Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare b’abafaransa bariko barakurwa muri Mali
 Abasirikare b’abafaransa bariko barakurwa muri Mali
 Abasirikare b’abafaransa bariko barakurwa muri Mali
				
				samedi 25 Rusama 2013
Imodoka za gisirikare z’Ubufaransa zatanguye gutwara ibikoresho mu kigo ca gisirikare co muri Mali, iyo ikaba nk’intambwe ya mbere yo kugabanya ingabo nyinshi z’Ubufaransa zirangwa muri Mali.
Amakuru ava kuri BBC amenyesha ko ibiduga binini binini 12 vyikoreye amatanki, imiduga n’ibindi bikoresho vyatanguye kuva ku murwa mukuru wa Mali Bamako, bigana mu gihugu ca Cote d’Ivoire.
Ubufaransa bwari bwarungitse abasirikare ibihumbi bine mu gihugu ca Mali mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka.
Izo ngabo zari zigiye gufasha ingabo za Mali zari zugarijwe n’abarwanyi ba kiyisilamu n’abandi b’abatuareg.
Mu kwezi kwa Nyakanga hakazoba hasigaye ingabo zigera ku bihumbi bibiri gusa z’abafaransa muri Mali, hama umwaka uzorangira hasigaye izigera ku gihumbi kimwe gusa.
Egide Nduwimana
