IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Umunyamahanga agira gatandatu yishwe

Afrika y’epfo : Umunyamahanga agira gatandatu yishwe

samedi 18 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Igiporisi ca Afrika y’epfo camenyesheje ko hari uwundi munyamahanga agira gatandatu yishwe, kuri uno wa gatanu.

Uwo yishwe akaba atawuramenya amamuko yiwe, akaba yishwe atewe n’akagwi k’abantu ku rugo iwe ruri mu ntara ya KwaZulu –Natal. Muri iyo ntara igiporisi kikaba caramaze guhagarika abantu 112 biturutse kuri iyo mishamirano hagati y’igiporisi, abanyamahanga hamwe n’abanyagihugu basanzwe baba muri ako karere.

Kuri uno wa gatanu, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Afrika y’epfo n’ayandi makungu hamwe no gushigikirana Nkoana-Mashabane yaciye ahura n’abasanzwe baserukira ibihugu vyabo aho muri Afrika y’epfo, bakaba bahuriye i Pretoria, abemerera ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira ubwo bwicanyi buhagarare.

Tubibutse ko aho muri Afrika y’epfo, abanyamahanga bicwa bunyamaswa n’imipanga, amahiri. Ivyo rero bikaba bishitse inyuma yaho, umwami w’abazoulou Goodwill Zwelithini, avugiye ko abanyamahanga babwirizwa kwomorwa. Kuva ico gihe abanyamahanga bagera ku gihumbi b’abanyafrika bakaba baciye bata izabo barahunga, bamwe baja gusaba indaro mu giporisi, abandi biyugaraniye mu mazu yabo.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.