IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abizeye kuzotora incuro zibiri canke zirenga babwiwe ko batazobishobora

Abizeye kuzotora incuro zibiri canke zirenga babwiwe ko batazobishobora

jeudi 12 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora bamenyesha ko ubuhinga bwose bwateguwe kugira ntihagire abazoshobora gutora kabiri canke akarenga mu matora Uburundi bwimirije.

Mu gihe kuri uwu wa kane abagize Reta y’Uburundi bari bagiye kwirabira aho igikorwa c’ugushira mu mashire abazitaba amatora kigeze, Petero Karaveri Ndayicariye, umukuru w’umurwi w’igihugu CENI (Commission Electorale Indépendante) ujejwe gutegura amatora, yamenyesheje ko ukwandika ivyavuye mu kwiyandikisha mu gihugu biriko bikorwa mu buhinga budasanzwe.
"Uwandika arandika agaheza, hejuru yiwe hari uwusuzuma ivyo yakoze, kandi uwandika akaba atazi umuntu aza gusuzuma ivyo yanditse."

Petero Karaveri Ndayicariye amenyesha kandi ko uwo asuzuma uwanditse nawe nyene bamusuzuma kandi ko ataba azi uwuza gusubiramwo gusuzuma ivyo yasuzumye, akavuga kandi uwakoze ikosa mu mashine akandika ibitarivyo bamumenya, bakamenya umunsi yavyandikiye, isaha yavyandikiye hamwe n’uwavyanditse, ivyo bigashoboka kuko atawinjira mu mashine adahawe uburenganzira bwo kwinjirayo.

JPEG - 17.3 ko
Petero Karaveri Ndayicariye, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI)

Nk’uko vyashikirijwe n’umukuru wa CENI Petero Karaveri Ndayicariye, uwiyandikishije kabiri yakoresheje ikarata karangamuntu imwe, iriko ibimuranga bimwe, baramubona, kuko niyo asohotse ku rutonde incuro zirenga imwe aba ari umwe kuko n’ibimuranga aba ari bimwe, akaba azoca akurwa ku rutonde.

Ku boba bakoresheje amakarata karangamuntu abiri canke arenga, adasa mu kwiyandikisha, muri CENI bavuga ko bazobabona umunsi w’ukuja kumanika intonde z’amazina ku mitumba, kuko abantu hagati yabo bazinanye.
Naho vyoshika ku mitumba ntibababone, Petero Karaveri Ndayicariye asigura ko batazoshobora gutora kabiri canke akarenga, kuko atawuzotuma uwundi kumutorera, iryo jwi rindi rikazoba ribaye impfagusa kuko uwutoye rimwe aca ashirwako ikimenyetso.


Egide Nduwimana

Messages

  • MURAGABE OPPOSITIONS BARIKO BATEGURAIBINDI URWO RUKUNZI RW INDA RURIKO RUTEGURA AYANDI MA NYANGA KUKO NIKO PETER YARUTEGETSE..MBE KO NTA MWANA UFISE USHA WOKORA IKI KARAVERI WE!!!KANDI IYO SIDA IZOCA IGUTWARA UBANDANIJE UTERANYA ABARUNDI ..RABA NEZA IYO NDA YAWE IZOGUKOZA IBARA!!!!URUMVA MUGABO W I KARUSI //REKA KUBESHA URIKO URATEKA UWUNDI MUTWE!!!!!

  • HAMWEINVUGOYOJANANINGIRO,UWOMUKURUWA CENI YOBAYIYAMBITSAGASHAMBARA,ARIKOHAMWEYOBARIKARAHE NDAABARUNDI NAMAKUNGU,HAGASUBIRA KUBAMANYANGA NKAYABAYE2010 Imana Izomuteramazirantoke,kandintizoburakumurandura.

  • Uyo Mukuru wa CENI Ateke uyundi mutwe ashake Areke akiwe karakwiye yariye umuhero akore neza ntakore neza yaramaze gucibwa urubanza igisigaye nukurushira mungiro turindiye ko amatora Avamwo gusa kandi Reta izojaho yaba iyaba CNDD FDD Canke iyabatavuga rumwe na CNDD FDD Amaroregwa yose yabaye inyuma yamatora yi 2010 Kugeza 2015 yavuye kubari barongoye CENI Bo bateguye iyibwa ryamatora kubona umunyagihugu akugwa muntara bakamutora umutwe muyindi ntara umurambo nawo Muyindi ntara umwanya umuhero uzoba utarashika barabikoze Abarundi barihorera bibaza ngo bahwanye nabo bazobibazwa kimwe kukindi atanakimwe gisigaye inyuma abari muri Amerika no Mugihugu no mumihingo yose yo kwisi twitegure kwerekana umurundi wese ari murubwo tutegetsi bwo mumwaka wi 2010-2015 aho azoba yinyegeje canke yarahungiye hose atakuraba ngo numu DD Uwuzoba akekwako amabi yivyaha ashikanwe imbere yubutungane yera yere yagira ivyaka ahanwe ibihano bikwiranye nivyo yakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.