Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo bariko baribuka abaguye mu bwicanyi i Marikana
 Afrika y’epfo bariko baribuka abaguye mu bwicanyi i Marikana
 Afrika y’epfo bariko baribuka abaguye mu bwicanyi i Marikana
				
				vendredi 16 Myandagaro 2013
Haraciye umwaka abantu 34 bahitwanywe n’amasasu yarashwe n’igipolisi i Marikana muri Afrika y’epho, imbere y’ikibanza bacukuriramwo ubutare bwa “Platine”, ubutare bwahingurwa n’umurwi w’abongereza Lonmin, ku birometero bishika 100 mu buraruko bwa Johannesburg. Aho hari kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro umwaka w’2012.
Hari igihe hariko imyiyamamazo ikomeye imbere y’ikibanza bacukuriramwo ubutare bwa Platine, igipolisi kirengewe n’imigumuko idasanzwe, gica kibasukamwo amasasu yatumye mbere haca hahasiga ubuzi abantu 34 n’agera kuri 78 barakomereka.
Ubwo bwicanyi bwabaye mu gihugu ca Afrika y’epfo intwaro rusangi itarashinga imizi, bwatumye abanyafrika y’epfo bahungabana. AMCU, syndika yanatumye iyo myiyerekano iba, kandi ikaba izwi cane yifadikanije n’amashengero atari make mu kwibuka abihanywe muri iyo migumuko no gusabira imiryango yasigaye.
Inyuma y’umugenzo wo kubasabira, harategekanijwe akanya k’umunota umwe wo kubibuka kw’isaha 8, kw’isaha mpuzamakungu, azoba ari iyo saha nyene intwazangabo zarasa abo bakora mu gisata gicukura ubutare i Marikana, bitavye Imana umwaka uheze nk’iri genekerezo nyene.
Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, n’aho atari yitavye ibirori vyo kwibuka abo bahitanywe n’amasasu arashwe n’igipolisi c’igihugu, i Marikana, yahamagiriye abanyafrika y’epfo kugira uwu munsi akanya ko kwiyumvira. Mw’itangazo yasohoye mu binyamakuru kuri uyu wa kane kuwa 15 Myandagaro, Jacob Zuma yagize ati : «Dutegerezwa gukora ibishoboka kugira ibintu nk’ivyo bigayitse vyabaye ntibisubire kubaho ».
I Marikana, ivyese, ibisabisho n’amajambo vyavuga kugarukana amahoro n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.
Mariella Bukuru
