IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatandukanye babandanya kwiyamiriza ubwicanyi bwakorewe Zedi (...)

Abatandukanye babandanya kwiyamiriza ubwicanyi bwakorewe Zedi Feruzi

lundi 25 Rusama 2015

Inyuma y’igandagurwa ry’umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga, yaba ibiro vy’umukuru w’igihugu, imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’amakungu, bose batera ivyatsi abakoze iryo bara.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko amatohoza agiye gutangura vuba, kugira abicanyi bakoze iryo shano bamenyekane. Ibiro vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, bikavuga ko igandgurwa rya Zedi Feruzi ryakurikiranye n’abicanyi bari baraye bateye amagrenades ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, abantu bakahasiga ubuzima n’abandi benshi bakomeretse. Ibiro vy’umukuru w’igihugu bikavuga ko vyifatanije n’imiryango yose yabuze.

Umushingamateka Karori Nditije umukuru w’umugambwe UPRONA ishami ritemewe n’ubutegetsi

Ariko mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD bo babona ko amatohoza yama avugwa na Reta ku bwicanyi buba bwakozwe atigera agira ico ashitseko. Umushingamateka Karori Nditije umukuru w’umugambwe UPRONA ishami ritemewe n’ubutegetsi, avuga ko umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga yazize ivyiyumviro vyiwe vya poritike, ko kandi igandagurwa ry’abadashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ryari ryarateguwe haraheze igihe kitari gito.

Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE

Eka no mu mashirahmwe ataho yegamiye mu vya poritike asanzwe nayo ari mu yahamagariye abarundi kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza asa n’ayavuga uko. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE amenyesha ko, aho yumviye ko Zedi Feruzi yagandaguwe, ayo mashirahamwe yaciye ahagarika ibiganiro vyose yariko agiriranira na Reta, bihagarariwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi MENUB.

Pacifique Nininahazwe umwe mu bari muri ayo mashirahamwe, avuga ko ko igandagurwa ry’umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga, rije rishira mu ngiro integuro bari bazi, y’ukwica abari mu bikorwa vyo kwiymiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bakabica urwagashinyaguro, kugira batere ubwoba abariko biyamiriza ico kiringo.

Didier Reynders icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya n’ibindi bihugu

Urupfu rwa Zedi Feruzi rero rukaba rwababaje n’ibihugu bisanzwe bicuditse n’Uburundi. Igihugu c’Ububirigi kibicishije ku cegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya n’ibindi bihugu Didier Reynders, avuga ko Ububirigi buteye ivyatsi abishe umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga co kimwe n’umwe mu bari bamucungereye umutekano eka mbere n’ubwicanyi bwakorewe bamwe mu badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Asaba impande zose kudahohotera abandi, ndetse n’ugutegura amatora meza, arimwo bose, atawe akumira, ndetse yubahiriza amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibiganiro ku mpande zose.

Mukamenya ko mu giporisi c’Uburundi biyamiriza abariko bagiriza ubwicanyi bwa Zedi Feruzi ku giporisi c’Uburundi. Yaba mu giporisi no muri Reta, bavuga ko abakoze ubwo bwicanyi bataramenyekana, ko amatohoza ariyo azoshira ahabona abakoze iryo bara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.