IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Jacob ZUMA yatswe ijambo agitangura kuvuga mu nama (...)

Afrika y’epfo : Jacob ZUMA yatswe ijambo agitangura kuvuga mu nama nshingamateka

vendredi 12 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu gihe yariko ashikiriza ijambo abashingamateka ba Afrika y’epfo, mu bijanye n’imigambi afitiye igihugu muri uwu mwaka w’2016, umukuru w’igihugu Jacob ZUMA, inyuma y’amasegonda mirongo itatu gusa atanguye, yaciriwe mw’ijambo n’abashingamateka batavuga rumwe nawe. Habaye akajagari gakomeye mu nama nshingamateka ya Afrika y’epfo ku mugoroba wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2016.

Umukuru w’igihugu Jacob ZUMA yari yatumiwe mu nama nshingamateka ya Afrika y’epfo, kugira ashikirize ivyo ategekanya gukorera igihugu arongoye, muri uwu mwaka w’2016. Agitangura gushikiriza ijambo ryiwe, abashingamateka bakomoka mu migambwe itavuga rumwe nawe baciye batangura kumucira mw’ijambo, bavuza urwamo rurenga, mu nyuma mbere baca barasohoka iyo ngoro y’inama nshingamateka.

JPEG - 24.5 ko
Umukuru w’igihugu Jacob ZUMA

Abashingamateka bakomoka mu mugambwe Economic Freedom Fighters wa Julius Malema bari babanje gusaba umukuru w’inama nshingamateka kubumviriza, ibitashobotse, ari nakwo guca nabo bacira mw’ijambo umukuru w’igihugu.

Imbere y’inyubakwa y’inama nshingamateka ya Afrika y’epfo, hari hakoraniye abanyagihugu bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza igiturire bavuga ko cimonogoje muri Reta, hamwe n’amafaranga ya Reta yakoreshejwe n’umukuru w’igihugu Jacob Zuma mu gusubiramwo inzu yiwe bwite.

Icegeranyo c’ubugenduzi bw’ubutunzi bwa Reta cerekanye ko mu mwaka w’2014, Jacob ZUMA yakoresheje amafaranga ya Reta mu gutunganya iyo nyubako yiwe bwite, ivyo abatavuga rumwe nawe babonyemwo ubunyonyezi hamwe n’ugusesagura amatunga ya Reta, arikwo guca bashingisha urubanza muri sentare.

Mw’itangazo ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo vyashize ahabona, umukuru w’igihugu Jacob Zuma yamenyesheje ko yipfuza gusozera ivyo bibazo mu mahoro, asaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta ko yomubwira igitigiri c’amafaranga ategerezwa gusubiza mu kigega.

N’aho umukuru w’igihugu Jacob Zuma yemeye gusubiza mu kigega ca Reta ayo mafaranga, imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe nka Democratic Alliance (DA) na Economic Freedom Fighters wa Julius Malema, yabandanije kumenyesha ko izobandanya kwitura ubutungane.

Imigambwe itavuga rumwe na ANC wa Jacob ZUMA, yamenyesheje ko naho yosubiza ayo mafaranga, urubanza rwashingishijwe ruzobandanya kuburanishwa.


IGIHE

Messages

  • Ee!! nivyiz k natw abanyagihug tuza turahaguruka tukavug aho duhagaz mugih turiko turarenganwa nayahandi aba President bamw bamw ba Africa baramaz kwigir nkutu Mana

  • UWOMUNTU YAKIJAMBO UMUKURU WIGIHU NINDE CANKE PRESIDA NTIYIYERA NIBAYIYEMERA NACABAKORERAKO NTAHO VYAKABONETSE KANDI ABAKURU BIBIHUGU BATIYEMERA NIBO BAKWEZ IBI VYIMWIYEREKANO UBONA NAHO BITUGEJEJE NTUBON INKONA YIYEMERA KWIGUWA YARARA

  • @ INTAGOHEKA

    Uri ikijuju, kandi konzi NKurunziza yari yarekuye abana bo mumashure mato kwiga kubuntu, Navyo vyarakunaniye ? Uri Ntukibitabo pe. Igihe co gutwaza ibitugu no kwigira utumana caraheze. Urabaza Nkurunziza akubwire igituma atagisohoka icumba yahungiyemwo. Umukuru w’igihugu n’umukozi w’abanyagihugu. Nico Demokarasi isobanura. Babahenda gutwara iyo mida imbere ngo mugiye kugwana mutamenya nivyo mugwanira. Kutiga biragatsindwa pe!

  • Jamani Waafrika Ya Kusini, Kuweni Na moyo wa subira,ZUMA atawaripa kudhidi.

  • MBEGA NKUMUNTU YIYI INGOMA NTUZI KWINGOMA NSHOBORA KUYIKUBITA UKONDABISHAKA ?ICONAKUBONANYE NUKUTAMENYA GUSA KUVUZENGO NKURUNZIZA NTASOHOKA EREGA NIBAWARAHUNZE AGIYE NTIWOMUBONA KUKU MUGWANDA NIKURE CANKE KUDEDENVYE NGO TUGWANIRICO TUTAZI OHOMWAJA MWIBARABARA GUTURIRABANTU NAMAPINE NIBWOBWENGE ?MWESE MWAGOMBA KUBA BA PRESIDEN? UBUNAHO MURIKO MURABUNDABUNDA ?NDAGUTWENZE

  • MBEGA NKUMUNTU YIYITA INGOMA NTUZI KWINGOMA NSHOBORA KUYIKUBITA UKONDABISHAKA ?ICONAKUBONANYE NUKUTAMENYA GUSA KUVUZENGO NKURUNZIZA NTASOHOKA EREGA NIBAWARAHUNZE AGIYE NTIWOMUBONA KUKU MUGWANDA NIKURE CANKE KUDEDENVYE NGO TUGWANIRICO TUTAZI OHOMWAJA MWIBARABARA GUTURIRABANTU NAMAPINE NIBWOBWENGE ?MWESE MWAGOMBA KUBA BA PRESIDEN? UBUNAHO MURIKO MURABUNDABUNDA ?NDAGUTWENZE

  • AFRICA DUKENEYE INTWARI NKA NKURUNZIZA ASADE MUGABE NGESSO KADAFI APANA ABANYABWOBA NKA BENAL MUBARACK EKABOBOSE BAGIYE BARAHUMWANY UMWASI MUKUBAREKA BAKAGIRIMWIYEREKANO MUBISAGARA.IBURUNDI CARAKEMUTSE UBU BIGEREYIMAHAMA KWIRINTENTE NUBUYI

  • AFRICA DUKENEYE INTWARI NKA NKURUNZIZA ASADE MUGABE NGESSO KADAFI APANA ABANYABWOBA NKA BENAL MUBARACK EKABOBOSE BAGIYE BARAHUMWANY UMWASI MUKUBAREKA BAKAGIRIMWIYEREKANO MUBISAGARA.IBURUNDI CARAKEMUTSE UBU BIGEREYIMAHAMA KWIRINTENTE NUBUYI

  • WEWE UZIGUTUKANA WITW INGOMA TWEBWE TUGWANIRICOTUZISHA NTIWIBIBESHE.KANDI NIBURIMUBURUNDI NDAGUTUMIYE KURUNOMUSI WAGATANDATU 13 2 2016 KUMUSI MUKURU MINTWARI KARIBU KURI ATENNE PRIMERE URAHAWIKAZE

  • niwihangane muta kuko nticitwara

  • NTAKUNDI NIWIHANGANE KUKO NTACITWARA

  • egooo,ntiyirigwe aragorana naho yoyariha ategerezwa kubandanya akurikiranwa n’ubutungane,kugira umunyagihugu wese atunganirizwe,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.