IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka bemeje integuro y’itegeko rishiraho intara ya (...)

Abashingamateka bemeje integuro y’itegeko rishiraho intara ya Rumonge

jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Inama nshingamateka yaremeje ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu integuro y’itegeko rishiraho intara ya Rumonge, hamwe n’imbibe z’intara ya Bururi, Bujumbura na Rumonge.

Mu nsiguro zatanzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nawe yari yagiye gusigurira abashingamateka iyo nteguro y’iryo tegeko, yamenyesheje ko vyasabwe n’abanyagihugu bo mu Rumonge ubwabo, kandi ko iyo igiye kuba intara ya Rumonge yikwije, kandi isanzwe ari nini. Bamwe mu bashingamateka ntibanyuzwe n’izo nsiguro z’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, bakabona ko inyuma y’iyo nteguro y’ugushiraho intara ya Rumonge hinyegeje imvo za poritike.
Umushingamateka Pasteur Ryahama yatowe mu ntara ya Kirundo yabajije igituma bahisemwo Rumonge kandi hari n’izindi komine zisanzwe ari nini nka Bukirasazi (i Gitega) ariko zitagizwe intara.

Umushingamateka Karori Nditije, asanzwe ari nawe cegera c’umurwi wize iyo nteguro y’iryo tegeko abashingamateka bariko bariga, yamenyesheje ko ryaje mu mwanya utariwo, ivyo akabivuga mu gihe hasigaye amezi atatu gusa kugira igihugu cinjire mu matora, akavuga ko bari kurindira amatora akavamwo, canke bakaba bari kurizana imbere y’ayo matora. Mu bibazo vyabajijwe Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, bamwe mu bashingamateka bagarutse ku kumwereka ko iyo nteguro ifise intumbero ya poritike, kuko umugambwe CNDD FDD mu matora w’2010 waronse amajwi make, bikaboneka ko hoba hari umugambi w’ukugira intara y’abatutsi i Bururi, hamwe n’intara y’abahutu mu Rumonge.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasiguye ko iyo nteguro izanywe mu gihe c’amatora, kugira iyo ntara izoce ihabwa abashingamateka n’abakenguzamateka bazoyiserukira, hamwe n’izindi nzego.

JPEG - 176.6 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Abashingamateka 93 kuri 96 bakaba aribo bemeje iyo nteguro y’itegeko ishiraho intara ya Rumonge, batatu bakaba ataco bashimye kuyivugako.

Intara ya Rumonge izoba igizwe n’amakomine ya Rumonge, Burambi, Buyengero, Bugarama na Muhuta. Muri ayo makomine, abiri yavuye ku ntara ya Bururi, ayandi abiri ava ku ntara ya Bujumbura rural. Abashingamateka bagera kuri 14 bahora baserukira intara za Bururi na Bujumbura bagiye kugabanganwa n’izo ntara zitatu hagiyemwo Rumonge. Bururi ikazotakaza abashingamateka batatu, abakenguzamateka nabo bakaba bazova kuri 34 baje kuri 36.


Egide Nduwimana

Messages

  • babuze icobagira nivyo bareka iconzi co bayigira ,bayireka nuko 2015 CNDD FDD ITAZOTSINDA .kandi muri ROMONGE ntaba dd bariyo.

  • Nimutekereze kuva aho twadugiye muriyo misozi ubu hageze ho namwe mumanuka ko mubuzamahoro Muvyeyi uragahoraho abakwanka bazokwandurako

  • Iyi n’inkuru iremesha!

  • Chassons d’abord cet incompetent de President et on s,occupera de son inutile bureacratie apres.

  • Ni mureke kurota mwa bantu mwe mugifise amacakubirini nzikira ataho izobashikana u Burundi ni buto kandi nu butunzi ni bike,ehe ni mwibaze ubu aba gouverneri bizo ntara bazoba 19,bose nabazohembga amafranga yanyu mwebge banyagihugu nibindi vyinshi ntarinze kudondagura,u Burundi bukeneye intara zirenga zitanu ni Imbo,Kirimiro,Bugesera,Bututsi na Buyenzi.

  • @Santos
    Ico ciyumvirro cawe ("u Burundi bukeneye intara zirenga zitanu ni Imbo,Kirimiro,Bugesera,Bututsi na Buyenzi.") nticari kibi.
    Mugabo niyo abanyagihugu baba bakenera ivyo abatwara intara babatunganiriza, ntiwibagire ko benshi bakigenda n’amaguru, abandi n’amakinga, abafise uduhera akamoto. Abafata umuduga bagendera hagati mu gihugu ni imparurwa. Urumva rero ko n’abanyagihugu bakeneye intwaro ibegereye mu kubatunganiriza! Iyo amakomine aba afise ivy’ukubatunganiriza nka vyose, mbere intara zofutwa hagasigara igihugu n’amakomine! Mugabo urazi ko hari vyinshi bidashobora gukwizwa mu ma komine yose ku mpavu z’uburyo buke igihugu gifise, n’aho ubwo buryo bwoba busabikanywa neza!

  • Amaradiyo meshi,imigambwe myisi,amasengero ,intara nyishi,amashirahamwE ARIKO bikagwiza inzara nabapfa kubwishi

  • BATIVYE AMAJWI NTIBOTSINDA ABA DD ARIKO BAZIBA KUKO NTAHO BOBA EREGA??!!!ADOLPHE PETER BUNYONI NIBINDI BIKOKO NTAVUZE VYOJA HE KO ISI ARI NTO KANDI ATA VISA BAZORONKA!!!CENI YARATANGUYE KUZANA WA MUSUMU WO MURI 2010 //HASIGAYE KO PETER AVUGA KO YYAHUYE MURABE KUKO BASHAKA AKAJAGARI..NICO KIGWANISHO CABO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.