IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Akanyamuneza karabasya ,mu gihe basubijwe mu kibanza bahora (...)

Akanyamuneza karabasya ,mu gihe basubijwe mu kibanza bahora bakoreramwo

mercredi 28 Myandagaro 2013

Indirimbo z’imana ,intambo n’imvyino, umunezero ntangere ni vyo vyaranga abahora badandariza mu kibanza cahora ari le grenier du Burundi. Basubijwe mu bibanza bahora bakoreramwo, iisoko itarasha haraheze amezi munani.

Ikibanza le grenier du Burundi ubu kizwi kw’izina rya Grocery store fruits and vegetable, cuguruwe icese kuri uno musi wa gatatu igenekerezo rya 28 Myandagaro nk’uko vyari vyamenyeshejwe n’umuyobozi w ‘igisagara ca Bujumbura Saidi Jjuma.
Ikibanza le grenier du Burundi cari kimaze amezi munani cugaye kuva isoko ihiye, kikaba cuguruwe icese n ‘ubuyobozi bw ‘igisagara ca bujumbura. Akanyamuneza, amarira, intambo n‘indirimbo zo gushimira Imana nivyo vyaranga abadandaza bariko baratangura kwanda ibidandazwa vyabo, aho muri ico kibanza Grocery stiore fruits and vegetables cahora ari le grenier du Burundi.

Nk’uko tubibwirwa nabo badandaza b’ivyamwa n’imboga, bavuga ko akanyamuneza ari kenshi, barashimira cane ubuyobozi bwa mairie ya Bujumbura bwabagarukiye bukabakura mw ‘ibarabara. Umupfasoni Anastasie arongoye umurwi w ‘abadandaza bo ngaho muri le grenier, ati ni akanyamuneza ntangere kubona buri mudandaza wese yasubijwe mu kibanza ciwe yahora akoreramwo kandi ata na manyanga yibonekeje.

Uwujejwe kumenyesha amakuru muri mairie ya Bujumbura Ferdinand Nzambimana, yariko aranateza ndetse igikumu abadandaza,ku masezerano ni ukuvuga abakwijije ivya ngombwa ari vyo igitabo c ‘ubudandaji registre de commerce hamwe na NIF ,avuga ko muri co kibanza biteze kwakira abadandaza 217, kandi ko abahora badandariza muri co kibanza ari bo nyene bahasubira gusa. Ku kwezi bakazoriha amafranga 20000 y ‘amarundi, nk’uko bahora bariha.

Hakaba hari abadandaza batari bwaronke amafranga yo gukwiza ivyangombwa, ariko nabo baza barashika umwe umwe agaca atera igikumu ku masezerano hanyuma agaca ahabwa ikibanza ciwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.