IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka bamenyesha ko atacotuma haza abasirikare mvamakungu mu (...)

Abashingamateka bamenyesha ko atacotuma haza abasirikare mvamakungu mu Burundi

mardi 22 Kigarama 2015

Abashingamateka n’abakenguzamateka b’Uburundi bamenyesha ko badashigikiye ko abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika boza gukinga ko habandanya haba amabi mu Burundi.

Mu kiganiro abashingamateka n’abakenguzamateka batanze kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Kigarama 2015,abashingamateka n’abakenguzamateka bavuze ko badatahura ingene hari ibihugu bimwe vyiyumvira irungikwa ry’abasirikare mva makungu mu Burundi.

Kubwa Gelase Ndabirabe umushingamateka yatowe mu mugambwe CNDD FDD,abasirikare mva makungu ntaco boba baje gukora mu Burundi,kandi ko hamwe boza ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryoa rihonyoye amategeko rigenderako.

Abashingamateka n’abakenguzamateka bavuze ko mu Burundi ata mpande zihanganye ari naco gituma ata mvo n’imwe yotuma abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika binjira ku butaka bw’Uburundi.

Haraheze iminsi kandi icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesheje ko Reta y’Uburundi ititeguye kwakira abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yashikirije umugambi wo kurungika abasirikare 5000 boza gukinga ko amabi abandanya gukorwa mu Burundi.Abo basirikare boba bakorera mu rwego MAPROBU.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.