IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amabarabara atatu kuri ane ava mu gisagara ca Bujumbura yarononywe (...)

Amabarabara atatu kuri ane ava mu gisagara ca Bujumbura yarononywe n’imvura

vendredi 28 Ruhuhuma 2014

Amabarabara atatu kuri ane ava mu gisagara ca Bujumbura yinjra hagati mu gihugu arageramiwe, mu gihe yononywe n’imvura muri izi ndwi zibiri ziheze. Hamwe atacokorwa, agashobora kwonona ibitari bike, mu gihe amwe amwe aja yaramanyutse, ahari ikaburimbi ukahasanga isi y’ivu ariyo iri hejuru.

Akarorero akaba ari ibarabara RN7, riva mu gisagara ca Bujumbura rija mw’Ijenda, ibarabara RN3 riva i Bujumbura rija mu Rumonge, hamwe n’ibarabara rya RN1, riva mu gisagara ca Bujumbura rija mu ntara z’Uburaruko. Ayo mabarabara yose ubu akaba yarononekaye, kubera imvura iguma irwa, ari nyinshi. Irisigaye rihendahenda, ahaba ari ibarabara riva mu gisagara ca Bujumbura rija mu ntara za Cibitoke na Bubanza.

Imvura yaguye muri izo ndwi zibiri ziheze yarasongereye isibe mu kwonona ayo mabarabara. Ibarabara rya Bujumbura Ijenda, ryarononekaye ku birometero bibiri gusa uvuye ku Musaga, aho iryo barabara ryamanyutsemwo kabiri, igice kimwe kikaba cabaye isi y’ivu. Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radiyo Isanganiro, akavuga ko abanyagihugu aribo babaye barategura akayira imodoka zicamwo, mu kurindira ko abashinwa basubira kurisanura.

Amakenga akaba ari menshi kuri abo baba mu micungararo y’iryo barabara, kuko hamwe ritosanurwa, imiduga minini ihaca mu gihe irya Bujumbura Bugarama ryugaye, ishobora kubahitana, nka hamwe atacokorwa mu maguru masha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.