IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Agashimwe ka Denise Nkurunziza n’aka Jonathan Nkurunziza buratandukanye

Agashimwe ka Denise Nkurunziza n’aka Jonathan Nkurunziza buratandukanye

vendredi 5 Mukakaro 2013

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, yafashe akanya kugira atange umuco kw’ihabwa umudari ry’umutambikanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi umupfasoni Denise Bucumi-Nkurunziza.

Willy Nyamitwe amenyesha ko umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ari umurundikazi, kandi nawe nyene ashimirwa nk’abandi bose baba bakoze ibintu vyiza mu gihugu. Abandanya avuga ko ivyaranguwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu mw’ishirahamwe Ubuntu, ko bitogenda ukwo kandi ari ibintu vyiza vyakozwe, mu gihe n’amakungu akenguruka cane ibikorwa na Denise Nkurunziza. Ivyo rero bikaba vyavuzwe mu gihe abantu batandukanye bagize ico bavuze kuri ako gashimwe yaronse, aho imigambwe iri mu yitavuga rumwe na Leta yiyamirije ako gashimwe, ndetse bo bakavuga ko ahubwo Uburundi buriko busubira mu ntwaro za cami, na rirya ku nwa 1 Rusama, aho hariko hahimbazwa umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, umwe mu bana b’umukuru w’igihugu yashimiwe kuba yarakoze neza. Eka ndetse n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike baragize ico bavuga kuri ubwo bushimwe buronka bamwe mu bagize umuryango w’umukuru w’igihugu.

Nyamitwe yabandanije abarira abanditsi n’abanyamakuru ko, abaronka udushimwe ku rwego rw’igihugu, batorwa hisunzwe itegeko inomero 1/15 ryo ku wa 29 Ruheshi 2012, rigena itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’abaronswa udushimwe ku rwego rw’igihugu, abantu rero bagaheza bagatorwa hisunzwe ivyo umurwi ujejwe gutora abo bahabwa ubushimwe baba bisunze. Willy Nyamitwe rero akavuga ko abagereranya agashimwe karonse Jonathan Nkurunziza umwana wa Petero Nnkurunziza umukuru w’igihugu na Denise Nkurunziza umupfasoni wa Kizigenza, ko bihenda rwose, kuko Jonathan Nkurunziza yashimiwe na se kuko ari umwana yitwaye neza mu muryango, ndetse akabera akarorero abandi.

Uyo mwana akaba ataho yigeze aseruka mu bantu baronkejwe udushimwe baciye mu nama nkuru ijejwe gushiraho urutonde rw’abantu bashimirwa, nk’uko uyo murwi uriho kuva mu mwaka w’2012, kugira abarundi bakora neza bashimirwe, maze bagaheza bagaha icirwa abandi, n’abo bagaheza bagakora cane kugira baze bashimirwe ubutaha.


Aristide Nizigire

Messages

  • Izo nsiguro ziratomoye rwose kiretse kubadashaka kuzumva bamenyereye kubona iminsi yose ikibi. Mugabo nibaza ko imbere yo gushikiriza ico arico cose ku ma radio no mu binyamakuru mwene abo bantu bobanza gutohoza cane ntibatume ababumviriza bajana nyabahururu kandi kugira berekane umutima wo gukunda igihugu cabavyaye, kikabigisha ku buntu, nubu kikibakingiye.

  • Something that I don’t understand, none umwana yitwaye neza mu muryango ashimirwa kuri stade? Ari umwana yitwaye neza akabera akarorero abandi ashimirwa muri famille n abandi bana bari ngaho, se na nyina bakamuvugiriza impundu. Kuba rero bitaragenze uko, nukuvuga ko mu burundi abantu bitiranya affaire familiale(family affairs) na official affairs (biriya bibera kuri stade ni mu izina ry igihugu not mu izina rya family ya Nkurunziza Peter). Willy Nyamitwe please make sure that next time you are not confused to that extent.

  • Umwana yakoze Neza nivyiza kumushimira imbere yamakungu. Bega ko mwanza Umwana wa perezida ategerezwa gushimigwa official Koko na perezida ashimigwa official. Well done Jonathan !!

  • C’est tout simplement scandaleux. Le pauvre Jonathan doit s’en amuser mais sincèrement, l’épouse n’aurait pas dû accepter.
    Cependant, il faut parfois tenter de comprendre: ce n’est pas parce que l’on a gagné la guerre qu’on devient champion en politique.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.