Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abayoboke 450 ba Morsi bemeye kwiyicisha inzara
 Abayoboke 450 ba Morsi bemeye  kwiyicisha inzara
 Abayoboke 450 ba Morsi bemeye  kwiyicisha inzara
				
				mercredi 25 Kigarama 2013
Abayoboke b’uwahoze ari umukuru w’igihugu Morsi bagera ku 450, guhera ku munsi wa mbere ntaco bashira ku munwa , ico bita ‘’greve de la faim’’ intumbero rero niyo kwiyamiriza ifungwa bagiriwe, nk’uko bivugwa na bamwe muri bagenzi babo , ngo kirazira ko hari uwuza kubaramutsa , kirazira ko baronka abababuranira kandi ntibaronswa n’imiti.
Abayoboke ba Morsi bagera ku 450 bafunzwe , guhera ku munsi w’ejo igenekerezo rya 24 kigarama 2013 ntaco bashira ku munwa ngo bafungure (greve de la faim) ivyo rero babikoze mu ntumbero yo kwiyamiriza ifatwa bunyamaswa aho bari mw’ibohero. Imvo zatumye bakora iyo yegereyegere n’uko ata muntu n’umwe wo mu muryango ashobora kuja kubaraba, nta n’umwe abafasha mu mburano , nta miti baronka bafungiwe ahantu hasa nabi. Muri abo bagize yegereyegere harimwo uwitwa Khairat-chater ,icegera c’umukuru w’abafrere musukmans , Essam el –Erian, umwe mu bakuru b’abo banyislamu nyene, Mohamed Beltagi, uwahoze ari umushingamateka hamwe na Essam al Hadda, uwahoze ari umuhanuzi wa Mohamed Morsi mu gihe yari ku butegetsi.
Tubibutse ko igisirikare catembagaje ubutegetsi bwa Mohamed Morsi ku genekerezo rya 3 mukakaro ,mu gihe hariko haba imyiyerekano aho bagiriza uwo mukuru w’igihugu kuba vyaramunaniye gutunganya igihugu ko yashize imbere gusa bagenzi we,n’inyungu ziwe gusa.
Floxella Karire
