Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Africa y’Epfo: Pistorius yemerewe gusubira kwidegemvya
 Africa y’Epfo: Pistorius yemerewe gusubira kwidegemvya
 Africa y’Epfo: Pistorius yemerewe gusubira kwidegemvya
				
				jeudi 28 Ntwarante 2013
Oscar Pistorius yagirizwa kwica umukobwa bakundana 
Umucamanza muri Africa y’Epfo yoroheje ingingo zari zafatiwe umunonotsi acitse amaguru yompi Oscar Pistorius, yagirijwe kugandagura umukobwa bakundana i muhira iwe mu kwezi guheze.
Uwo mucamanza Bert Bam yavuze ko ubu Pistorius ashobora kwidegemvya, ariko harivyo ategerezwa kwubahiriza, kuva muri Africa y’Epfo akitaba amahiganwa mpuzamakungu.
Uwo munonotsi yaremerewe kandi gusubira i muhira iwe i Pretoria. Pistorius avuga ko yarashe umugenzi wiwe Reeva Steenkamp yihenze yibaza ko yari umusuma yamwinjiranye.
Umushikirizamanza we avuga ko yamurashe yavyiyumviriye.
Floxella Karire
