IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amahuriro COSYBU na CSB y’amasendika yose y’abakozi arahagurukiye ikibazo co (...)

Amahuriro COSYBU na CSB y’amasendika yose y’abakozi arahagurukiye ikibazo co kunganisha imishahara

vendredi 7 Kigarama 2012

Amashirahamwe mpuzama sendika CSB na COSYBU ariyamiriza ingingo y’ubushikiranganji bw’akazi yo kunganisha imishahara ku bakozi. Ayo mashirahamwe yo abona ko ari uguhuma amaso abakozi atari umugambi wo kubateza imbere.

Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 kigarama 2012, agaruka ku nyishu zagiye ziratangwa kubibazo vy’abakozi kubijanye n’ibibazo vy’abakozi bijanye n’uturusho n’inganishwa ry’imishara. Ngo vyagiye biribonekeza ko atakarusho biha umukozi kuko haguma hari ubusumbane bw’imishahara ku bakozi banganya ubumenyi n’imyaka y’akazi batandukanijwe n’ibisata bakoramwo vya reta ariko umukoresha arumwe: ubushikiranganji bw’akazi.

Ayo mashirahamwe akabona ko hagumye ishavu kubakozi rifatiye kuri ako karenganyo.
Ayo mashirahamwe ahuza abakozi bose avuga muri iryo tangazo ati‘’Umushikiranganji w’akazi yamwe ari intamabamyi naho reta yoyo yakoze bimwe bimwe vyofasha ko ukuri kumenyekana, yarashizeho umugwi mu 2009 wiga ibijanye n’ukunganisha imishahara ariko gushika ubu nta cegeranyo twigeze turonka’.

Ayo mashirahamwe atangazwa kandi n’uko ngo reta yarondeye abahinga bo guhindura ibijanye n’akazi ka reta kandi amasendika vyege bagashijwe inama canke ngo baterere ivyiyumviro. Bagatangazwa n’uko umushikiranganji yagumye ashaka kwaka abakozi uturusho bari basanganywe tujanye n’uburambe mukazi.

Kubw’ayo mashirahamwe, ivyo bija kubiri n’amategeko y’akazi hamwe n’amasezerano mpuzamakungu kubijanye n’ugufata kumwe abakozi no kurwanya ikumira iryariryo ryose mukazi. Annociata Sendazirasa aramutswa ubwo bushikiranganji akagirizwa kuba ariko afata ingingo atarindiriye icegeranyo c’abo bahinga kuvyo bazoshikiriza bijanye na polotike y’imishahara, ko aterekwa kandi ari intambamyi y’ibiganiro hagati y’ayo mashirahamwe na reta, ko ariko aracanishamwo abakozi mu gusuzugura abo mu bisata bimwe bimwe nk’abigisha n’abaforoma.

Amahuriro y’abakozi bose CSB na COSYBU agasaba ko reta yotanguza ibiganiro biciye ku mushikiranganji w’akazi nyene, guhagarika inyifato yo kudadaza mu gutora umuti wibibazo vy’abakozi, ko yohagarika gucanishamwo abakozi bakabafata kumwe bafatiye ku bibahuza. Basaba abanywanyi babo kuguma bafatanye munda kugira bashobore kurwanira agateka kabo.

Iryo tangazo ryasohotse inyuma yaho sendika y’abaforoma ihagarikiye akazi kuva kuri uyu wa mbere isaba ko uburusho bwabo butokakazwa kuko bavuga ko ukunganisha imishahara kugamije gukuraho ubwo burusho. N’amasendika ahurikiyemwo abigisha yaragabishije ko ari hamwe reta itoshira mungiro ivyo basezeranye abigisha bazotanga ibibazo bagakosora ariko ata manota y’abanyeshure bazotanga.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.