IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira urwaruka rwa MSD ntibazokwitaba ibiganiro

Abaserukira urwaruka rwa MSD ntibazokwitaba ibiganiro

vendredi 20 Rusama 2016, par egide

Abaserukira urwaruka rw’umugambwe MSD bahurikiye muri MJS (Mouvement des Jeunes Solidaires du parti MSD) barashimira umuhuza mu biganiro vy’Abarundi kubona yari yabatumiye mu biganiro bizotangura kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Rusama 2016. Abaserukira urwaruka rwa MSD bamenyesha ariko ko batazokwitaba ivyo biganiro vyakumiriye abagize urunani CNARED

Mw’ikete urwo rwaruka rwasohoye kuri uwu wa gatanu, ryateweko umukono na Donatien KWIZERA, umwe mu rwaruka rwari rwatumiwe muri ivyo biganiro, akaba ari nawe yari guserukira urwaruka rwa MSD, bamenyesheje ko badashobora kwitaba ivyo biganiro vyirengangije abatavuga rumwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ari nabo mbere bahagarariye amasezerano y’i Arusha hamwe n’iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro, nk’uko vyamenyeshejwe n’urwaruka rwa MSD.

N’urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bahakanye kuzokwitaba ubutumire bahawe, kuko umwe wese mubagize urwo runani yatumiwe yitirirwa umugambwe arongoye, mu gihe bari basavye ko botumirwa nka CNARED.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, yemeza ko yamaze kuronka ubutumire bw’ukuzoja i Arusha kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Rusama 2016, ariko muri Reta bakavuga ko atari ibiganiro, ahubwo ari imibonano (Consultations) hagati y’imirwi itandukanye.

Ku butumire bw’umuhuza William Benjamin Mkapa, ivyo biganiro bizotangura kuva kw’igenekerezo rya 21 Rusama gushika kurya 24 Rusama 2016.

Urwaruka rwatumiwe

Patrick Nkurunziza : FRODEBU
Donatien Kwizera : MSD
Jean Paul Gipfunengwe : FDES
Ernest Niyungeko : UPRONA
Jean Marie NIYUBAHWE : CNDD - FDD


IGIHE

Messages

  • abo batama barabahenda basha, murasuzuguye umuhuza!! abo babahenda bo barafise amahera bamaze gutegura kazoza kabo naho mwe murakishakisha, ayo yari amahirwe muronse yo kuvugana na Nyamitwe amaso kuyandi mukamubwira ivyo mwifuza. muri kwica kazoza kanyu n’aka ababashigikiye. mufungure amaso murabe kure cane.

  • Turabakeje rwaruka rwa MSD kuriyo ngingo mwafashe iconikimetso kitabesha Yuko urunani cnared rushizehamwo murugamba mwatanguje rwokurwanya abobicanyi barongowe nuwahoze arongoye uburundi nkurunziza ureke bwabusimbirahamwe Ngo nimbonerakure bwirirwa birita abantu Ngo nimujeri bazoshima ko turibamujere umusi bumvise tubarumye ikindi umuntu ariko aribesha ngwaratumira ibiganiro hatarimwo cnared ukwonukwonona amehera ikindi nukwinyegeza umucanwa kuko ngaho atagihindutse umuriro uracumba ikindi nagomba gusaba cnared nihirahire ngwije mubigaro nkurunziza akiri murico kibanza yihaye kuko afise umugambi wo gutoba ivyobiganiro ikindi simwe mwoguma mwiruka inyuma umuntu ariko aratikiza abantu mumwisembereza Ngo naze muganire atabishaka mwebwe hagezeho mutangura gushira mungiro ivyonavyo nabindi Atari ukumwirukana kuneza canke kunabi

  • oyeeee! twe abarundi nyakubahwa Binjamin twari twamubwiye ko tudakeneye, kwicarana nibinywamaraso nka CNARED igitumye batabatumyeko nuko bashatse gutembagaz ’ubutegetsi babicishije mumigumuko ikindi naco nubwicanyi nashetani atokora,birigwa barica abantu mukubaturira babona mugutwika amazu yabantu nimiduga mugusambanya abakobwa nabagore kunguvu ,kandundura gutera za grenade mububare mumasoko mukayira mumabusi ahohose ngo bashaka ibiganiro.None urwo rwaruka kubona batagiye ntagitangaje bagende kumaramara?

  • murasara gusa ivyo murimo ntavyo muzi koko, muzasigarana cnared nkikaraton irimo ubusa, abayirimo bageze mubiganiro kera. muri urwaruka koko, ndabatwenze mwe mugwa mu mporera zivyo mutazi, pole sana.nibura namwe mwarigukurayo ayo kugusuma inzu ikiriri nkabandi.

  • KIRETSE UMUNTU ATIGEZE ABONA INTAMBARA NIWE YIBAZA KO HARICO IZOMUSIGARANA ARAZOGENDA ARABE AHO BEGERANIRIJE ABAMUGARIYE KURUGAMBA AZUNGURUKE AHOBARIHOSE

  • IVYO BIGANIRO BIZOMERA NK’AMATORA YA 2010.MURAVYANGA CNDD FDD IBIJEMO

  • CNDD FNN nabobacuditse barakomeza kubatsinda impaga basha.

    Birumvikana simwese muzokwambuka Yorodani nubwomugenda ikivunga inkundura.

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga
    Mumisimikeya iheze navugiye ngaha nyene ko nimba kw’Isi hakibaho abandu bahumirwa ko ababa MSD bashobora kubabaramaze guhumirwa none ngaba baravyiyerekaniye abonyene ubwabo. Ndababwire umuntu yahumiwe yokwemera akagenda kwicarana na Nyakwubahwa Willy Nyamitwe nibindibihangange bigize reta ya H.E Petero Nkurunziza? Ekanda abonyene baramenyako bamaze guhumirwa nka Kiranga bakacabikuramwo.

  • SHAKA MUREKE MWESE NUBUNDI IVYO BIGANIRO NIMWE MWARIKO MURABISABA. KURI TWEBWE TWABONA BIDAKENEWE. NONE KWARIMWE MUVYANSE NI AMARAME. NAKARE IGIHUGU GITWAWE NUWO TWITOREYE NAMWE NIMUBE MURATURATURA. MBABAJWE NURWO RWARUKA RUVUGA IVYO RUTAZI

  • Cnared nimwitonde abarunditwararushe.Nintambara twiyemejeko uzohirahirakudusubiza muntambara;tuzohagurukirarimwetwese aba Runditumugwanye twivuyinyuma.Narambenyakubahwa Nkurunziza Abarundi isinziturinyumayawe.

  • Mbega bokwitaba gute? erega baraziko baturiye abantu bakongera bakimbisha ubinogo bihambwemwo abantu beshi nicogituma batohonyorayo mugabo barahumba impera nimperuka bazofatwa bavuge icabatumye guturira abantu

  • komera ku muheto mwa murikirakuri uw naw ng tari ng ababahenda bafise amahera uyo n imbonerakure bahendesh udufaranga tw turaz ic duharanira dushak igihug cubatse neza amahera nay yoronderwa mu nzira nziza ata guhemuk bibayemwo nukuri ndabakeje komera kwibanga uwutaz MSD arayibaz twatanguy at maher kd siyo twagiy turondera ahubw abahendeshw amahera muragowe kk ivy mwariy muzobiruk amoya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.