IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Afrika y’epfo yiteguriye gushigikira amatora mu Burundi

Afrika y’epfo yiteguriye gushigikira amatora mu Burundi

lundi 28 Ndamukiza 2014

Ubuserukizi bw’iguhugu ca Afrika y’epfo bwahimbaje imyaka 20 inyuma yaho habaye amatora ya mbere ya bose yashize Nelson MANDELA ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’epfo. Ico gihugu cipfuriza abarundi amatora meza, kandi bakamenyesha muri ubwo buserukizi ko bagiye no gufasha mu matora ategekanijwe mu mwaka w’2015 mu Burundi.

Mu majambo yose yashikirijwe, bagaruka ku bihe bigoye ico gihugu caciyemwo. Uwuserukira Afrika y’epfo mu Burundi yamenyesheje ko igihugu ciwe caciye mu bihe bigoye imbere y’uko gishika aho kigeze ubu. Oupa MONARENG yabandanije avuga ko amatora ya mbere yabaye kuwa 27 Ndamukiza 1994 ariyo yahinduye ibintu muri ico gihugu. Kuri iyo tariki niho Nelson MANDELA yatorwa haca hasezerwa ya ntwaro ya karyanisha miryango yari imaze imyaka yiziziye ico gihugu ca Afrika y’epfo. Uwo aserukira Afrika y’epfo i Bujumbura Oupa MONARENG, yaheraheje ijambo ryiwe amenyesha ko Afrika y’epfo ubu iriko iritegurira amatora y’umukuru w’igihugu kuri uwu wa ndwi Rusama. Yaboneyeho akaryo ko kwifuriza Reta n’abarundi imyiteguro myiza y’amatora yo mu mwaka w’2015, mbere aca amenyesha ko ico gihugu kizofasha mu gutunganya ayo matora mu Burundi.

Uwari yaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori, yarashimye ukuntu Afrika y’epfo ibandanya ishigikira imigambi yose y’iterabwere mu Burundi. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Albert NSHINGIRO yamenyesheje ko ico gihugu cafashije cane mu kugarukana amahoro mu Burundi mu gihe Nelson MANDELA yari ahagarariye ibiganiro ry’amahoro vyashikanye abarundi ku masezerano y’amahoro y’i Arusha muri Tanzaniya.

Ivyo birori bikaba vyatumiwemwo abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, n’abategetsi bo muri Reta y’Uburundi.


Patrick Wasso

Messages

  • Afrika yepfo Mudafashe umwanyawamberenyene natwe abarundi ntitwovyemera South Africa na Tanzania tuzobakenera mugihecamatora muzobehafi yabarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.