Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amajwi agera kuri 75 kw’ijana niyo Mugabe yoba yaronse
 Amajwi agera kuri 75 kw’ijana niyo Mugabe yoba yaronse
 Amajwi agera kuri 75 kw’ijana niyo Mugabe yoba yaronse
				
				vendredi 2 Myandagaro 2013
Ivyavuye mu matora mu gihugu ca Zimbabwe biratanguye kunurwanurwa ko Robert Mugabe yoba yaronse amajwi ari hagati ya 70 na 75 kw’ijana.
Nk’uko nawe nyene yari yagiye aravyivugira mu makoraniro atandukanye, Mugabe yari yavuze ko hamwe yotsindwa azoheba. Umugambwe wiwe Zanu-PF rero ukaba uzoba ufise bibiri vya gatatu mu nzego nka zose zizoba zirongoye igihugu nk’ukovyavuzwe n’umuvugizi w’umugambwe wa Mugabe.
Rugero Gumbo avuga ko intsinzi imota mu mugambwe wabo, kandi ko Mugabe kubandanya arongoye igihugu bigaragara. Ku myaka 89 y’amavuko, Robert Mugabe akaba azoba arongoye igihugu ku ncuro igira iyindwi, mu gihe atwaye ico gihugu kuva cikukira mu mwaka w’1980.
Aristide Nizigire
