Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akayoga ni nkura mu mubindi ndagukure mubagabo !
 Akayoga ni nkura mu mubindi ndagukure mubagabo !
 Akayoga ni nkura mu mubindi ndagukure mubagabo !
				
				lundi 18 Ruhuhuma 2013
Abantu barakunda akayoga muga rimwe na rimwe haraho kabatesha ibanga.
Mu bufaransa mu mpera z’iyindwi mu gisagara ca Pamiers hari umugabo w’umusirikare yari yaborewe ,atashe yibagira imuhira iwe n’akaborerwe n’akantu yinjira mu nzu imwe iri hafi y’iyiwe agira ngo ni muhira ashika yinjira muri chambre aryama iruhande y’umugore atazi ariko we yibwira ko ari iruhande y’umugore wiwe.
Uwo mugore yari yamaze gusinzira ashika amuvyura uwo nawe ati mbega uyu amvyura ni nde ko atawe tubana ? agize atya asanga n’ ikigabo kiryamye iruhande yiwe. Niho yaca aja kwitwara, uwo mugabo ashitse imbere y’urukinja yisiguye ko yihenze yagira ngo n’ imihira iwe urubanza ruracacibwa niyatsindwa azoca ahanirwa ko yafashe uwo mugore ku nguvu nuko yinjiye inzu itari rwiwe.
Sylvère Bavumiragiye
