IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatari bake bagize ico bavuga ku myiyerekano y’abamenyeshamakuru yabujijwe (...)

Abatari bake bagize ico bavuga ku myiyerekano y’abamenyeshamakuru yabujijwe n’igipolisi

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Baba abanyepolitike cenke abari mu mashirahamwe yigenga bagize ico bashikiriza, baneguye inyifato y’igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza abamenyeshamakuru bari mu myiyerekano kuri uyu wa kabiri biyamiriza ifungwa rya mugenzi wabo Hassan Ruvakuki.

Ishirahamwe PARCEM ryishinze guhamagarira abantu guhindura ingendo ngo bashikire iterambere rirama rimenyesha ko ryaneguye inyifato y’igipolisi cakoresheje inguvu mu bantu batekanye. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, ryari rimaze gushigikira abamenyeshamakuru muri urwo rugendo, amenyesha ko ibwirizwa nshingiro ry’u Burundi riraha uburenganzira umuntu wese gushikiriza akababaro kiwe atawe ahohoteye.

Avuga kandi bitumvikana ingene abapolisi bakoresha inguvu kandi abamenyeshamakuru atakirwanisho bari bafise kiretse kwambara udupira turiko ifoto ya Hassan Ruvakuki aboneka yambaye ishati y’abanyororo. Avuga kandi ko iyo nyifato icafuza ishusho y’igihugu mu makungu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru FIJ, Federation Internationale des Journalistes naryo nyene rimenyesha ko ryatangajwe n’uko abapolisi bashwiragiza abamenyeshamakuru kandi bwari ubugira kane bagira urugendo nk’urwo.

Ernest Sagaga umunyamabanga wa FIJ avuga kw’isi nzima ataho igipolisi gikoresha inguvu mu bantu batekanye, naho boba bari mu myiyerekano. Avuga ko ifungwa ry’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo Bonesha FM n’iradiyo y’abafaransa RFI risubiza inyuma ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi. No kw’isi ngo vyatumye u Burundi bufatwa nk’ibihugu vya Somaliya n’ibindi aho kumenyesha amakuru mu bwigenge bicumbagira.

Na Frederic Bamvuginyumvira yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu aratera ivyatsi iyo nyifato y’igipolisi. Avuga ko abamenyeshamakuru ari ijisho ry’ubutegetsi n’ikiraro gihuza abanyagihugu na Reta. Uwo munyepolitike asanzwe ari icegera c’uwurongoye umugambwe SAHWANYA-FRODEBU yibutsa ko no mu bindi bihugu usanaga hariho ibibanza abantu bahurirako kugira baserure akababaro bafise kandi ngo n’uburenganzira bwabo. Igipolisi ico cari gikwiye gukora ngo ni ugucungera abanyagihugu iyo bariko baragaragaza iryo bagona.

Amenyesha ko vyamutangaje mu gihe ryari irya kane abamenyeshamakuru bagira urugendo rwabo ku minsi ya kabiri ariko abapolisi bakaba batari bwaburabuze urugendo rwabo basaba irekurwa rya mugenzi wabo.

Bose abagize bashikiriza bamenyesha ko iyo nyifato y’igipolisi yohinduka nyabuna bagakurikiza ibwirizwa nshingiro riha uburenganzira abarundi kugaragaza umubabaro canke umunezero wabo bari hamwe kandi badahungabanije umutekano.

Uwo mumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki amaze umwaka n’amezi abiri arenga afunzwe, yagirizwa gukorana n’imigwi y’abagwanyi ifise intumbero yo kwica no gusahura yavukiye mu gihugu ca Tanzaniya. Wewe n’abamuburanira bavuga ko ariko azira akazi kiwe kuko yahaye ijambo uwari yavuze ko agiye kurwanya Reta y’u Burundi n’abagwanyi biwe.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.