IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasitanteri bahuriye hamwe bategura umunsi mukuru wahariwe (...)

Abasitanteri bahuriye hamwe bategura umunsi mukuru wahariwe amakomine

mercredi 30 Mukakaro 2014

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busaba ba musitanteri gushira imbere ubucuti hagati y’amakomine n’ayandi mu gutunganya imigambi hamwe no gushira imbere ubucuti n’ayandi makomine yo mu bihugu vyo hanze mu ntumbero yo guteza imbere amakomine barongoye.

JPEG - 63.8 ko
Bamwe muri bamusitanteri bari muri iyo nama

Mu gihe buca mu Burundi bahimbaza umunsi mukuru wahariwe amakomine, umurwi w’igihugu ujejwe inyigisho zo gukundisha igihugu abarundi waratunganije inama n’abamusitanteri kuri uno wa kabiri, i Bujumbura. Ubutumwa ahanini bwari bushimikiye ku bucuti hagati y’amakomine n’ayandi (intercommunalité) hamwe n’ubucuti hagati y’amakomine yo mu Burundi hamwe n’amakomine yo mu bihugu vyo hanze (coopération décentralisée). Muri iyo nama baraganiriye kandi ku kwitegurira umunsi mukuru w’amakomine uzohimbazwa kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Myandagaro.

Umukuru w’urwego rw’igihugu rujejwe inyigisho zo gukundisha igihugu, Thérence Mbonabuca, yamenyesheje ko iyo nama yari ifise intumbero yo kuhimiriza ba musitanteri kugira bitegurire neza uwo munsi mukuru mu gutumira na cane cane imvukira zayo makomine, na rirya uwo munsi mukuru uhuriranye n’indwi yahariwe abarundi baba hanze, kanatsinda uwo munsi uraba imvukira zose yaba iziri mu gihugu no hanze.

JPEG - 55.7 ko
Umukuru w’urwego rw’igihugu rujejwe inyigisho zo gukundisha igihugu, Thérence Mbonabuca (i buryo)

Ubundi butumwa muri iyo nama bwari bushimikiye ahanini ku vyerekeye ubucuti hagati y’ikomine n’iyindi hamwe n’ubucuti hagati y’ikomine zo mu Burundi n’izo hanze, nk’uko amategeko abitegekanya mu ngingo ya 5 hamwe n’ayandi mategeko yose bijanye. Abasitanteri bashikirije ubucuti bamaze kugirana n’ayandi makomine, baronka n’akaryo ko kuja kurahura ubumenyi n’ubwenge mu bihugu vy’Ubufaransa n’Ubushinwa.
Ku vyerekeye ubucuti, umukuru w’uwo murwi yaboneyeho akaryo ko kubatumirira guteza imbere ubwo bucuti mu gutegura imigambi iteza imbere amakomine n’igihugu muri rusangi. Abo basitanteri basabwe kandi kwongereza imibonano n’imvukira za komine zikorera nko mu gisagara ca Bujumbura n’ahandi, kugira nabo baterere agacumu k’ubumwe mw’iterambere ry’amakomine bavukamwo, mu migambi iba yateguwe na komine.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.