Accueil > Amakuru > u Burundi > AC Genocide isaba Leta gushinga umunsi wahariwe kwibuka abahitanywe (...)
AC Genocide isaba Leta gushinga umunsi wahariwe kwibuka abahitanywe n’ihonyabwoko
mardi 21 Rusama 2013
Nk’uko bama babigira, ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko ariryo AC Genocide Cirimoso bakaba kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 bafise inama mu Ngagara, aho bama bahurira minsi yose uko ukwezi guheze kuri iri genekerezo nyene rya 21.
Kubw’ishirahamwe AC Genocide Cirimoso, bavuga ko uyu munsi ku bwabo atari umunsi wo kuzura akaboze canke ube umunsi wo kwihorana. Ahubwo ni umunsi wo kuyaga kugira ako kabi gatanwe n’akabando.
Ishirahamwerero AC Genocide Cirimoso ryamye ryipfuza kuva kera ko hoba umunsi uhariwe kwibuka abarundi bose bagiye baricwa bazira akarenganyo canke bazira ubwoko bwabo, mu ntumbero yo kurwanya ako kaga ntikaze gasubire kwaduka mu gihugu cacu c’Uburundi, kugira tuze twubake Uburundi buzira urwanko n’inzigo.
Aristide Nizigire