Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika yepfo : Amagara ya Jacob Zuma yifashe neza inyuma y’ugusohoka (...)
 Afrika yepfo : Amagara ya Jacob Zuma yifashe neza inyuma y’ugusohoka ibitaro
 Afrika yepfo : Amagara ya Jacob Zuma yifashe neza inyuma y’ugusohoka ibitaro
				
				jeudi 12 Ruheshi 2014
Amakuru yo kwizerwa yatanzwe n’umwe mu batambukanyi b’umukuru w’igihugu ca Afrika yepfo amenyesha ko Jacob Zuma ameze neza inyuma y’aho yari yinjijwe ibitaro biturutse ku buruhe yagize.
Nk’uko bivurwa n’ikigo Agence SAPA, Bongi Ngema-Zuma, umwe mu bakenyezi ba Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika yepfo yamenyesheje ko amagara y’umutamufasha wiwe ameze neza, ariko ko gusa ko akeneye akaruhuko, kubw’uburuhe yari afise.
Inyuma y’aho ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo bitangarije ko Zuma yinjiye ibitaro, ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 7 Ruheshi 2014, bivuye ku buruhe yagize, hasohotse itangazo rivuga ko Jacob Zuma ameze neza ubu.
Umukuru w’umugambwe ANC wa Jacob Zuma uri ku butegetsi akavuga ko abaganga basanzwe bakurikirana ubuzima bw’umukuru w’igihugu bavyifashemwo neza, mu gukurikirana amagara yiwe. Bikavurwa ko yoba yari yagize uburuhe bwinshi bwamufatiye kw’izosi, bivuye ku mwanya w’amatora ico gihugu caherukamwo, bica bimutuma agira ububabare budasanzwe bwanatumye yinjira n’ibitaro.
 
- Jacob Zuma
Abaganga bakaba basavye Jacob Zuma ko yobandanya afata akaruhuko gushika kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi 2014. Akazoba ariwo munsi azoseruka imbere y’inama nshingamateka, kugira arahira mu mabanga yo gusubira kurongora igihugu.
Mwibuke ko Jacob Zuma yari amaze igihe ari mu myiyamamazo y’amatora w’umukuru w’igihugu yanamutwaye umwanya ariko arayitegurira, umugambwe wiwe akaba ariwo wanatahukanye n’intsinzi y’amajwe agera ku bice 62 kw’ijana.
Mariella Bukuru

Messages
13 Ruheshi 2014, 03:49, par Mama
Turakomeza gushimira imana kwumva ko perezida wa South Africa Jacobo Zuma yavuye mubitaro akabakomeje kumererwaneza.
13 Ruheshi 2014, 12:29, par philbert
Imana ishimwe cane