IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama yo kwongereza umuyagankuba mu bushikiranganji bw’amasoko (...)

Inama yo kwongereza umuyagankuba mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu

mardi 2 Ndamukiza 2013

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu barakoranye kuwa mbere igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2013 kugira barabire hamwe ivyaranguwe mu gice ca mbere c’umwaka.

Kubw’umushikiranganji Côme Manirakiza, ibisata vy’amasoko ntanganguvu n’amazi meza bihura n’ingorane nyinshi zituma badashika ku gushimisha ivyipfuzo vy’abanyagihugu. Avuga ubukene bw’abakozi babinonosoye, ibibazo vy’ubuhinga n’uburyo.

Muri iyo nama, abo bategetsi bazokwigira hamwe ibikorwa vyobashikana ku hangiro bihaye, nk’ukwongereza urugezo rw’umuyagankuba, gukwiragiza amazi meza mu gihugu cose, guteza imbere igisata c’ubutare n’agataka, n’ugukaburira ubwenge abakozi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.