IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingwamanza b’i Bujumbura bagabisha ko bashobora kwitwarira (...)

Abashingwamanza b’i Bujumbura bagabisha ko bashobora kwitwarira Reta

mercredi 30 Gitugutu 2013

Urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura ruragabisha Reta ko ruzoyitwarira muma sentare mpuzamakungu mu gihe yoshira mu ngiro umugambi inama nshikiranganji iheruka kwemeza wo guhindura ibwirizwa shingiro abo vyega bose bataragishwa inama.

Umukuru w’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, Isidore Rufyikiri, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo kuwa kabiri, yibukije ko ibwirizwa shingiro ryo kuwa 18 Ntwarante 2005 rigenga Uburundi ryavuye mu mwuvikano hagati y’abo vyari vyega bose, bumvikana ingene bokorana mu kiringo c’imfatakibanza caheranye n’ukwezi kwa Myandagaro 2005. Nk’uko amasezerano y’i Arusha abivuga, umukuru w’igihugu yakurikiye ikiringo c’imfatakibanza afise uburanganzira bwo kwitoza rimwe akiyongera irindi, ari navyo vyakozwe mu mwaka w’2005, n’uw’2010. Kuva aho hatanguriye ukutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, niho haciye havugirwa uwo mugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro, umugambi wemejwe mu nama nshikiranganji yo kuwa 9 na 10 Gitugutu 2013.

JPEG - 70.2 ko
Umushingwamanza Isidore Rufyikiri, arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura

Isidore Rufyikiri, umukuru w’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura aragabisha Reta isa n’iyishaka kwikorana uwo mugambi yonyene, ayibutsa ko ibwirizwa shingiro ridashobora guhindurwa canke gutosorwa abo vyega bose batagize uruhara, canke bacishe aho vyaciye ubwa mbere kugira iryo ryoba rigira rihinduke canke ritosorwe rijeho.

Urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura basaba ibihugu vyafashije kugira amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa shingiro bijeho, hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe ry’abanyaburaya ko bova mu gacerere, ntibemere ko abategetsi b’Uburundi bahonyanga ibwirizwa shingiro, mu kurihindura atawe bagishije inama, ivyo navyo bikaba vyoba bishaka gukorwa mu ntumbero yo kurondera kwongera ikiringo co kwitoza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza


Egide Nduwimana

Messages

  • Abatutsi mufise akarimi karekare kabisa. Murumvako BA Nkurunziza aribo bategetse nabi kurusha abandi canke ko aribo batinya ubucamanza kurusha abandi. Abatutsi iyo mutaraswa ntawobakize, ariko raba nanubu ukungene mubandanya mwanaga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.