IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi carabujije inama ya bose y’urwego rw’abashingwamanza b’i (...)

Igiporisi carabujije inama ya bose y’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura

mercredi 5 Ruhuhuma 2014

Urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura rwarabujijwe n’igiporisi gutunganya inama ya bose yari itegekanijwe ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kabiri. Umushingwamanza Gabriel Sinarinzi asanzwe ariwe arongoye vy’imfatakibanza urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura amenyesha ko kuba barababujije kuremesha inama bigaragaza ingendo ya Reta yo kubabuza guharanira ko umushingwamanza Isidore Rufyikiri asubizwa uburongozi bw’urwo rwego.

Gabriel Sinarinzi arongoye vy’imfatakibanza urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura ashikiriza ko mu gihe bari bateguye inama ya bose y’abagize urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kabiri, bagiye babona abaporisi baje babereka urwandiko rubamenyesha ko mu mahoteri badashobora kwakira ibikorane, imyiyerekano n’amanama ahuriramwo abantu benshi batabifitiye uruhusha. Umushingwamanza Gabriel Sinarinzi amenyesha no n’aho yasiguriye abo baporisi ko baramutse batunganya iyo nama ya bose bitabujije ko abaporisi bababuza kuyiremesha, muri urwo rwego bagatangazwa n’ingene bokwankirwa kuremesha inama yabo ya bose kandi atari igikorane, canke imyiyerekano.

JPEG - 36.9 ko
Gabriel Sinarinzi, arongoye vy’imfatakibanza urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura

Umushingwamanza Gabriel Sinarinzi arongoye vy’imfatakibanza urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura akamenyesha ko abariko babankira gukorana mu nama ya bose bashaka kubabuza gushigikirana, hamwe n’ugufatana mu mugongo, inyuma y’ingingo yo gufuta Isidore Rufykiri mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi. Gabriel Sinarinzi akamenyesha ko bagiye kubandanya basaba ko iyo ngingo ya sentare yosubirwamwo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibashake bareke ivya RUFYIKIRI amakungu arabibona ugira izo mburakimazi za polisi babura gukingira abantu bakaja gukwirikira abanyapolitike barababahenda mwebwe muzomera kurya muri cote d’ivoire vyagenze isi irababona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.