IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Jacob Zuma yemeye gusubiza mu kigega ca Reta amafaranga (...)

Afrika y’Epfo : Jacob Zuma yemeye gusubiza mu kigega ca Reta amafaranga yagirizwa

mercredi 3 Ruhuhuma 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’Epfo, Jacob Zuma, yemeye gusubiza imiriyoni 23 z’amafaranga y’amadorare ya Amerika, ayo mafaranga Reta ya Afrika y’epfo ikaba yayakoresheje mu gusubiramwo inzu bwite y’umukuru w’igihugu Jacob Zuma, iherereye ahitwa Nkandla, mu ntara ya KwaZulu-Natal.

Icegeranyo c’ubugenduzi bw’ubutunzi bwa Reta cerekanye mu mwaka w’2014 ko Jacob ZUMA yakoresheje amafaranga ya Reta mu gutunganya iyo nyubako yiwe.

Mw’itangazo ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo vyashize ahabona, umukuru w’igihugu Jacob Zuma yamenyesheje ko yipfuza gusozera ivyo bibazo mu mahoro, asaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta ko yomubwira igitigiri c’amafaranga ategerezwa gusubiza mu kigega ca Reta.

JPEG - 40.3 ko
Jacob ZUMA

Ayo mafaranga agera ku miriyoni 23 z’amadorare ya Amerika aronderwa kuri Jacob Zuma yakoreshejwe muvyo bise gukomeza umutekano wo ku rugo bwite bw’uwo mukuru w’igihugu, mu vyakozwe hakaba harimwo ukwongerako ubwogero (Piscine), ikibanza c’ukwidagadura hamwe n’uruzitiro rw’ubworozi bwiwe, ariko ayo yose akaba yakuwe mu makori y’abanyagihugu.

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi nka Democratic Alliance (DA) na Economic Freedom Fighters wa Julius Malema, yabandanije kumenyesha ko izobandanya kwitura ubutungane, naho umukuru w’igihugu yemeye gusubiza iryo tunga ry’igihugu ryakoreshejwe mu bikorwa bitari ivy’igihugu.

Tubamenyeshe ko Julius Malema wo mugambwe Economic Freedom Fighters utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Jacob Zuma ariwe yatanguje isekeza bise #PayBackThemoney (Subiza ayo mafaranga), isekeza ry’ugusaba umukuru w’igihugu Jacob Zuma ko yosubiza mu kigega ca Reta amafaranga yakoreshejwe mu gusubiramwo inzu yiwe bwite, atari iy’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.