IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abategetsi b’Uburundi babandanya kwiyamiriza igitero co kuri Charlie (...)

Abategetsi b’Uburundi babandanya kwiyamiriza igitero co kuri Charlie Hebdo

mardi 13 Nzero 2015

Abategetsi b’Uburundi barabandanya kwerekana ukwifadikanya n’igihugu c’Ubufaransa ku kwiyamiriza ubwicanyi bwakorewe abamenyeshamakuru bo ku kinyamakuru Charlie Hebdo. Igitabu c’ukwandikamwo ubutumwa bwo guhoza Abafaransa categekanijwe ku buserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi.

Kuva aho habereye igitero c’abihevyi cahitanye abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Charlie Hebdo, ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi bwateguye igitabu abashaka gutanga ubutumwa bw’uguhoza Abafaransa bashobora kwandikamwo, ico gitabu kikaba kiri ku buserukizi bw’ubufaransa mu Burundi kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Nzero gushika kuwa gatatu igenekerezo rya 14 Nzero 2015. Ababishaka bagasabwa kwishikira kuri ubwo buserukizi kuva igihe c’isaha zitatu (9h) gushika isaha zitandatu (12h) mu gatondo, hamwe no kuva isaha icenda (15h) gushika isaha cumi n’imwe (17h) ku muhingamo.

JPEG - 15.1 ko
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba ariho yaja kwandika muri ico gitabu, atanga ubutumwa ko asubiriye kugaragaza ko yifadikanije n’abanyagihugu bo mu Bufaransa mu kwiyamiriza ibitero vy’imirwi y’iterabwoba. Ku rubuga rwa Facebook yiwe, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yanditse ati : "Je viens de passer à l’Ambassade de ‎France‬ au ‎Burundi‬ pour renouveler mon message de condoléances au peuple français suite à l’attaque de ‎CharlieHebdo‬. Je reste engagé, aux côtés de la France, à lutter contre le terrorisme sous toutes ses formes" (Mvuye ku buserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi kugira nsubire guhoza abanyagihugu b’Abafaransa inyuma y’igitero cakozwe kuri Charlie Hebdo. Mbandanya kwiyemeza ko ndi kumwe n’Ubufaransa mu kurwanya iterabwoba uko riri kwose).

Ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri akaba ariho nawe yishikira kuri ubwo buserukizi kugira atange ubutumwa bw’uguhoza Abafaransa n’ukwifadikanya nabo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Kwifatikanya nabafarasa muka abaro harimwo kabafrasa baherukakwicwa ningombwa cane. Ariko hano mu Burundi bamwebaharanira agateka kinkozizibibi ibivyokwifatikanya nabafarasa mukababaro kababo baheruka guhitanwa ninkozizibibi ndaziko bacabaturebanabi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.