IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amabi y’ubwicanyi aguma y’ibonekeza mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi

Amabi y’ubwicanyi aguma y’ibonekeza mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Mu ntara ya Kayanza abantu batatu nibo bishwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Ruhuhuma umwaka w’2013 mubu cagucagu isaha 11 zo mu gatondo bakaba bishwe na grenade ku gatumba Mugoyi muri Komine Kabarore mu ntara ya Kayanza.

Mu ntara ya Bururi naho, hari umusore yari yagirizwa ko yishe umumwigisha wo kuri Lycee communal y’I Gahama muri komine Bururi akaba yaciye afatwa kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2013 n’igiporisi ca komine Mabanda mu ntara ya Makamba. Urubanza rwiwe rukaba rwaciye rw’ungururizwa muri sentare y’I Bururi.

Mu ntara ya Kirundo hari umupfasoni yafasahwe kuva hirya y’ejo akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu Kirundo. Uwo mupfasoni yagirizwa ko yaturiye inzu babamwo. Umugabo wiwe yar’ari muri iyo nzu yarashoboye kuyisohokamwo ariruka ariko umuriro yaratokombeje inzu yose ntaco barokoyemwo nkuko dukesha ayo makuru bagenzi bacu bakorera rtnb.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.