IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasenyeri babiri bahawe kurongora umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza (...)

Abasenyeri babiri bahawe kurongora umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe

jeudi 4 Kigarama 2014

Abashingamateka baragenye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu 3 Kigarama 2014 Musenyeri Jean Louis Nahimana hamwe na Musenyeri Bernard NTAHOTURI kugira barongore umurwi w’igihugu ujejwe ukuri no gusubiza hamwe (CVR).

Inyuma y’akamo katewe n’Umukuru w’igihugu gahamagarira abashaka kwitoza kugira baje mu murwi w’igihugu wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe (CVR : Commission Vérité et Réconciliation), abarundi barenga amajana indwi bakaba aribo batanze amazina yabo. Haciye hashigwaho umugwi wari ujejwe gusesangura no guca hirya no hino ayo ma dosiye ari naho baciye bakuramwo mirongo itatu na batatu (33) bashikirijwe inama shingamateka kuri uwu wa gatatu 3 Kigarama 2014, kugira batoremwo cumi n’umwe (11) bazoja muri uwo mugwi CVR.

Abo mirongo itatu na batatu (33) nabo bakaba ari aba bakurikira :

- Musenyeri Jean Louis Nahimana (Hutu, Bujumbura)

- Patiri Desire Yamuremye (Umuhutu, Kayanza)

- Musenyeri Bernard Ntahoturi (Umututsi, Bururi)

- Umushikiranganji Clotilde Niragira (Umuhutu, Karusi)

- Didace Kiganahe (Umututsi, Bujumbura)

- Liberate Nicayenzi (Umutwa, Mwaro)

- Musenyeri Antoine Pierre Madaraga (Umututsi, Kayanza)

- Musenyeri Onesphore Nzigo (Umuhutu, Gitega)

- Pascasie Nkinahamira (Umututsi, Rutana)

- Clotilde Bizimana (Umuhutu, Gitega)

- Cheick Ali Shabani (Umuhutu, Bujumbura)

- Pasteur Sophonie Ngendakuriyo (Umuhutu, Bururi)

- Umushingwamanza Elisa Nkerabirori (Umututsi, Bujumbura)

- Philippe Njoni (Umuhutu, Kirundo)

- Lea Pascasie Nzigamasabo (Umuhutu, Ngozi)

- Umushingwamanza Joseph Ndayizeye (Umuhutu, Bujumbura)

- Chadrack Niyonkuru (Umuhutu, Bururi)

- Aloys Rubuka (Umututsi, Cankuzo)

- Umushingwamanza Fabien Segatwa (Umuhutu, Kayanza)

- Lucie Nyamarushwa (Umuhutu, Muyinga)

- Pasteur Nzinahora (Umututsi, Bururi)

- Régine Cirondeye Bijojote (Umututsi, Bubanza)

- Marie Louise Sibazuri (Umuhutu, Kayanza)

- Bernard Rukingamubiri (Umututsi, Muyinga)

- Balthazar Habonimana (Umuhutu, Muramvya)

- Hermenegilde Niyonzima (Umuhutu, Muramvya)

- Gregoire Banyiyezako (Umututsi, Bujumbura)

- Cyprien Mbonimpa (Umututsi, Bururi)

- Pasteur Bararunyeretse (Umuhutu, Muramvya)

- Gerard Rugemintwaza (Umuhutu, Kirundo)

- Thérese Ntijinama (Umututsi, Bujumbura)

- Papien Ruhotora (Umuhutu, Mwaro)

JPEG - 68.3 ko
Muri 33 bari basigaye, abashingamateka bategerezwa gutoramwo cumi n’umwe (PHOTO : IWACU)

Aho mukamenya ko Alfred Ahingejeje (Umushingamateka wo mu bwoko bw’abatwa, avuka mu ntara ya Cibitoke) yari muri abo 33 bari batowe, akaba yaciye asokora akarenge imbere y’uko batangura gutora abo 11 bazoja mu murwi CVR.

Inyuma y’imyidondora irambuye y’abo mirongo itatu na batatu (33), abashingamateka 88 bari bakoraniye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe baciye batoramwo umurwi ntabanduka ugizwe n’abantu cumi n’umwe (11) bagize uwo mugwi CVR. Abo nabo ni :

Umushingamateka Liberate Nicayenzi, yatowe ku majwi 84 kuri 88 y’abari bitavye mu mana y’amakoraniro yo mu Kigobe, Munseyeri Bernard Ntahoturi ku majwi 83, Musenyeri Jean Louis Nahimana ku majwi 83, umushikiranganji Clotilde Niragira ku majwi 82, Sheikh Ali Shabani ku majwi 82, Musenyeri Antoine Pierre Madaraga ku majwi 81, Musenyeri Onesphore Nzigo ku majwi 80, umushingamateka Didace Kiganahe ku majwi 79, Pascasie Nkinahamira ku majwi 77, Patiri Désiré Yamuremye ku majwi 77, hamwe na Clotilde Bizimana ku majwi 76.

Abashingamateka baragenye muri abo cumi n’umwe abagiye kurongo uwo mugwi :

Musenyeri Jean Louis Nahimana akaba ariwe agiye kurongora uwo murwi wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe, icegera ciwe akaba ari Musenyeri Bernard Ntahoturi. Umushikiranganji Clotilde Niragira akaba yagenwe kuba umunyamabanga w’uwo murwi CVR (Commission Vérité et Réconciliation)
Mu kamenya ko ayo mazina yizwe abashingamateka ba UPRONA badahari, kiretse umushingamateka André Ndayizamba hamwe na François Kabura, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama shingamateka.

Imyidondoro y’abarongoye uwo murwi :

1. Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe : Ni umuhutu wo mu gisagara ca Bujumbura, akaba yavukiye mu Bufaransa kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 1964. se wiwe ni Nahimana Yozefu, nyina akaba Niwebasa Regina. Amashure mato mato yayatanguriye kuri Ecole Saint Joseph, ayisumbuye ayiga kuri Athénée National de Bujumbura, mu nyuma yinjira isemirari nkuru y’i Burasira. Kuva mu mwaka w’2009 gushika mu 2012, yagiye kubandanya amashure mu gihugu c’Ubufaransa, aho yakuye impamyabushobozi ya Master mu nyigisho ndoramana (Théologie dogmatique et fondamentale). Mu mabanga yagiye arashingwa, yarabaye patiri mukuru wa paruwasi Notre dame du bon Conseil y’i Muramvya, patiri mukuru wa Paruwasi Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga, mukamenya ko kuva mu kwezi kwa Myandagaro 2013 gushika ubu atowe kuba umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe, yari umunyamabanga nshingwabikorwa w’umurwi wa Diyoseze ujejwe ubutungane n’amahoro.

JPEG - 61.8 ko
Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe

2. Musenyeri Bernard NTAHOTURI, icegera c’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe : Ni umututsi wo mu ntara Bururi. Yavutse kw’igenekerezo rya 24 Kigarama 1948 muri Matana, avyawe na KABURENTE Jean Bernard hamwe na Ndorukwigira Peruth. Amashure mato mato yayize kw’ishure rito ryo muri Matana, ayisumbuye ayiga kw’ishure nderabigisha ryo mu Kibimba, mu nyuma abandaniriza kw’ishure menyeshamana ryo mu gihugu ca Uganda (Mukono Theological College). Aho nyene mu gihugu ca Uganda, yahakuye impamyabushobozi yo mu nyigisho ndoramana (Theology) kuri kaminuza ya Makerere. Mu nyuma yabandanirije kuri Kaminuza CAMBRIDGE UNIVERSITY na OXFORD UNIVERSITY zompi zo mu gihugu c’Ubwongereza. Mu mabanga yagiye arashingwa, yarabaye umwungere mukuru w’ishengero rya Anglicane mu Burundi, musenyeri wa Diyoseze Anglican ya Matana, araba umunyamabanga mukuru w’intara y’ishengero Anglicane mu Burundi, yongera kandi arakora mu biro vy’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’1979 gushika mu 1987.

3. Clotilde NIRAGIRA, umunyamabanga w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe : Ni umuhutukazi wo mu ntara ya Karusi. Yavutse ku genekerezo rya 29 Ntwarante 1968 muri Bugenyuzi, intara ya Karusi. Se ni BUTANTANZE Gédéon, nyina akaba SINABAJIJE Marguerite. Uwo yari asanzwe ari umushikiranganji ajejwe gushigikirana yagiye arashingwa n’ayandi mabanga : yarabaye icariho c’umushikirizamanza muri Mairie ya Bujumbura, umushikiranganji w’ubutungane (2005-2007), umushikiranganji w’abakozi n’akazi (2007-2009), icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vy’abanyagihugu (2009-2011), mu nyuma aba umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vy’abanyagihugu. Kuva mu 2011 gushika ubu agenwe kuba umunyamabanga w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe, Clotilde NIRAGIRA yari umushikiranganji ajejwe gushigikirana, agateka ka zina muntu hamwe n’iterambere ridakumira.

JPEG - 65.1 ko
Clotilde NIRAGIRA, umunyamabanga w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe

Alida Sabiteka na Egide Nduwimana

Messages

  • Jean Louis, mon frère, tu as une tâche ardue. Mais demande àDieu plus de sagesse comme Salomon l’a fait, il viendra àton secours. Bonne chance.

  • Harivyiyumviro, dutanga ariko bigateba kugaragara canke naho bikazimanganywa, muvyomutubuza turetse ko arimpanuro dutanga ntakindi. muri make abo bakozi b,imana bashizwe igikogwa nkico gikomeye kurusha mbere nivyovyose bizohaba! mbonako dukwirikije ijambo ry,imana abaroma 12:2 Paulo yahanura abaromani ngontibishushanye nivyikigigihe! icondemesha nuko boshiraho iminsi 2-3 mugihugu kugira abarundi twese twambaramagunira twisigiminyota, twisonzeshe, turirimana tuyisabe imbabazi kuko ibigaragara kandi mwese murabibona turageramiwe! nivyaha twakoze. nsavye rero abobakozi bimana bahawe iryobanga, riremereye, gurtyo batujimbere kubwurukundo rwimana nkukokandi babihawe nimana baturongore murico gikogwankicabaye ininewe, Yona amaze gushikayo akabivuga nkuku ndabisavye! kandi ninaco basigiwe amavuta nimana. nayivyobahawe , barabirengeye ndetse bobabahanuzi babobose bafise amabanga bajejwe mugihugu, bizera imana. sindabaruhije, ndabakebuye! mbere ubwami bwamye bukorana nabaherezi n,umuvugishwa. nukuri ndabisubiyemwo, ivyovyibikogwa sivyabo barabirengeye!

  • Muradutunga, hamwe ninkebuzo turiko turatanga, abobakozi bimana (abasenyeri) vyogira ishusho nziza hamwe bokora ivyoshizwemwo , kuko nakare bereye ijisho imana mwisi! ariko imbere yimana natwebwe abantu vyogira ishusho iyihe hamwe bitotoka neza? imana yoga iravuguruzwa? mbe hari uwuhaririza canke ngo ahakane ingingo yayo?nicogituma abaserukirimana, cankabakozi bayo batokwivayanga mubituma habaho icocose gitirimutsa abantu bimana! ejo bizokwitirigwa bo. ibizogenda nabi nikugahanga kabo, ariko icubahiro bagenderako cimana ntikizoba gititutse? nonegayemwe , mwumva tuzoguma ducumuranogushika kubaribajejwe kutwihanisha? igihugu none mwumva imbazi zimana zizotuzako ryari? ninde woguhanura, ntawe. ndasubiye gukebura ! mucubahiro cimana nabo, ntibate ibanga bahawe nimana ngobakore ivyotuma imana irakishwa namanyanga yokogwa nabobose kuko turabantu. imanza zibereye ntazihaye ziratambuka ivyovyo babivugakwiki? nibasuzume neza ivyobaroye gukorera abarundi birikugahanga kabo mugihe imana yabimitse ngobayikorera abantu boue gupfira muvyaha. ivyarivyose, hageze kotwisubirako abarundi mukwanka inyungumbi! mugutinya ubuzima bwakiremwa muntu, tugashirimbere ineza kunigira mumenshi abotwaridukwiye gukingira, ingéré kuyindi, amacakubiri nibindi tukama turinyuma murivyose, harageze ko twisubiramwo, tukegera intebe yimbabazi tugacabugufi tukihana tugahiganigwa ineza. imanitubabarire.

  • Uwo mugore ko mutatubwiye aho yize??????ncanke nahimana yagiye mwiseminare 2009 yavutse 1964???

  • Muburundi barakabona bahevye ivyokugiriraniranabi bazizanya ivyamoko jewembona kwarukwihenda!? Nonenkuyu musenye yatowekubumukuru wuyumurwi mubonadasa natwe abatutsi? Kandi arumuhutu!

  • Jewe birantangaza abapatiri,abasenyeri(bitiranwa n’Imana),bama babashira imbere mubikorwa bihambaye kandi batabishoboye. Akarorero: mw’ishengero Catolika kw’atakuri bigera bavuga kuvyo bariko baragirira Zebiya,akandi karorero:mumugwi ujejwe w’igihugu ujejwe amatora ntabapatiri bariyo iciza baratwereka n’ikihe? Basizwe amavuta n’ababahaye akazi s’Imana

  • @Nuwera
    Ni ibisanzwe kubona Mgr Jean-Louis asa n’abatutsi kuko yamaze amezi icenda mu nda y’umututsikazi yongera aramwonka.

  • ego none nikuberiki mwarinda kuvuga uwariwe ubuharacariho amacakubiri?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.