IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare b’abarundi bagiye guhabwa inyigisho z’agateka ka zina (...)

Abasirikare b’abarundi bagiye guhabwa inyigisho z’agateka ka zina muntu

mercredi 14 Myandagaro 2013

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buriko buratunganya inyigisho z’ibanze muvy’agateka ka zina muntu ku basirikare, kandi bikaba bitegekanijwe ko mu myaka ibiri iri imbere abasirikare bose b’abarundi boba bamaze guhabwa izo nyigisho.

Muri urwo rwego, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwaratanze ku munsi w’ejo kuwa kabiri impapuro z’umutsindo ku ntwazangabo 16 zatanze inyigisho ku bijanye n’agateka ka zina muntu, ku basirikare bagera ku gihumbi n’amajana atanu.

Jacques Bizabigomba, umuhanuzi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi yamenyesheje ko ihangiro muri uyu mwaka turimwo yari ugutanga inyigisho ku basirikare n’imiburiburi 500 kuko hakundwa kuvugwa ihohotera rya kiremwa muntu mu gihugu. Icipfuzo c’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi rero akaba ari uko mu myaka ibiri abahawe izo nyigisho boba biyongereye, mbere bishoboka abasirikare bose bakaba bashikiriwe.

Bizabigomba Jacques ivyo yabimenyesheje ku munsi w’ejo, mu birori vyo gutanga impapuro z’umutsindo kuri izo ntwazangabo 16, mu ruganda rwari rwayeguwe n’ubusikiranganji bwo kwivuna abansi.

Mwomenya ko izo nyigisho ziriko zitangwa mu ntumbero yo gusubiramwo itunganywa ry’inzego z’umutekano hamwe no kuzongerereza ubumenyi mu bikorwa vyazo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.