IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingwamanza bo mu Burundi basubiriye kwankirwa gutunganya (...)

Abashingwamanza bo mu Burundi basubiriye kwankirwa gutunganya inama

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi, ari kumwe n’abaporisi babujije uruganda rwari rwatunganijwe n’urwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Muri urwo rwego baratangazwa n’ukwo kuburabuza ibikorwa vyabo kandi urwo ruganda bari barumenyesheje mu rwandiko barungikiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

Urwo ruganda rwari rwatunganijwe n’urwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi rwari urwo kwigira hamwe ibijanye n’akarangamutima k’umwuga w’abashingwamanza, hamwe n’uguhanahana ivyiyumviro ku kungene imanza zishingishwa mu makungu. Mu gihe bagira batangure iyo nama, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yabamenyesheje ko badafise uburenganzira bwo kuremesha iyo nama.

PNG - 533.8 ko
Umushingwamanza Gabriel Sinarinzi, arongoye vy’imfatakibanza urwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi

Umushingwamanza Gabriel Sinarinzi arongoye vy’imfatakibanza urwo rwego aratangazwa n’uko kubwirwa ko badafise urufusha rwo gutunganya inama. Ku bwiwe, ko bari bandikiye umukuru w’igisagara bamumenyesha ko bafise iyo nama, iyo aba adashaka ko bayitunganya yari bukishura akabahakanira hakiri kare. Gabriel Sinarinzi amenyesha ahubwo ko ari ugushaka kuburabuza urwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, babahora ko badahengeshanya kuvuga ibitagenda neza mu gihugu.

Umushingwamanza Gabriel Sinarinzi agasaba ko Reta n’abandi bategeka bovavanura n’agatima k’urwanko, batwarire bose mu ntwaro rusangi. Kuva sentare ifashe ingingo yo kwirukana burundu umushingwamanza Isidore Rufyikiri mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, rigize kabiri mu ndwi zibiri nyene, abaporisi baburabuza ibikorwa vy’urwo rwego. Ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2014, abagize urwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi barabujijwe gutunganya inama yabose bari bategekanije.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.