IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abimba ubutare bidakurikije amategeko bahawe amezi 2 ngo babe bazibiye (...)

Abimba ubutare bidakurikije amategeko bahawe amezi 2 ngo babe bazibiye ibinogo vyose

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka niwe yafashe iyo ngingo ari mu rugendo rw’akazi mu ntara ya Muyinga. Yatanze amezi abiri gusa kugira abantu bose bimba ubutare badakurikije amategeko babe bazibiye ibinogo vyabo kuko bikunda guhitana abantu bapfa.

Come Manirakiza, umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka yari yajanye na mugenzi we ajejwe ibidukikije mu ntara ya Muyinga kuva ku munsi wa gatanu italike 22 Nzero uyu mwaka. Bari bagiye kwirabira ingene ubutare bw’inzahabu bucukurwa muri iyontara. Bamenyesha ko basanze atamategeko adakurikizwa mu kwimba ubutare, baca bafata ingingo ruhasha ko ivyo bintu vyohagarara.

Bahereye ku mutumba wa Cibari komine n’intara ya Muyinga. Basanze abantu benshi bariko barimba ukuri kwamye ataco binona badakurikije amategeko. Kugira ngo akajagari gahere mu kwimba ubutare, bafashe ingingo ko mu mezi atarenga abiri ibinogo vyose bivamwo ubutare hadakurikijwe amategeko vyo vyazibiwe atanakimwe gisigaye. Ataraho, ngo ibihano ruhasha bizoca bifatitwa uwuzoba yagararije harimwo gufungwa no gutanga ihadabu ry’amafaranga.

Come Manirakiza yamenyesheje ko izo ngingo ziri mu ntumbero yo gukingira umutekano abanyagihugu badasiba guhasiga ubuzima kubera umusozi ubaguyeko, kubatabara bikagora kubera atabikoresho vy’ubuhinga nk’amatoroshi n’ibitanga umwuka baba bajanye mukuzimu kwimba ubutare. Aho ni mugihe mukwezi kumwe gusa, hamaze gusiga ubuzima abantu barenga 15.

Igipolisi n’abajejwe intwaro basabwe kubahiriza izo ngingo kandi bakarabako ziriko ziraja mu ngiro.

Naho biri uko, igipolisi n’abajejwe intwaro baragirizanya ko bamwe canke abandi bakingira ikibaba abimba ubutare badakurikije amategako kubera igiturire c’amafaranga menshi boba bahabwa. Igipolisi kivuga ari abajejwe intwaro hasi ku mitumba na ba musitanteri bategerezwa kubuza ivyo bikorwa. Nabo bakagiriza igipolisi ko arico categerezwa gukingira umutekano w’abanyagihugu mu kubuza ivyo bikorwa vyo kwimba ubutare bidakurikije amategeko.

Abo bashikirangaji ukwari babiri basavye abajejwe intwaro n’igipolisi ko ubu bosenyera ku mugozi umwe kugira amategeko yubahirijwe. Basavye kandi ko aho ibinogo bizibiwe hoca haterwa ibiti vyinshi mu ntumbero yo gukingira ibidukikije.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • mbanje kubashimira kuba mwaradushoboje kugira ico dushikirije tubicishije kwuru rubuga,ico numva novuga kuvyo uwo mushikiranganji yavuze,nuko numva yafashe ingingo gihuti huti guko imyaka inzahabu zimbwe muri muyinga cane cane muri komine butihinda,ndumva naho leta yoterera amamachine yo gufuriza ivyo binogo,mumezi abiri ntivyokunda ikindi naco gituma abantu bimba badakurikije amategeko nimvo zuko bitoroshe kuronka ivyangombwa vyo kwimba ubushikiranganji bubijejwe nibworohereze abantu bashaka kurondera ivyangombwa,babicishe kuri radio abantu bamenye aho bobironderera,guko jewe agahombo igihugu coba kigira ndagishira kw’ubwo bushikiranganji nyene merakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.