IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatari bake barashima irekurwa ry’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki

Abatari bake barashima irekurwa ry’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki

jeudi 7 Ntwarante 2013

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yaba ayo mu Burundi canke mu makungu barashima ko ubutungane bw’u Burundi bwafunguye Hassan Ruvakuki. Bose basa ko irekurwa ry’agateganyo rya Ruvakuki ryohinduka irekurwa burundu no kumweza kuko ngo ata caha yakoze mu guha ijambo umugwi w’abarwanyi.

Umuryango w’abamenyeshamakuru bo mu Burundi UBJ urashima ko Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI n’iradiyo Bonesha FM mu burundi yafunguwe kuri uyu wa 3 italike 6 Ntwarante 2013. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ avuga ko uko vyokwitwa vyose, yaba ku mvo z’amagara canke ikindi ngo igikuru n’uko yavuye mu munyororo yaramazemwo umwaka n’amezi atatu.

Ubuyobozi bw’iradiyo y’abafaransa RFI nabwo nyene bumenyesha ko bunezerejwe n’uko Hassan Ruvakuki yarekuwe. Mw’itangazo RFI yashize ahabona, RFI iremeza ko umumenyeshamakuru w’ayo Hassan Ruvakuki ata caha yakoze kuko yahaye ijambo uwurongoye umugwi w’abarwanyi. Busaba ko yokwezwa ahubwo agahabwa agashimwe kuko yakoze ico abandi batinye.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters Sans Frontieres naryo nyene ryashize ahabone urwandiko aho rimenyesha ko ryakiranye igishika cinshi irekurwa rya Hassan Ruvakuki. RSF yifuza ko vyomenyekana neza ko yarekuwe vy’agateganyo ku mvo z’amagara canke ko yarekuwe kubera urugendo umukuru w’igihugu ategekanya kugira mu gihugu c’u Bufaransa. Uko biri kose, RSF yizeye ko atankurikizi kuri uyo mumenyeshamakuru.

Sendika y’abamenyeshamakuru b’abafaransa SNJ irashimira ubutegetsi bw’u Burundi ko bwkubise agashi bukarekura umumenyeshamakuru yahora afunzwe. Dominique Tradalie umunyamabanga wa SNJ asaba ko iryo rekurwa ry’agateganyo rya Hassan Ruvakuki ritoba iry’akanya gato mu minsiumukuru w’igihugu azoba ariko aragendera u Bufaransa muri iyi ndwi. Ahubwo ngo ni ribe irekurwa burundu kandi yongere yezwe n’ubutungane.

N’urunani mpuzamakungu rw’abamenyeshamakuru Federation Internationale des Journalistes, FIJ, rurashima iyo ngingo y’ubutungane bw’u Burundi. Naho biri uko Ernest Sagaga ajejwe kumenyeshamakuru muri FIJ amenyesha ko bibabaje kubone umumenyeshamakuru amara umwaka wose afunzwe ataco yagirizwa. Nawenyene asaba ko iyo ngingo yohinduka iyo kweza Hassan Ruvakuki.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.