Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algeria: Perezida Bouteflika ari mu bitaro
 Algeria: Perezida  Bouteflika ari mu bitaro
 Algeria: Perezida  Bouteflika ari mu bitaro
				
				lundi 29 Ndamukiza 2013
Abategetsi bo mu gihugu ca Algeria batangaje ko perezida Abdelaziz Bouteflika, yagize ingoraze z’amaraso adashika mu bwonko.
Bavuga  kandi ko mur’iki gihe ariko aravurirwa mu bitaro vyo mu gihugu c’Ubufaransa.
Umushikiranganji wa mbere Abdelmalek Selial, yaremeje iyo nkuru ku musi wa gatandatu,  yamara akaba yavuze ko perezida ataremvye cane. Yavuze  kw’imitsi ya perezida yazivye mu kanya gatoyi ku musi wa gatandatu, ariko ngo mur’iki gihe ariko araruhuka, mu kurundira ibipimo, abaganga bakoze.
Umushingantahe Bouteflika yitwaye igihugu ca Algeria kuva mu mwaka w’1999, kandi amakuru atangazwa avuga kw’amagara yiwe atar’ameze neza mur’iyi myaka iheze.
Umushingantahe Bouteflika yari yatanguje imigambi mishasha yo kunagura politike mu mwaka w’2011, inyuma y’aho abanyagihugu bakoreye imyiyerekano imeze nk’imyiyerekano yabaye mu bihugu vy’abarabu.
Igihugu ca Algeria kiri mu bihugu vyo muri Afrika bitunze, kandi kiri mu bihutu vya mbere biha ibihugu vy’ibulaya imyuka ya Gas.
Floxella Karire
