IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Akanyamuneza kakataraboneka i Bujumbura ku ntsinzi y’Intamba mu (...)

Akanyamuneza kakataraboneka i Bujumbura ku ntsinzi y’Intamba mu rugamba

dimanche 19 Nzero 2014

Inyuma y’intsinzi y’umurwi w’Intamba mu rugamba ku murwi nserukiragihugu wa Mauritanie, akanyamuneza kari i Bujumbura ntikari gasanzwe muri iri joro rya keye. Uri abana, abakuza, bose inyuma y ‘urukino, bose bihaye amabarabara baririmba batamba batarika.

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu, kuva isaha zibiri z’ijoro, abantu benshi bari imbere y’imboneshakure bakurikira urukino rw’Uburundi na Mauritanie mw’ihiganwa rya CHAN 2014. Uciye mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura, hari akaruru k’abariko barakurikirana urwo rukino. Cane cane ku minota ya 12 na 61 y’urukino aho Abdoul Fiston na Christophe Nduwarugira binjiza ibitsindo vy’umurwi, induru y’akanyamuneza niyo yasirana muma karatiye.

Mu gihe umurwi wa Mauritanie ugomboye ivyo bitsinzo, abarorerezi basa n’abacitse intege, bijiriwe haba mu bunywero no mu ngo. Aho kizigenza w’Intamba mu rugamba, Selemani Nduwimana yahusha « penalties », akababaro kari kwose. Ariko ku munota wa nyuma w’urukino, Selemani Nduwimana yinjije igitsindo, urwamo rwinshi rwaciye rutangura kwasana. Umuhagarikizi avugije ifirimbi yanyuma y’urukino, abantu baciye biha amabarabara.

Nubwo bwari bwije, abantu buzuye akamwemwe kenshi, bihaye amabarabara. Imvyino nyinshi zihayagiza umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba, abakinyi binjije ibitsindo (Fiston, Christophe na Selemani). Abana agatuza hejuru, abakuze uko nyene, bose batamba mu mabarabara muma karatiye yose ya Bujumbura kuva mu Buraruko gushika mu Bumanuko bw’igisagara.

Imiduga, amakinga, amapikipiki ntiyatanzwe gukorokerezwa mw’ibarabara ziguma zivuza amafirimbi, abantu bazurira indirimbo zitabava ku munwa. Ndetse bamwe bakaba baciye batangura kwiha agacupa kubera umunezero.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.