Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amabanga mpuzabitsina aruhura umutwe
 Amabanga mpuzabitsina aruhura umutwe
 Amabanga mpuzabitsina aruhura umutwe
				
				jeudi 7 Ntwarante 2013
Ku bubatse vyoba bishika umugabo akavuga ko adashobora kurangura amabanga y’abubatse kuko yumva amenetse umutwe cane. Vyoba bimaze kugushikira ko umucance wawe akubwira ati : «Wihangane ntashe ndushe, menetse umutwe cane ngira nduhuke?»
Vyiza woca umubwira ko ahubwo kurangura amabanga mpuzabitsina arivyo biza kumuruhura uwo mutwe umubangamiye.
Birashika ko azoca atangara cane akibaza ko atampuwe umufitiye, ariko ni ivyukuri kuko abahinga bo mu gihugu c’Ubudagi baragize ubushakashasti hanyuma batangaza ko amabanga mpuzabitsina aruhura umutwe, ngo n’aho umuntu yoba amenetse umutwe ku rugero rurenze.
Abaganga b’abahinga mu vy’imitsi bo mu gihugu c’Ubudagi bavuga ko bamaze kuronka ababitura bagera ku 800 bakarirwa no kumeneka umutwe urenze (migraine). Abo baganga baciye bagira ivyirwa ku 200 muri abo barwayi kandi ngo baremeje ko « kurangura amabanga mpuzabitsina ari umuti ukomeye gusumba ibinini vy’umutwe (ibuprophène), mu kugabanya canke mbere no mu kuwukira burundu.»
Abo barwayi ngo bakaba bari babajijwe kangahe bakoze amabanga mpuzabitsina bamenetse umutwe n’ingaruka vyabagiriye bahejeje. Babiri kuri batatu muri bo bakaba bishuye ko« inyuma yo kurangura ayo mabanga, umutwe uca ugabanuka», umwe kuri bane nabo bavuga ko umutwe uca ukira burundu.»
Inyuma y ‘ ivyo vyirwa, abo baganga b’abahinga baciye bavuga ko inyishu baronse zerekana ko kurangura amabanga mpuzabitsina bishobora gufasha ku ruhurira umutwe .Kubwabo rero ngo kugira amabanga mpuzabitsina umenetse umutwe ntivyofatwa nk’igikorwa ataco kimaze.
Ariko rero abagabo bafise ingorane zo kumeneka umutwe cane iyo bahejeje kugira amabanga mpuza bitsina, uwo muti ntubaraba, kuko abo ngo bafise iyindi ngorane bisangije kandi ivyo ngo iyo ngorane ishikira umuntu umwe kw’ijana.
Ivyo rero ntibisigura ko abagabo boca baza baragora abakenyezi babo bitwaza ko bamenetse umutwe, ivyo arivyo vyose bibwirizwa gukorwa mu mwunvikano kugirango urugo ntirusambuke , canke ngo bivemwo uguhohotera abakenyezi mu rugo.
Ikindi n’uko ubwo bushakashatsi bwagizwe ku bagabo b’abadagi, ntawuzi neza rero ko abantu bose bameze kumwe, twizere ko abaganga b’abarundi, canke bo muri kano karere bazogira ubushakashatsi muri ico gisata kugirango bavyemeze canke babihakane.
Marie Claire Ingabire

Messages
12 Ndamukiza 2015, 22:07, par ndikumana michel
jewe mfise ibazo kuberiki jew iyo mpejeje kurangura ambanga mpuzabitsina ncansinzira yobo aricokimwe nuyo ameneka umutwe?
12 Ndamukiza 2015, 22:08, par ndikumana michel
jewe mfise ibazo kuberiki jew iyo mpejeje kurangura ambanga mpuzabitsina ncansinzira yobo aricokimwe nuyo ameneka umutwe?
23 Mukakaro 2015, 21:55, par Ndihokubwayo Venant
Ivyo Birakaunda Kunshikira.Ko Hari Igihe Madam Akenera Gukora Amabanga Yabubatse Nanje Ntabishaka Nagato Noca Ngira Iki?
24 Munyonyo 2015, 16:12, par josué
nibagerageze
30 Ruheshi 2016, 19:16, par Anaclet
Jewe Iyo Mpezeze Kubikora Ndamererwa Neza Atangorane
30 Ruheshi 2016, 19:19, par Anaclet
Jewe Iyo Mpezeze Kubikora Ndamererwa Neza Atangorane
18 Nyakanga 2016, 10:01, par Alex
Iyinkuru iranyigishije ariko umutindigushakantabwonawubonye,kuko ndatsamura noguphuna