Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Amasanamu y’ururirirmbo "Inzingwa" agiye gusohoka vuba
 Amasanamu y’ururirirmbo "Inzingwa" agiye gusohoka vuba
 Amasanamu y’ururirirmbo "Inzingwa" agiye gusohoka vuba
				
				lundi 27 Nzero 2014
Umuziki w’abaririmvyi Chris na Junior uteye ku ntambwe ishimishije. Inyuma y’ururirimbo baririmvye bashimagiza abavyeyi babo, ubu bariko bategura amasanamu y’ururirimbo “Inzingwa”.
Inzingwa ni ururirimbo rushasha ruherutse gusohorwa n’abana Chris na Junior, barukoranye n’abaririmvyi Magic na Dauphin. Amasanamu yarwo ariko ategurwa na Sky Music Studio, nk’uko indirimbo zabo zose zama zikorerwa muri iyo nzu itosora amasanamu. Iyo sanamu ije ikuirikira iyaheruka gusohoka nziza cane y’ururirimbo "My mama", abo bana baririmvye bahayagiza ubutore bw’abavyeyi babo. Mu ruririmbo “inzingwa”, Chris na Junior bavuga ivyiza n’ibibi vy’amahera ariyo bise "inzingwa."
 
- Abaririmvyi babiri bavukana, Chris na Junior
Tubibutse ko abo bana bavukana, Ninziza Junior afise imyaka 8 yiga mu mwaka wa 3 w’amashure matomato, Niyontsizi Christian ariwe aririmba kw’izina rya chris afise imyaka 10 akaba yiga mu mwaka wa 5, bose biga kw’ishure ritoya benshi bita "Poroto" riri muri karitiye ya kabiri mu Ngagara. Sky Music Studio basohoreramwo indirimbo zabo zose, ikoreramwo Akimana Espoir mukuru w’abo bana "Chris na Junior". Uwo batazira Akes niwe yandika "compositeur" indirimbo zabo bana. Zimwe mu ndirimbo zabo zamenyekanye gusumba izindi ni nka : «Tamba Dogie», «Murekatete », « Shida », na «Sogokuru». Urwo ruririmbo "Sogokuru" barukoranye n’umurwi w’abasirikare witwa « N’ejo hariho ».
Iyi ni isanamu bakoreye ururirimbo «My mama»
Cherif Nkeshimana

Messages
27 Munyonyo 2015, 08:59, par JAKEUS
TWOBAFASHA BARIRIMBA NEZA
11 Ntwarante 2017, 01:16, par Fidi Pro Poralle
Abo Bana Ndabishimiy Kubo Baz Gukora Ingoma Bakiri Bato Nkuko