IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abungere ba Ekereziya Katorika biyamirije ugusubira kwitoza kwa Petero (...)

Abungere ba Ekereziya Katorika biyamirije ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza

samedi 7 Ntwarante 2015, par Egide N

Abungere ba Ekereziya Katorika berekanye aho bahagaze ku gusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza mu matora y’umukuru w’igihugu. Abo basenyeri ba Ekereziya Katorika bavuga ko abarundi bemeranije ko uwuramutse atorwa akaba umukuru w’igihugu c’Uburundi, uwariwe wese, atorenza ibiringo bibiri vy’imyaka itanu ku kiringo kimwe cose. Abo bungere bashikirije ko bagiye gutegura igisabisho c’iminsi icenda, basengera ibisikanya ku butegetsi mu Burundi.

Inyuma y’inama yari imaze imisi ibiri ibera i Vatikano kwa Papa Fransisko, abasenyeri ba Ekereziya Katorika mu Burundi basohoye urwandiko rwasomwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, isaha zine z’ijoro, bakaba muri iryo tangazo bibukije ko amasezerano ya Arusha atomora neza ko ataworenza ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu ku kiringo kimwe cose. Igisabisho c’iminsi icenda kikaba kigiye gutegurwa, mu ntumbero yo gusengera ibisikana ku butegetsi mu Burundi, nk’uko bivugwa na Musenyeri Evariste Ngoyagoye, umwepisikopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, ari nawe yasomye iryo tangazo.

Ibice bikuru bikuru bigize iryo tangazo ry’inama nkuru y’abepisikopi

Twihweje ivyanditse mu masezerano y’amahoro, tukaraba n’ibivugwa mu masezerano y’i Arusha, hamwe n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako, mu ngingo y’umunani, na 96, iy’103 hamwe n’302, tukongera tukabaza umutima ka benegihugu bakunda igihugu c’amavukiro na ka bungere ba Ekereziya Gatorika batipfuza na gato ko igihugu gisubira mu mpari, mu ndyane no mu ntambara, tugira duti : "Ijambo rikuru abarundi twemeranije, tukongera tugapfundika, n’uko uwuramutse atorwa akaba umukuru w’igihugu c’Uburundi, uwariwe wese, atorenza ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu.".
Murazi ko no mu gihe havugwa ivyo guhindura ingingo zimwe zimwe z’ibwirizwa nshingiro, twashikirije ijambo ko muriryo harimwo ingingo zashizwemwo nkana, kugira zifashe igihugu cacu kwogorora bukebuke. Muraraba itangazo ry’inama y’abepisikopi katorika b’i Burundi, ryo kuwa gatandatu Kigarama 2013, akanomero ka kane. Twaranatomoye ko murizo harimwo nk’izerekeye uburyo bwo gusangira ubutegetsi n’ukubisikanya hageze. Nimurabe aho nyene. Aho twari duhagaze ico gihe, n’ubu niho tukiri, izo ngingo nizubahirizwe, kanatsinda, n’inama nshingamateka, iserukira abenegihugu bose ntiyazihinduye. Intwaro rusangi nyakuri niyo izotuma Uburundi bwogorora rwose, tukaba tuzi ko mubiyiranga harimwo n’ibisikanya ry’abategetsi mu mahoro, biciye mu matora atunganijwe neza.

JPEG - 62.8 ko
Musenyeri Evariste Ngoyagoye, umwepisikopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura

Inzira twese dushobora gufata turi kumwe, n’uko umwenegihugu wese yihitiramwo abamurongora, mu mwidegemvyo. Nico gituma dusemereye hakiri kare duti : "Nyabuna nidufate inzira y’ubwitonzi, dushire imbere ineza isumbirije y’igihugu cacu, kugira tubandanye guteza imbere intwaro rusangi twamaze guhitamwo."
Ku vyerekeye naho abo mwebwe abakirisu turongoye mwotora, canke mutotora, musanzwe muzi ko twebwe abungere banyu tutigera tubategeka ngo tora umugambwe uyu n’uyu, canke umuntu kanaka. Uko musanzwe murekuriwe kuja mu migambwe, umwe wese yihitiyemwo uwo ashaka ata gahato, kuko yashimye n’imigambi yawo, niko n’iyo hageze gutora umwe wese ahanuza Imana mu gisabisho, hama akumviriza ico Imana imubwiye mu mutima wiwe, agatora uwo ashaka. No muri aya matora yimirije, niko twipfuza ko vyogenda. Nimuyitegurire neza rero, mu kwamirira kure iterabwoba n’ico cose cohava gituma abantu bahahamuka, bagahava kumbure baha urwitwazo aboba badashaka amatora, bohimbarwa yankirijwe. Abakirisu dusangiye ukwemera, turabahanuye nk’uko Pawuro Mweranda yahanura abanya Filipi ati : "Ubutore bwanyu nibumenyekane mu bantu bose. Umukama ari hafi, ntihagire ico mwinona, ariko muri vyose mu gisabisho no mu gutakamba dukenguruka, n’ivyo musaba nimubimenyeshe Imana." Niho amahoro y’Imana yo asiga ubwenge bwose yobazigamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristu Yezu.

Iryo tangazo rya Ekereziya Katorika mu Burundi riyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza risohotse inyuma y’ivyari vyashikirijwe n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana, aho yamenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahejeje ibiringo bibiri arekurirwa n’amategeko. Mu mugambwe CNDD FDD, babicishije ku muvugizi wawo Onesime Nduwimana, bari bishuye ko Musenyeri Simoni Ntamwana yashikirije iciyumviro ciwe, wenyene, kidategerezwa kuba ica Ekereziya Katorika yose. Iryo tangazo rikaba rije nk’ukuva mu gacerere n’ukwerekana aho bahagaze muri Ekereziya Katorika, bikaba bitegekanijwe kandi ko rizosomwa kuri uwu w’Imana mu masengero yose ya Katorika mu Burundi, mu misa zose.


Egide Nduwimana

Messages

  • Igihe’Buyoya’yakuraNtibantunganya
    Kwiyonamankuruy’abasenyeri’katorika itakoranye?

  • Abo Bungere bacu batahuye amarira y"abarundi. Peter nakagwi kiwe bamenye ko tutari abaja babo. ahubwo bitegurire kubazwa amabi bakoze hama bagororwe

  • semerera ntimuhengeshanye nk’uko biri mwibanga mwemeye maze natwe abakristu n’abenegihugu muri rusangi tuzokurikiza impanuro nziza muduha maze twikure abo bicanyi bahekuye uburundi n’ubutaliyano kuva kere.

  • harabantu bimitima yakomantaye kweri...........IMANA ibaharire abantu aho kunva baronderibindi bikomantaza, none ibitababaje ntiba bibabaza wewe? ivyisi ntibihezwa bisa abandi batware nabo basha, , urazi intwar nyinshi ziri mubagumyabanganga abantu babagabo?

  • Wewe wiyita James ugire uvuge ko batavuze ko igihe ntiba yakugwa ko ari kubera bari abatutsi mwana wimana cira birarura kuko ubu ingorane ziriho sivya abahutu nabatutsi urabe abantu ubu bagwanya cndd.fdd benshi nabo basangiye ubwoko urazi abahutu bamaze kwicwa kuko batagiira ikibavugira ko ari abatize uwutize yishwe umengo nakayabu gapfuye ico nokubwira co ubu aho uburundi bwacu bugeze nukuri umuntu afise umutwe yiyumvira agenda arabona ko uburundi bugeze aho umwasi ashaka niho ivya bahutu nabatutsi atawobita ko umwanya dukeneye ko igihugu cacu cogoroka umuntu akarya naho yoba yariye duke akagira umutima utunganye. nayo abo benewanyu uti isi irazunguruka, uti kandi uhonyore neza kuko iyosi uhonyorako niyo izokumira hiiiiiiiiiiii

  • Twebwe abugere ba ekreziya katoroka turase gukomeza kubabaja ( gutwarwa) numukuru wigihugu wumu protesitante.

  • ...uwuzobona ashitse inyuma yaya matora azobaramvye! ark ico nohanura muntu ushaka amahro aho mbwira abategetsi bamwe bamwe brabza bagaza ayo yabonye agize ngo yugaze amashengero? aho ntankeka na gatolika yarimwo! impanuro ntimugatunge urutoke ekleziya. ncuti zanje aho ni f. na y. na e. teranya.

  • NDONGEYE KUBARAMUTSA NUBWOTONZI NTANGERE.

    Jewe ndafashe akakanya kugira ndabashirire ahabona ibijanye nibisabwa kuwokwitoreza mumwanya wokuba umukuru wigihugu cuburundi nacanecane nkuwishimye kwitoza yarisanzwe yarumukuruwigihugu, ndanjerero kubera vyanditse muzindindimi zitari ikirundi ngerageze ibinkundira ndabishire mukirundi ivyozakubona ntabishoboye kubishira mukirundi ndaza kubirekera mururworurimi vyanditsemwo uyundi muhinga afise icansumvya arazakunyunganira ahonzakubantaryohoyeneza kandi azakuba agize neza.

    NDASHIMACANE ABABASENYERI IYOBARIKO BARAVUGA BAVUGAKO HAKWIYE KWUBAHIRIZA AMASEZERANO Y’ARUSHA, NIBWIRIZWASHINGIRO RIKURU ARIRYO RYI BURUNDI.

    Arikorero kubera abarundi twese tutazi utwotugingo tugize ibwirizwashingiro ryigihugu cacu kwandika gusa uvugango: ingingo iyiniyi ngohamwe niyindi yakangahe ntuheze ngucirekumayange abasomyi utwotungingo icotuvuga kubarugushira abantu mubireregusa kuko ivyo uburiko urababwira ntaho bigeze babibona ngobaheze bacabavyibuka.

    ICOMUKWIYE KUZAMURAKORA NIKI:
    AKARORERO:

    INGINGO ZI 7 NA 186
    ZIVUGAKO UMUKURU W’IGIHUGU ATORWA N’ABANYAGIHUGU RIMWE RISHOBORA KWISUBIRIZWA RINDI RIMWE GUSA.

    Ariko amasezerano yi Arusha, mugace ka3 k’ingingo ya 7, umukuru w’igihugu atogwa n’abanyagihugu ikiringo kimwe gishobora kwisubiriza irindirimwe gusa.

    Ahoho havurwa ibiringo bibiri " mandate" Nut ne peut exercer plus de deux mandats prezsidentiels!

    ICITONDERWA,
    ARIKO INGINGO YA 302 IVUGA IGIHE KIDASANZWE C’INYUMA Y’INTWARO MFATAKIBANZA KO ATORWA N’ABANSHINGAMATEKA. NIBIHE BIBIRI BIDASA.

    rekarero ndabakebure mwese mwirengagiza gusoma canke mukabigirankana ngo kwitoza kwa Nkurunziza ngokunyuranije namategeko, mukaramuka mubonye abomumugambwewiwe bamutanze nkumu candida wokubaserukira mumatora mugashaka kumugiriranabi canke ngomugumuke kaharamuka hagize ivyomwonona ayomategeko ari mwibwirizwa shingiro ryu Burundi nomumasezerano y’Arusha nubwo hazoba ivyononekaye vyononekaye mwebwe mwateje iyomigumuko yokwiyamiriza Nkurunziza aamategeko azobafata namwebwe basenyeri mwirengagiza ivyomuziko bitapanzwe na Nkurunziza vyamakosha arimwibwirizwashingiro ryacu ivyomurikomuravuga bizokwibukwa kukuntu ahogufatumwanya ngo musigurire abarundi namakungu ko nubwo Nkurunzziza bibonekana ko amaze ibiringo vyiwe bibiri atariko tugiye mwibwirizwashingiro tucadusanga mugihe umungambwe wiwe womwemerera kuwuserukira ntacomubuza kuwuserukira! Ahubwo jewe ukondabibona mwarimukwiye guhimiriza abajejwe kubabogira ivyobakosora mwibwirizwashingiro ryuburundi bokwakwanya bagakuramwo ivyobintu vyama negative birimwo.

    Rekandangize ndabahanura nubwobamwe muhavamuvyita iterabwoba nti: Mwebwe muvugako muzokwitambika imbere aba zobabatanze Nkurunziza ngwabaserukire mumatora mukaramuka mubonye babiyamwe muburyobose bushoboka ubonako mubitambitse imbere mukoresheje amajambo nabobazobiyama bakoresheje amajambo, mubitambitse imbere mufise intone nabobazobiyama bakoresheje inkoni, mubitambitse imbere mukoresheje amategeko nabobazobiyama bakoresheje amategeko, mubitambitse imbere mwigize nkabasazi nabobazobiyama bigize nkabasazi, nizereko muzinanye.

    KUBERAKO NKUZE NOKWUMVA BAMWENABANDI BAVUGAKO ABARUNDI BAMURAMBIWE NTIMWIRIRWE MWIKORESHA AMAKOSHA NIMUMUREKE YITOZE BAZE KUBERAMUBIZIKO ABARUNDI BAMURAMBIWE NTIBAZOMUTORA BAZOCABATORA UYUNDI MAZEBAMUREKE KUMUTORA.

    IKINDI NUKO NIYO NKURUNZIZA BIBONEKANA YUKO AGIFISE UBURENGANZIRA BWUKWO ATANZWE NUMUGAMBWE WIWE NGWAWUSERUKIRE MUKWITOZA MUMANYA WUMUKURU WIGIHUGU, UMUGAMBWE WIWE URAFISE UBURENGANZIRA BWOKUREKA KUMUTANGA NGWABARIWE ABASERUKIRA BAGATANGA UYUNDI, ICONZI AMATWI ANSUMIRA HARIHO ABARUNDI BAVUGANGO: UWABA CNDDFDD BAZOSHIRAHOWECE NGOBITEGUYE KUMUHUNDA AMAJWI NGONUBWOBOSHIRAHO IGITI CANDITSEKO CNDDFDD NGOBITEGUYE GUGIHUNDAMAJWI!!!.

  • Oya rero ko muri abagabo, nimubirengeko turabe!!!!

  • abarundi mwitondere ekereziya gatolika nabayiyoboye, hano mu Rwanda yadukururiye amacakubiri yatugejeje kuri genocide maze abantu baratikira karahava, bakunda kwivanga muri politique cyane kandi bafite aho bahengameye ,niko byagenze muri centre afrique basubirishamo aba christo na abaislamu. ibyabo bipangirwa iroma. abarundi namwe nimurebe icyo amategeko ateganya mwireba icyo egrise runaka iteganya. muzaze hano murwanda tubahe ubuhamya burambuye.

  • twaje ursvuzukuri nibaze baradoma ahohantu usomye rpa niharabe ihasome bose bahumve kukondumvariho hariko haterinduru natwe baratevye kumutanga duhurireyo tumwigina twse tuzoba twambaye amadarapo yinkona tumusasire nibitenge yadukoreye vyishi kuvugwa kubuntu kubagwa kubuntu nahusaminda ugumuvugwa ku untu a
    ashure amavuriro amapave gusakimwe abarundi turabanebwe tugomba kununuzi gihugu atacotugihaye kuryatwicaye buyoya amaze gukubita kudeta keshi nuwundi baragarika bamisenyeri nihobaribari ndasavye bamusenyeri kwarabavugizi bimana vyukuri nibatore iryo bwirizwa shingiro barisomerer mumashengero izongingo bapfa bazisigurire aba kristo baratorukuri canke basabe iradiyo yumvirizwa nabantubeshi irisome atahisivye hanyuma bsduhamahoro bamureke yitoze tureke kumutora gutegura kuja mwibarabara sinyishu noneho igisoda ntahobazogica gifisubuhinga gikoresha atawe gikomererkeje barabaze muri somaria ukohameze ubu bagenda namaguru

  • Mbebungere bacu kumengo mudometse umuriro ninde azowuzimya?mana hasigaye ahawe me!"

  • NYAKUBAHWA UMUKURU WIGIHUGU,URABONA KWABATUTSI BAGANGUYE KUMPANDE ZOSE,ABO NGO BARAMBIWE NOKUBA ABAJA BABA PROTESTANT.NUKUVUGA BIBAZA KO TWIBAGIYE IMWAKA BATUGIZE ABAJA.RERO TUGUSAVYE IKINTU KIMWE.TUGABANIRIZE IBICIRO VYIBIPANGA HAMA KIRA MUHUTU ACIYUBWINGE AGURE IGIPANGA KANDI ACA KURI MEREZE BAGIKARISHE.TURETEGUYE RERO KUBACA IMITWE ATAMPUHWE TUGIZE.HAMA ABAZOCIKA NABO BAZAHEZE BAJE I MUTABIRA NAHANDI BUMVE ICO TWABARYANYE.

  • Erega hari ico utazi iyonama yakorana gut? Ata bapadiri nababikira bari bwatemagugwe nkinyamaswa noneho a dorofo nabunyoni babikoze kabisa navyo bizobakora nibatuvire mugihugu hagifus kabisa

  • Erega hari ico utazi iyonama yakorana gut? Ata bapadiri nababikira bari bwatemagugwe nkinyamaswa noneho a dorofo nabunyoni babikoze kabisa navyo bizobakora nibatuvire mugihugu hagifus kabisa

  • nukuri haracariho abarundi bazahobahagaz none PETERO imyaka10 amaze atwara ivyoyakoz haruwobigaya?indege yamutwara acishij kuwepfo,agatotezo kubobadasangiy ivyiyumviro,ubutungane budaca iziberey,guturira amasoko nibindi ntakibazo nimubona ivyoyakoze aribizima murazomutora mugabo mbonamuzoba mumuhaye akaryokokugurisha udusigay mbeho hasigaye iki?nkeka asigaje kugurisha tanganyika.barundi humura mubone.

  • Abarundi turarambiwe kwama twicwa naboturengeye ntamunyamahanga aratera uburundi abodushira imbere ngobaduserukire kuko benshi ntitwize bagishika kubutegetsi ntibashaka kubisa abandi nasaba nyakubahwa prezida nkurunziza abise bagenzibe kuko nawe yibukeko aho ari hari abandi yasimbuye atarivyo naho umengo uburundi bopfuma babufuta kwikarata yafurika kuko ntivyu mvikana kwama twicana ata munyamahanga yaduteye

  • nyakwubahwa nkurunziza bariko bamurengera iryindwi kandi bivanga muriporitiki batayikina nimbababaye abo muri ADC icomwomenya n’uko nkurunziza yavuzeneza cane ati AMASO Y’IBIKERE NTABUZA ABAVOMA kandi mukinda mugaramye mwubamye azokwitoza uwuzovyanka yinige

  • YEMWE YEMWE MUHANYI!!!!!!!!!!!jewe urantangaza cane nonekomugabisha ngo nabirengeko turabe ,ese USHATSE KUVUGAKO ABASENYERI BATANGA INTAMBARA ? eseko muburundi hagiye hakorwa amabi meshi kobatavuze ?canke ivyakahi ntavyo babona?kobaruciye bakarumira nkumbure bari bahumirije? norero nibaba bagomba gufasha abarundi ba kabaremesha baribakwiye kubonako ibwirizwa shingiro ryanditse nabi bakamuhanura bamusaba kureka kwitoza nubwo yaravyemerewe namategeko. ingenzi iragenda ikabona.ibisigaye reka turindire iyontambara mu vugako batanguje .

  • Nikoye njyendashyaka kumenya niba ibingibi byanditswe nuyumuntu witwa Twaje ariko byanditse mwibwirizwa shinga ryu Burundi rwose!. Nibarikobyanditswe sindikubona impamvu hashyize igihekinini abarundi murikuvugako Petero Nkurunziza yitorejye kubumukuru wigihugu yabanyuranijye nibwirizwa shyinga ryu Burundi!.

  • None ga James kiryagihe yamukura, hari abantu bapfungirwa ubusa,none hari abakozi b Imana bapfungwa? hari abakozi bImana bicwa? aha rero inama yabepiscope. yabwirizwa guterana igafata ingingo zikaze.

  • TURASABA RETA KO YISIGURIRA ABANYAGIHUGU IZONGINGO NEZA NANEZA KUKO BENSHI ATAVYO BAZI BAGENDA NYABAHURURU. na Ekresiya YAgomvye kuba yabisiguye apana kuvuga Ibiharuro gusa, yashyize abantu mu gifungu gusa.

  • kuberako ibwirizwa chingiro ariryo rizotatura abanye portiqwe nibarabe ibipande vyingingo zikenewe babihindure mukirundi barikumwebose babishire kumaradio nomumashengero yonse abanyagihugu babibasomere izozongingo uwo mivukanyi avuze nivyabarikobimeze vyukuri nkurunziza nibamureke bemere bahiganwe kiko ntacobazoshikako bagovye gufatubutegetsi kunguvu ntavyoboshobora kandibamenyeko nigihe bagandagura ndadaye abasenyeri baribuzuye nuyumusi ntacobaravuga kuko abo nabanye portiqwe mwibuke umusenyeri wibururi ywgirakubite kudeta nabonukubarabaneza kimwegusa birabonekacane petero bamaze kumutinya rjo uzozawumva batanguye kwikura mumatora ahandi ngoyibwe kubera poritiqwenkeyabo nugitinya gudhiramwo umitahe reta isaba muguhiganirwa ikibanza cumukuru wigihugu ahubwo conotererra reta kuwushaka guhiganirwa ikibanza cumukuru wigihugu nibatange30milon kuko ubu nuwuvutse akenera gutwarigihugu

  • NUMVIRIJE IVYO MUSENYERI NGOYAGOYE AVUZE; NSANZE BUYOYA ARI IKINTU CUBASHWE CANE NURWORWEGO RWA BASENYERI!!!!!!!!!!!!!!!!!!! ATI GUTE NONE MWOMBWIRA GUTE NGOYAGOYE YAGIYE MURI ETAT MAJOR MUNAMA YO KUGANDAGURA MELIKIYORI NDADAYE; TUKABA TUTIGEZE TWUMVA BAMAMA NGOTIYICWE CANKE NGO BASOHORE ITANGAZO RYO KUTUMBWIRA IVYO BASHITSE KO UMUKURU WIGIHUGU YITOREWE NABANYAGIHUGU AHEJEJE KUGANDAGURWA HAHAHAHAHAHAHAHAHA NTATANGAZO RYABISIKOPI TWIGEZE TWUMVA NTIBANTUNGANYA AHEJEJE GUTERWA AMAVYI IBUGENDANA NIGIHUGU GIGACA KIRAIFATWA!!!!!!!!!!! MWONYEMEZA GUTE KO ATATANGAZO RYABASENYERI TWUMVISE; SINDUHIJE ATANGAJE ICESE KURADIYO RPA KUNKURU YIKIBIRIRAHO KO YAGIYE MWIBARABARA; ATANGUJE URUGAMBA KANDI ARUHUKA ASENYUYE UBUTEGETSI!!!!!!!!!!!!!!!!MBEGAKO ATATANGAZO RYABASENYERI TWUMVISE MURI 2011 IGIHE ADC IKIBIRI IVUGIRWA NA LEONCE YASHIKIRIZA KUMARADIYO YOSE AVUGAKO UBUTEGETSI BWA CNDD ATANUMWAKA BUZOMARA NGO KANDI IVYOBUBAKA VYOSE MUBIKORWA RUSANGI VYOSE NGO BAZOBISENYURA. NONE IRYO TANGAZO RYA BASENYERI RYASOMWE MUMASHENGERO YOSE YO MUBURUNDI; BAHAMAGARIRA ABAKIRISU BABO KWIYAMIRIZA NKURUNZIZA; NUYO NKURUNZIZA AKABA ATARAVUGAKO AZITOZA CANKE NGO IKORANIRO KAMINUZA RYUMUGAMBWE CNDD FDD RIKABA RITARAKORANA NGO RIVUGE UWO BASHIZE IMBERE MWUMVA RYARI RIKENEWE????????????????????? MPA UMUCO BIRANZIZANIYE KUKO NTABONA ICO BAGAMIJE.

  • FRANCOIS URATUBESHE KUKO NGOYAGOYE SINTUMWA YIMANA BIBAYE IVYO YOBA ARI INTUMWA YIMANA YINTUTSI!!!!!!!!!! NAYO IYOTUZI AKABA ATABWOKO IFISE.

  • ego uri sisi nyene mbeg aho uvuga bagabany ibiciro vyibipanga uribazako ww ubwaw wokigura akaba ariw gitangurirako mbe iyo ntambara uhayagiza nuwawe azogiramwo ikibabaj nuk ari abahutu muzotangura kumarana icombona aha kwisi twaj tuhasanga kndi tuzohasiga ubwatsi burasha bukabisa ubund hari besh bapfuy kand badahtanwe nintambara ww uzinez k ibay atariw bazotangurirako ibipanga ubiguz naband barabgura twbw dukney amahoro gusa ntakindi mbega iryoterabwoba ubatera ubu sikera ubu nubu ntamurundi akigira ubwoba bwo gupfa mbega icokiringo ca 3 nivyo yibagiy kunyuruza cnk nisoko yibagiye guturira cnke harabo mwibagiy gukerera mugira mubanze gushira mungro ibiringo vyose yatway ivyo yakoze twarabibonye abana bacu ngo bigira kubunt uwo musuma ntaw dukeney isoko arturiy indeg arariy cnk ashaka habanz hashk yandege natembe harageze atubis natwe arabesha radjabu barihurira nanj ndinyuma ya radjabu mbeg azocahe k naho yokwitoz atanumw yomutora atari imbonera kure na barukoti gusa nab harimw abatamwemera

  • @ #####, nawenyene ntiwarikiye kucubonako uwoyiyise Sisi arumubutu. Imvugombi canke nziza ntirebera ubwoko, kanduwushaka guteranya aboserimwe ashobora kuvamubwoko ubwaribwobwose, ndazi umuntu wumubutu yigeze kwandikango’ twebwe abatutsi twiteguye kwongera kugirabahutu ngonkivyo twabakoreye mu 72 !

  • @ SIHONDI Levis, ndakwemeye kubwokubera ivyoeanditse.

  • Naho mwabagabo babatusi mwakenyeye mugomba empire HIMA, murazi icapa c’urya mugambwe mutinya cane CNDD-FDD n’intsinzi ko atamuntu numwe ariko,iyo empire HIMA ntayo muzoshikako, naho mwoshiramwo abakwe banyu bibihugu vya buraya.

  • emwe biragoye ivyamategeko nkeka amajambo yandikwa atariyo asomwa nabose. reka tubitege amaso

  • Urakoze cane wamuntuwe wanditse mwizina rya Twaje, uramfashije mukuru!

  • @ Sisi, reka kwinyegeza ubwoko bwawe uragaragara ko utari uwo wavuzw ko uri. Gusa "Igihe.com, mukwiye kuja muraraba neza neza ibintu vyandikwa hano. Rabe nk’ivyanditswe n’uwiyita Sisi, mubona vyari bikeiriye kurekwa bikakguma ngaha?? Be serious guys!!
    Nawe Sisi, ndakugaye incuro1000. Ivyo nivyo CNDD FDD ibigisha?? Kweli ntanisoni??? Ndumiwe pe kwumva hakiri umuntu yiyumvira ibintu nk;ivyo muri 2015

  • Umve ndagomba kubaz’uwariwe wese yonyishura iyo kereziya Ntoriqua nyeranda co kimwe na Pasifique N.Vitari,Pierre claver Mb. N’abandi n’abandi,kuva 1965 ah’inzirakarzngane zatzmagurwa atacamira barihe boba batari bwavuke?canke boba bic’amatwi ubu rero barambiwe n’abahutu izomaraya banse kurongora bakaguma basuterer’inda abana bacu ,uwoqhaka ambaze sur E-mail ou fcbk ndamudondagurire abakobwa batew’inda n’abo twita indongozi za Kareaiya nzobemanga ndanabatange n’amazina kuva kuri Musenyeri Madaraga Ntamwana,uwitavy’urupfu Nterere n’abandi dusab’Imana gusa Ikor’bikwiye kugira Amaraso y’a bene Burundi ntasubire kunyobwa n’imbwa ntitugir’ubukene ,inzara akarenganyo ngo twongere dusubiranemwo murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.