISHURWA ISAHA NIYGERA100%.

  • Nimukomere k’umugambi wo kudukura mu kaga turimwo kuko turarushe!

  • Ivyo mu Burundi biraruhije!Ariko n’ubwo bir’uko,ndizera k’ihinduka rizoba naho hatoba uyu musi,ariko ico gihe kizogera.

  • Another additional issue!

  • izo politique zikinyendaya twarazihaze.

  • Mana None Uremeyeko Ikigihugu C’ Uburundi Kibe Ikibuga Cabadayimoni Tugarukire Ibintubitarayangara Mana

  • Nimwe Ba Démocrate Nyabo Muri Cndd-fdd Mweye Koko Guharanira Ukuri Mugahakwa Kubizira.Koranya Imitwe Turabeko Igihugu Cova Mu Vyara Vya Sekibi.Komera Ndabashigikiye.

  • kubwanje mwari mwaratebeje kandi muturungikira amakuru kugira tumenye ukovyifashe abonabo batukana rindira bazobibona igihe kigeze nimwirambire

  • mb jean ahubw niw udakomey mwibz k igihug aricbar cany ark murarab ntimubn wofm ugir ubuhumy bwams hak wogir ubuhumy bwubweng changement X100

  • ko mwari mwashigikiy amanyanga kuva kera murigaruy? karibu.

  • manawee! muburundi tuzoromk imvugakuri zirwiriyenka leonidance ryari?Arikotwizereko naharibake ukurikuzoteba kujahabona nkurunziza nabobacuditse mumugambi ugayitse bagaragare

  • Abo kobahunze kandi tukabona uburundi bwiharijw nokurongorwa n’abavuye kurugamba,nn bizogenda gute?uwuvuze ari mu bdi acayicwa bazoshigikirwa nabande?

  • TWAMWEMEJE AZOBATWARA,MUKANUYE,IMINOKO,UBU,MWARAHIMVYE,MUCA,MUSOHOROKUBOK NGONKURUNZIZA,NGONTIYITOZE,MUZOTAHIRA,KUYERERA.ARABASUMVYA,PORITIQE

  • TWAMWEMEJE AZOBATWARA,MUKANUYE,IMINOKO,UBU,MWARAHIMVYE,MUCA,MUSOHOROKUBOK NGONKURUNZIZA,NGONTIYITOZE,MUZOTAHIRA,KUYERERA.ARABASUMVYA,PORITIQE

  • TWAMWEMEJE AZOBATWARA,MUKANUYE,IMINOKO,UBU,MWARAHIMVYE,MUCA,MUSOHOROKUBOK NGONKURUNZIZA,NGONTIYITOZE,MUZOTAHIRA,KUYERERA.ARABASUMVYA,PORITIQE

  • oooooh!!! jewe nama ndabivuga ko hazogira igihe Imana IZISHURA!!

  • ukuri kwany gufatiye kunda!ubu niho mukibona ukuri namw ivyo mwakoze nivyishi!nta ntambwe muzoduterana!

  • Ico kintu kirimwo Léonidas, Moïse, Onesime,ntikizorama, kuko Bose ni abagomvye gutembagaza ubutegetsi mû Burundi.

  • nivyiza twe turi muburundi tuzobakwirikira vyanka bikunda avec 2020 dukeneye ko twe abahumyabanga tuzotwarwa nabandi hama abo basuma ba dolofu .ba peter na bandi bafatwe

  • nivyiza twe turi muburundi tuzobakwirikira vyanka bikunda avec 2020 dukeneye ko twe abahumyabanga tuzotwarwa nabandi hama abo basuma ba dolofu .ba peter na bandi bafatwe

  • biragoye ! murabo bagize uwo murwi hariho umwe yipfuza kuba minitre w ububanyi n amahanga kugira ngo bimworohere kugira business ziwe yari yateguye, abona Peter ahagumye ko vyomugora kuronka ico kibanza ari naco gituma atashoboye kugumya ibanga nkuko izina ryabo ribavuga, ashima gutera akaduruvayo, nta masezerano ya Arusha ashaka kwubahiriza , nimuhende abatabizi. Imyaka 10 mwari muri Système.

  • turinyuma yanyu.raba mukigarukire

  • MUKOMERE CANE BATAMA NAMWE BAKENYEZI KUBWITANGE MWEREKANYE MUKWANKA KUGUMA MUBOHEWE AMABOKO IMUGONGO NA NKURUNZIZA BE NAKARWI KIWE KIRA NONEHO NTIMWIREBANGA KUKO NATWE MURI OPPOSITION NA SOCIETE CIVILE TURAKENGURUKA GOSE AKIGORO KADASANZWE MWEREKANYE KANDI TWESE HAMWE NTANKEKA BUCA PETER TUMWEREKA NEZA YUKWATARIWE WENYENE AZI GUTWARA ABARYUMYEKO OPPOSITION SOCIETE CIVILE NS DISONS CECI TOUS ENSEMBLE SOYONS DEBOUT POUR FAIRE TOMBER LE REGIME NON REGITIME DE PETER PAR TOUS LES MOYENS POSSIBLE NAKARE NGO AKARI MUKANWA KIMBWA BAKUZAYO UBUHIRI!

  • UBU NIBWO CNDD.FDD IGIYE GUKOMERA KURUSHA KUKO ABO BOSE BAMAZE KUVAMO,ATAMUTIMA W’URUKUNDO RWAYO BARI BAFISE AHUBWO BARONDERA IZINDI AVANTAGES.

  • IMANA DUSENGA,IRATUBONA

  • Uwutahari angana nuwapfuye rekura ibinwa hirahira uze muburundi tubigabanye

  • NNE UBU NTIMWOVUGANA IKIBZO KIKAVA MUNZIRA,HOHO UBU MWOBWIRA ABANTU KO MUGIYE GUKORA IKI?

  • mwebwe muza gusara!!! ico novuga co nuko ari hamwe umukuru w’igihugu yorahira mwoba mufashwe na maboko nukuri sindababesha

  • mwebwe muza gusara!!! ico novuga co nuko ari hamwe umukuru w’igihugu yorahira mwoba mufashwe na maboko nukuri sindababesha

  • C’est du bla bla ce truc,aho muri mu biki?Radjabu mbega ko mumwibagira na ba manasse ,divisions ntaho zagiye ntaco muzoshikako,muzoza kutwigisha ibiki?Abatutsi baratwishe baratumara amategeko abuza kwica ahari,mushaka kwubahiriza amategeko hera kuyakandagiwe kuva 65,uyo nawe yigisha abakenyezi mana ntidushakako mudusubiza inyuma kandi dutanguye gusonga mele.

  • GUSHINGA URWO RWEGO NTICARI IKIBAZO AHUBWO NI UKO RUJE RWARACEREWE,KUK IGIHE HASHINGWA SENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGIRO NAMW MWARI MUHARI ARIKO ATACO MWAVUZ IZO NI INZEGO ZATEGEREZWA GUKORANA,ARK NTAKUNDI NIMWEMERE IVYO SENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGIRO YAKOZ MUREKE GUFATA ABENEGIHUGU NK IKIBUGA MUKINIRAKO.TWE DUSHAKA AMAHORO,ICO NAC KIZOBA IKIBAZO KIZOKWIGIRWA HAMW N IBINDI IGIHE IBIGANIRO VYASUBIY GUTANGURA,KAND BIZOBE KUNEZA Y’ABANYAGIHUGU MUTARAVY INYUNGU ZANYU.MURAKOZE.

  • GUKURA NI VYIZA
    aHO HAMBERE TWAHORA TUJA KUNYWA IBIYAYURA IMITWE.GATO AHO TUGACA TWICARA TUKAROTA TUKUBAKA INZU MURI ESPAGNE TUKANAZINJIRA.
    aBO BA oNESIME BARAROSE KABISA.HARAGEZE KO ABARUNDI TUHAGURUKA TUGASABA LETA KO DUSUBIRAMWO LES ACCORDS D ARUSHA TUGASHIRAMWO IBIGOMERO BIZOTUMA ABAHUTU ABATUTSI ABAGANWA ABATWA ABA ANCIENS DIGNITAIRES NABAGEZWEHO BADSUBIRA KUCANAMWO NGO BICANE
    TWONAKORA AMATEGEKO AKAZE ATUMA ATAWUSUBIRA KWIBA OU NGO ATANGE IVYABARUNDI.aPRES TUKAJA MU MATORA TUKAKURA CONFUSION IRI MURI CONSTITUTION...nARI NARARUSHE NAMAJAMBO JAMBO YA PACI
    HARI UWAJE YARENZA NGO GATOYI TUJE ADDIS

  • MBE WE WIYITA FIDELITE NGAHO NTANISONI WUMVA IYO WITWAZA IVYAMACAKUBIRI? MBE WIHENDAYUKWARI WEWE UZI UBWENGE GUSA? NUTURURE SHA! KANDI NTUNSUMVYA KUBA UMUHUTU! MBE BURYA MURI 72 WIYOBAGIJE YUKO ABAHUTU ARIBO BASOMBOREKEJE ABATUTSI! MBE KO UTAVUZEKU BWICANYI Peter NAWE YAKOREYE TWEBWE ABAHUTU KUVAHO ATANGURIYE GVWARA? TEKEREZASHA USANGWA URI IMBÖERAKURE CNDANYA MUGANDAGURA ABARUNDI TUZORABA UMWISHO WANU TU! MBE BABA FNL DOCUMENTATION YICA IMUYINGA BISHWE NA COLONEL BANGIRINAMA NA BAMWE BICWA MUBURUNDI BWOSE NA CMWE BICWA MUGATUMBA NAHANDI NAHANDI NTI BARI ABAHUTU? IYO POLITIKE YAMAAKUBIRI MWIYIMYAKA NTAHO IZOBASHIKANA KUMBURE MWEMERE INTWARO YA DEMOKRASI SHA!

  • MWE MURIMWO AMAHINYU IMYAKA CUMI IHEZE MWONONA IBINTU PIYO VYOSE SIWE YAVYEMEZA. IMIKINO MUKINIRA KUBANTU BATO BATO SIYO

  • Uburundi bugiye buronka ababukura mumanga.Ngira abamenyereye gusesamaraso yabenese na bene nyina bagiye kuruhuka.imana ifashe uburundi nabarimuribwo bakora ibi.

  • Uburundi bugiye buronka ababukura mumanga.Ngira abamenyereye gusesamaraso yabenese na bene nyina bagiye kuruhuka.imana ifashe uburundi nabarimuribwo bakora ibi.

  • Abo bose ni ba nsumirinda,nimuze tubime amatwi twigumire ku kivi.
    Mukinda mugaramye canke mwubamye, arabatwara ntakabuza.

  • AHOBASHA KOMERAKWIBANGA.

  • we wiyise fidelite nagiire nkubwire, ntuzongere na1 gukoresha iryo jambo kko ryaratayigihe ehe raba nkurunziza nabamufasha,rwasa,minani,leonsi..... saba hutu sibo bariko basimbiranako nne ivyabatutsi uba ubizanyemwo gute?

  • Mbe mois wewe ntuhaha nubu uracanyotewe gusesa amaraso 2011 ntiwariwagerageje ahubwo nibakuronderere cagipolic kitagirimbibe kibanze kikucakire ba onesime muribuka dosiye uganda ziryanzuzanyu nibazicakire zibe izareta murakoze

  • Abo nibo buca batwara Cndd-Fdd Nyakuri.

  • J NDATANGAZWA CAN N ABANTU BIYANKA BAKANKA N’IGIHUGU CABIBARUTSE PE!!! UB NTIMWOZA MUGIHUGU MUKICARA HAMW KO TWESE TURI BENEBURUNDI KAND BUSHOBORA KUDUKWIRA MUTARINZ GUSHAKA GUTEMBAGAZA INDONGOZ ZITOREW N’ABENEGIHUGU??MUKAJA KUBESHA AMAKUNGU NGO NTIYEMERE IVYO ABENEGIHUGU BAKOZE?J NOSAB AMAKUNGU KWISHIKIRA MUGIHUGU KWIRABIRA ICO ABARUNDI BIFUZA BATUMVIRIJE ABANYEPOLITIKE BARIKO BARONDERA INYUNGU ZIWABO.NKANASABA AMAKUNGU NYABUNA KWONGEREZA IMFASHANYO KU BURUNDI KUGIRA TUBANDAYE IBIKORWA VY’ITERAMBERE.KUKO HARI ABANYEPOLITIKE BADAKUNDA UBURUNDI AHUBWO BARONDERERA INDA ZABO.

  • MWIFUZA IHINDUKA NTIMUZORIGIRA MWENYENE CANK KUNGUVU KIRETS KUJA HAMWE MWESE NABO MWITAKO ARI AKARWI KA NKURUNZIZA,ARK KO KARASHIGIKIWE N’ABENEGIHU KK NIBO BATANGA KAND BAKANYAGA,NKABASABA RR KURINDIRA IGIHE CANYU;EREGA URWO RWEGO NTIRWEMEW KK NO GUTORWA NTIRWATOW KUMW N’IRYA SENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGIRO!! KIRA NONEHO NAHO RWOKWEMERWA NTIRUJ UN MUSI NGO RUHINDURE AMATORA.MUVYIYUMVIR MWEMERE KK IGIHUGU KIRAHAGARARIW,SINOBABESHA NTA NTWARO MFATAKIBANZA ABARUNDI DUSHAKA.ABASHAKA KURYA IVYO BATABIRIY AKUYA NTAKIBANZA BAFISE.MB MUGIHE MURIKO MUVUGA IBIBI GUSA KURI LETA MUBA MWIBAJIJEKO ABARUNDI ATABWENGE TUGIRA??N UKURI NIMUTUREKE,MURATURUHIJE KABISA!!

  • ubwo bugabo ntanumwe atishe abantu.nka moise bucumi ivyo yakoze muruyigi namarorerwa.abahutu bose bapfuye kuntwaro ya Nkurunziza barikumitwe yabo.babonye intahe yobokera bomotse ngo bashinga ivyo bashinga.ubu ntitugitegekwa nububirigi bakorera,amerika yo niteshwe ite.ubu guerre froide yasubiriye,uburusiya buratubona,uwuhagarikiwe ningwe aravoma!RAMBA MUTAMA NKURUNZIZA.

  • @alex
    Erega ivyo ntibibuzako abatutsi ndabashiramwo,kubera muvyinyegeza inyuma ngo mwongere mutwice canke ivyo wibaza ngo bivuze iki?Abahima b’i bururi mu myaka iheze ko mwirigwa muryana nabo i muramvya na handi,ama familles royales mwayishe,carabuza ko abahut dupfa ngo nuko ico gihe ata politique twarimwo,ico womenya co twese ntituri ibijuju,abahutu bamwe bamwe ntibazotuma dushira ikibazo nyamukuru inyuma,nukuvuga ikibazo hutu tutsi,canke ko wiyorobeka pourqoui vous tenez tant aux accords d’arusha,nuko atuma abahutu n’abatutsi bose biyumva mu nzego z’igihugu,ko ata vy’amoko biriho,yakure hanyuma uwutsinze atware sans partage turabe bandes d’hypocrites,mumenye abahutu twese ntituryamye turi maso.

  • ewe leonidas,nigra ugomba gucika nukundi kuboko pe!!nayo ba onesime twarabonye ivyabo,nibironderere inkumi gusa,nta terambere tubarindiriyeko!nayo moise we narabeko yoronka immunité kugira wa muzungu wo mu ruyigi yica ntamufatishe!!abasigaye ivyabo turabizi!!dushaka izindi mpinduka muga zidaciye kuri mwebwe pe!!!!mose we avuga ayamuhe!!!

  • Abaryumyeko ba cnddfdd,bumiye kuki ?jewe nguma ngaruka ,baje kwigisha iki,canke nde?Aho baribazako hari uwobakurikira muri ako kajagali kabo,ubwo mwa bahutu mwe ntimubona ko mwajujuse,mwikuye mu mugambwe kubera ubujuju n’ubwibone no kwibagira iyo tuvuye,mwamaze 10 ans murya none muriko murondera guhubisha abandi ngo babafashe gutangura ibindi àzero,nimutware mutamena,imenye twebwe on avance avec ce qu’on a et vous ,pour defendre vos interets vous etes prets yo kudusamburira umugambwe wadukuye habi bandes de cons,il n’en est pas question de vous suivre ahubwo niho imbonerakure zizoba zironse akazi aho mwazibeshereye ataco zakoze,ubu zari zigeze gufata ibibando uwo bazobona aje kwigisha ivyo yigisha baka muha izo yezu yasigaje niho mwomenya ko twashavuye,ubwo bujuju bwanyu ntidushakako budusubiza inyuma.
    Mbega ko mutanyishura,Radjabu mwamuhaye ikibanza ikihe muri ako kajagali ko nawe yiyitako akiri umukuru wa cnddfdd,laissez tomber nimureke guhuvya abanyagihugu,si non vous allez voir peut etre imbonerakure pour une fois zigiye gukora ivyomwazagirije kuva kera,mwa bihutu mwishinze kuja gusambana na za ncagwatsi,restez avec elles et chez eux twebwe muduhe amahoro.Mwibaza ko cnddfdd mwayikunda kurusha radjabu,canke mwayikoreye kumurusha,ko tutamubona mu vyo murimwo,aho niho mwihendera amanyanga mwayatanguye muri 2007 igihe mumuhemukiye mukamupfungisha cane cane wewe onesime n’abandi,ubu rero mwebwe nimwe mwibazako mwari aba cnddfdd kumurusha,canke mwibazako aba cnddfdd ari mwe bumva canke bubaha kuva babirukanye mu mugambwe ,subiza amaso inyuma murabe namwe abo mwirukanishije pour rien hanyuma mureke kutumena amatwi ,murahumba ne vous aventurez pas mu banyagihugu kwigisha amafuti,pfa mwipfane.Nta gishasha mufise mutzotuzanira,kubera dolofu,bunyoni,ndakugarika na kazungu baraduhaye ibishoboka vyose ngo dushobre kuba mu gihugu cacu ata nkomanzi,bien sur si vous leur manquez de respect kubera ari benewanyu mukabatuka mukabarenza amajwi mutabaye mu kibila, barabahana nta gisivya,twebwe abaruhijwe nintwaro z’abahima ntimutuze imbere ngo muje kutwigisha turabamomagura inkoni tubumvishe vous allez voir.

  • Leonidas komera mwarase kurwa murudubi kandi mwaratomboye cane gose Peter nabo barikumwe indubi barazimaze bazirwamwo ubu naho ugenda usinziriye ntiwicura kurwa mu rudubi kuko barazimaze ubu niheza cane tugende twemye kandi tuzoshika inzira ninziza

  • Leonidas komera mwarase kurwa murudubi kandi mwaratomboye cane gose Peter nabo barikumwe indubi barazimaze bazirwamwo ubu naho ugenda usinziriye ntiwicura kurwa mu rudubi kuko barazimaze ubu niheza cane tugende twemye kandi tuzoshika inzira ninziza

  • Ariko abo bagabo ba Onesime, Leonidas.... mbe ils ne faisaent pas partie de l’équipe qui a dirigé le pays imyaka cumi ukuntu twabibonye ? Onesime siwe yahora yirigwa kwi Radio adefanda ivya CNDD-FDD ? None bashaka kubesha bande ? Dukeneye abantu bashasha baza gukubura ce système de DD ngo "WAMAZE IKI" ", "Conseil des sages"- ehe ico kintu barakigarukanye ! Mwibagiye gushiramwo umu Ombudsman . Mukwiye kuvaho mwese na Nkurunziza , VOUS ETES LE MEMES - Des médiocres ! Mukwiye kuvaho mwese na Nkurunziza mukajana, mukareka une generation de gens bakunda igihugu bazi la valeur de gens formés

  • Ntimuhororokerwe mugume kwibanga uwo naw yitoza wenyen azitwara twebw abarundi b’umutima turarindiy amatora y’umuco turabashigikiy komera aho kwicwa n’ijambo wokwica nuwo uribwiy m6!

  • Kuraho mwse murnderra inda zanyu.t8pfuza ko uwtowe yotwarra abrundi bose.ko yotzimber ighugu.ba mpemke ndamuk nabo ntitkibumvriza kko aho..........ivyatsi nivyo bihahnera.nimurke kuduhnda rro.

  • Emwe mw’abantu,rondera umuhuza nku rwego rw’abanyamugambwe.musubirane kurya ku mugore,yahukanye ariko ishavu riheze agasubira mu rugo. Ubundi bwo ba Mayeri barasuka,mwibuke kubogora mwasheshe namba mutaza mwarasheshe?!

  • Abo bose ni bansumirinda. Nibateshwe bate agaciwe karuma.

  • Haaaaaaa yoooooo. Ewe burundi bwacu waragowe. Abo nabo nibo tugira duhangamaso baje kurokoravabarurundi uuuuh nuworyibwa yoryinzungu hakubona abobose bi presence nofuma twagwa na nkurunziza. Komera mutama.

  • Leonidas,banza mwiyigishe mwebwenyene,kubwacu marabaye expired kandi ngumunyu iyuhezemwuburyohe ntaco uba ukimaze,ntamurundi yobajinyuma azubwenge.Nikimenyimenyi mwigishijengo ntibaje mumatora dore mwatewe ivyatsi,izonzego mwashinze mugahinga(mwishamba)muzigishinkendese kwarizo zibayo?Komwari muzukuri komutiyamamaje ngo tubatore?Nimwemere uwutsinzwe ntibatsindaho.

  • Heheheheheheeeee!!

    ABUMIWE , mukomere rero .

  • Abo nibo barundi banse guhemukira ababo. Je vous respecterai toujours. Bandanya mumenyesha

  • ABARYUMYEKO KOMERA NATWE TURINYUMAYANY.

  • none ko barushingiye mu mahanga mwumva ruzofash’iki abarundi

  • emweeee nibagireturabe ariko ivyuburundi birugaye

  • emweeee nibagireturabe ariko ivyuburundi birugaye

  • NIMUZE MUBITUBARIRE NEZA MURI MUBURUNDI MUGOMBAKUDUHENDA BADUTINE MWIBEREYE HANZE?

  • NIMUZE MUBITUBARIRE NEZA MURI MUBURUNDI MUGOMBAKUDUHENDA BADUTINE MWIBEREYE HANZE?

  • Nibakomeze turebe ko budukurako benewabo.courage et bn chance

  • abantu benshi umengo bagwaye ibiwwe,nne nkuyu yiyise egide nyambantasomye nabi hagati yubwenge nubujju mubona yoba yakoresheje ikih?ijambo ngo peter azitwara ryangengerey mbe wamugabo wanditse amajambo yuburofa jew nabomumuryango uzoba wadushizehe?kotumuyoboka ahondamkunda ukuraho ntananzi ntanicarampa mugabo ndanse umuntu afata icuyumviro ciwe akagishira kubarundi twese ucumenga tugendera kuruwo kandi abatugwije nubusa kuk ucumenga niwe aturimubweng ashimye dushima agaye tukagaya uraba wumva ww muntu uvuga ivyabarundi benshi ukabihindura iciyumviro gwawe nooooooo, gwaw nigwaw gwanj nigwanj ntumvugire kuko ndinumunywa.

  • AHAHAHHHHAAAAAAA.....MWEBWE MWITWA ABANYAWE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.