IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasanamu yafashwe n’ikigendajuru «Satellite» yerekanye ibinogo vyahambwemwo (...)

Amasanamu yafashwe n’ikigendajuru «Satellite» yerekanye ibinogo vyahambwemwo abantu

vendredi 29 Nzero 2016, par egide

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryatangaje ko rifise amasanamu yafashwe n’ikigendajuru (Satellite) yerekana ibinogo rusangi bitanu vyahambwemwo abantu mu gisagara ca Bujumbura. Iryo shirahamwe ryamenyesheje kandi ko rifise n’intahe z’abantu batandukanye bagiriza igiporisi ubwicanyi bw’abantu benshi kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.

Itangazo ryasohowe na Amnesty International rivuga ko abantu batandukanye bemeza ko izo mva rusangi zimbwe kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, ayo masanamu nayo akaba yerekana ahantu hagera kuri hatanu mu gace ka Buringa mu gisagara ca Bujumbura.

Umuyobozi wa Amnesty International muri Afrika y’ubuseruko, hamwe no mu biyaga bigari, Muthoni Wanyeki, yamenyesheje ko ayo masanamu yerekana ubushake bw’abayobozi b’Uburundi bw’ukunyegeza ubwicanyi bukorwa n’abajejwe umutekano, hamwe n’ukwanka ko ukuri kuja ahabona.

Reta y’Uburundi ikaba ataco irashikiriza kuri ivyo vyagiriji vy’ubwicanyi vyashizwe ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International.


IGIHE

Messages

  • Aba dd bose bari inyuma ya nkurunziza murantunga, ariko muri imihimbiri pe. Ntarukundo mufitiye igihugu, mwese mufise ajenda ihagaze kunzigo. imyifato y’ikinyeshamba mushaka kuyibandanya mukibagira ko isi yamaze guhinduka mw’iterambere. Uburundi mubusubiza inyuma mukaca mwibaza ngo iterambere m’ubushakashatsi mubindibihugu ryahagaze ? Burakeye tubandike mubitabo vyakahise kabi karimwo ba Micombero, katumye Uburundi budatera imbere.

  • None izo mbwa ko ziterekana aho ibihumbi amagana vy abahutu boshinguye, bazotwereke aho abavyeyi bacu babashize.

  • ivyo nivyiza cane ariko ndabaza abantu bishwe kuva 65; 72; 88; 93 nta satelite yariho?ukuri nikuje ahabona uwagize inabi ahanirwe ahabona harigihe uzosanga mwabo mwitako bariko barwanya ikiringo aribo bishe abantu iyo myaka yose,mbega mutakura cibitoke ngagara nyakabiga musaga ko baturira abantu mumapine iyo amnisty international ntaco yavuga?ngirango nuko hapfa abahutu gusa!!!

  • Oya nibavyemere nivyo nibabihakane kandi ikigendajuru kivyerekana .

  • Kwerekana ibinogo nokuvuga kohariho abababwiye ibindibintu ivyontibisigura ngonibimenyetso simusiga. Ariko mwebwe nyene turaje tubafate tubanweshe amazi yamategeko, mutigute? Ivyobinogo vyomumwaka wa 2015 mukwezi 12 itariki 11 abavyimvye nabatayemwo abobantu burabizinanyeko kandindababwirako abonyene bavurwako baganiriye na amnesty international nibamwe barimuriwamurwi uhamagarira abarundi kwica abandi barundi, kandi numurwi umwe nabamwe bafata amafoto yabantu barikobarica abantibantu bomubindibihugu ataruburundi bakavyitirira abarundi, amnesty international nayo uyumwete irikiragira ikigiye itigeze igira 61,65,72,88,93 izosatakite ntizaribwabeho kobataratubwira abishwe mwicogihe vyovyo atarinokubesha?

  • Kwerekana ibinogo nokuvuga kohariho abababwiye ibindibintu ivyontibisigura ngonibimenyetso simusiga. Ariko mwebwe nyene turaje tubafate tubanweshe amazi yamategeko, mutigute? Ivyobinogo vyomumwaka wa 2015 mukwezi 12 itariki 11 abavyimvye nabatayemwo abobantu burabizinanyeko kandindababwirako abonyene bavurwako baganiriye na amnesty international nibamwe barimuriwamurwi uhamagarira abarundi kwica abandi barundi, kandi numurwi umwe nabamwe bafata amafoto yabantu barikobarica abantibantu bomubindibihugu ataruburundi bakavyitirira abarundi, amnesty international nayo uyumwete irikiragira ikigiye itigeze igira 61,65,72,88,93 izosatakite ntizaribwabeho kobataratubwira abishwe mwicogihe vyovyo atarinokubesha?

  • None arusha mwasinye mutabanje gusoma.wewe uvuze ngo babereke abiwanyu aho bahambwe? ikigongwe catanzwe kubahutu no kubatutsi ntanabamwe batabuze.sasa bgabujuju bgaba dd bibagiye ivyabakuye mwushamba baraturira ama radio ngo ivyobakora ntibimenyekane bibagira ko ubuhinga bgateye imbere.nimukenyere muwote mwawucana basemerera.

  • ooh !!reka ukuri kuje ahabona babigira binyegeje bakibaza kuri kutayoja ahabona?bitebe bikunde intahe izobakubita mugahanga.uwiteka dutabare

  • Uwiyita None uzoteba ugasakiremwo intobo nuwiyita felicite yavuga ibiruta ivyo mbona yarumiwe ,ikindi nokubwira abo mwirirwa murahamba mubinogo rusangi ntaco wabarusha,kandi wibuke nawe uzopfa,nibaze ko utaruta dorufu ariko urupfu rwo ntirwamutinye,garukana agatima k’ubuntu karangwa n’ikigongwe,ureke ako gatima k’ubwicanyi n’ubunyamaswa,ntanyungu n’umutahe uzokura mumaraso

  • Umuntu weshe yishe uyundi aba ari umwicanyi yaba umuhutu canke umututsi canke umutwa! Igikwiriye nibihane kugira igihugu cacu bacafuje gihumanuke kumbure uburake bw’Imana bwohera. Bitabaye gutyo, mwobihisha mwareka, mwabinyegeza canke mwakingiranira ikibaba, imbere y’Imana amaraso y’abantu aguma atabaza! Haheze imyaka myinshi cane amaraso y’abarundi n’abarundikazi amenywa, mwibaza ngo Imana ntibibona. Ndabagira inama umuntu wese yishe canke yicishije mugenziwe yihane bigishoboka nayo ahandiho Ijambo ry’Imana rivuga ngo ntamahoro ku muryavyaha!
    Umunyabwenge n’uwokwemera agaca bugufi akihana.

  • mb ndababaze mugihe hicwa umukuru wigihugu 1993 ndadaye izo satelite zarihe ntizakora?mb abamwishe baranyitse?mbe bobo ko iryo shirahamwe ririko rikor iki kurupfu gwandadaye?konzik ibiriko birab ubu inkomoko yavyose ni ndadaye.bobo ntibofatwa?

  • None Ubwobwicanyi Nubwihonya Bwoko Canke Icemeza Nicahe? Gerageze Mudushakishe Iyo Nkuru Nyimba Ariyukuru.

  • Aha!Ndadayebamwishe Ivyovyumavyarihe?Kobataje Kumugwanira?72,88,93 vyagenze gute?mwirinde barundibenewacu abo nabaduteranya. ukoricaha azokibazwa.

  • Ako karere karimwo shetani mbi cane aho hari umurwi wica ababo hanyuma ugaca uja kw’isunzu r’inzu ngo nimuze murabe abo tudasangiye uwoko baratumaze. Ivyo vyaribonekeje i Rwanda, biriko biribonekeza i Burundi. Haraciye imisi itari mike umunyeshure w’umututsi ati ndafise ubwoba bw’abasoda. Namumubwiye nti nyabuna abo ubwirizwa kugirako ubwoba ni abatutsi benewanyu. Ugucuruza imivyimba nimba vyarereye abo hakurya ya kanyaru, ntawuzi neza ko bizokwerere abo hakuno naho basya batambaye. Abatwara mukaba mutaregera iyo logique y’abatutitsi ni ikimenyesto ko mutazi icarico gutwara. Iyo bariko baririmba jenocide, mubwirizwa kuhagabira kuko baba bariko barayitegura koko kandi bahera ku babo.

  • Que toute personne soit en bon term avec le DIEU Celeste pour terminer sa vie sur terre dans les mains du Seigneur quelques soit les circumstances de sa mort.

  • Abo bamenja babikora bibaza yu ko bitazomenyekana, ni barindire akarinyuma karaza,mukwica babikora banezerewe, uwomunezero wa bo na nkurunziza uzohinduka umubabaro. ndababwire ntamuntu yi geze gusesa amaraso ya bariya na bariya, rwazotware atamaraso ariko arasesa. akarorero kuva Nkurunziza agiye kubutegetsi ya tanguye kurondera abo yita abansi biwe baba Efunere akubita yi sasira barabahutu bagenziwe,tudasinze inyuma abanyamahanga bagandaguriwe ngaha muburundi, ubuho vyunyutse ahura numuhutu,umututsi atashigikiye ikiringo cagatatu ciwe uwo abasezeye isi. ahubwo abobantu bagizumwuga wo kunwa amaraso ya bantu, ku macuniro hirirwa haseswa amaraso yi nka meshi, bogiye bazabaranwa Arya ntamuvumo wo bakurikiye.Nibafatwe bacirirwi bihano bibakwiye. burya kudahana imbwa kurwizimisega, buriya igihugu cacu cabuze amahoro kubera horowe imisega, murantahura neza jewe, umuntu yu bahuka kuzimanganya ubuzima bwamwe newabo amuhora ivyiyumviro vyiwe ndamwita umusega. murakoze impera zanyu zirateguwe.

  • Hari kera!

    Izo satelite zarihe igihe c’igandagurwa ca Ndandaye n’aba ministres boses bicanywe nawe? Izo satelite zamariyiki Abarundi k’ubwicanye bwa depuis 1962, 69,72, 93-2005.

  • UBU NIHO BAKIRONKA SATELITE KUVA 2005?NIMWITWENGERE!

  • Hahahahaha Muranyegeza ico kigendajuru aba dd ntibagiturire hahaha. Uzi ko banka igitanga amakuru yubwicanyi cose.

  • haahhahha!!!! mbe ninde yababariye ko nkurunziza ari presidend uyo ni sportif ngira ariko yereka amakungu ivyo yize ko arukwirukansa abanyagihugu ntamuntu yakuriye mwishamba azi gutera avocat yorongora igihugu

  • Niheh mwabony umusirikare bamutash acata has inkoho? Ahubwo nawe acayivuna . Non abobahambwe mubinogo bobariko bakora ik?non ugira babasanze munzu cank mumashengero?tuvuge inkuru twatohoje.Mutakoze.

  • MUSHIKIRIZE, IVYOMWITONDEYEKUKO ISIYOSE,IHANZAMASOUBURUNDI KUBERAGATAKA,DUFISE, KERANTIVYARIBWABONEKE, NTUVYITIRANYE,AMABUYEYAGACIRO2TANGANIKA3NIKERE4IGITORO NIBINDIVYISHI KERANTIVYARIMBWABONEKE, NTIMWITIRANYEIVYAKERANIVYUBU,OYA

  • Haaa..Ndumiw!Kandi Komeza Mudutohoreza Kuko N,ubu Turacapfa Hataje Inteko Maprabu Nubu Turapfa Kuko Ubutegetsi Bw,ibujumbura Bwa Naniwe Kabisa.

  • Emwe onu itatugarukiye turaheze petero nkurunziza aratumara kabisa! mbe wamana tiwotugarukira . turasavye inteko mpuza makungu zibe hafi! kuko akadatetswe karotswa.

  • Wewe NONE ndagusabiye kuhoraho Imana y’ijuru n’isi mango nkaya nyene uharure iminsi ntuzoobe ukiri kwisi from uyumwaka I’ve uwanyuma kuriwewe Imana yumve ugutakamba kwacu abagowe tutagira gitabara

  • Numudutohorez Kuko Iyonkurutuyunva Kuri Internet Non Nireta Ibahamba ? Kokwiradio Batabivu Ubwosububeshi Twembe Tumezenez Ntarwanotubonu Turanezerew

  • arko muravye ingene amakungu arajwe ishinga nuko muburundi hokwaduka intambara homenyekana ibinogo 5 bakagenda batazany nyangabo bateguye! biteb bitebuk ukuri kuzoja ahabona kuko nikaruzi nya binogo vyarabuze vyemejw na france3

  • arko muravye ingene amakungu arajwe ishinga nuko muburundi hokwaduka intambara homenyekana ibinogo 5 bakagenda batazany nyangabo bateguye! biteb bitebuk ukuri kuzoja ahabona kuko nikaruzi nya binogo vyarabuze vyemejw na france3

  • At Uwayesu, nanzi ngontimutinya nokwisuka kumakambi yigisirikare cu Burundi ubunyenenaho wiyemeje gupingana n’Imana ukureho imisi yangeneye yokuba kw’Isi maze ukore ivyawe uyice ncempfira igihe Imana yampaye kitaragera!? Genda mwaravumwe n’Imana ba Gahini ntahobabuze.

  • Ndababazwa cyane n’ubwo bwicanyi.mbese abo bahambamwo abandi bo ntibokwirwamwo?Imana izihorera!

  • REKA UWICA YICE BIHAMAGARIRA UBURAKE BW’UHORAHO,IVYOBIHE VYARARENGANYE.

  • Ni Mwaba Mutihenz Mu Gufat Ay Masanamu N’ Ibara Ku Burund.

  • BAMUREKA KUBESHA UWOBABAZA IVYO BINOGO AHO BIRI MWOHEREKANA NIMUREKE GUCAFUZA I BUJUMBURA

  • Ivy’ubwicanyi Muburundi Bizohagarikwa N’umuhero.Kuko abarundi benshi basigaye bafise imitima nk’iy’abisodomu na gomora.

  • none ko bemeza ibinogo rusangi vyubu mbe ntavyahabaye imbere imbere kuva 1963 no 1993 hoho ntabihari ko bataravyerekana

  • Birababaje Kuba Twarerekanye Ibirwanisho Kumwakaka Ariko Ntitubikoreshe Mukwivuna Urwanda Ruriko Ruravogera Igihug Cacu Ntimubona Ko Rwadusotoye Kuva Kera Nsaba Leta Koyokoresha Inguvu Zose Vyanse Dukomande Amacumu Nimiheto Twebwe Abanyagihu Twikorere AKakera

  • None Abobantu Bishwe Nibande? Ababishe Ni Bande ?Bahowe Iki?

  • yayayayayayayayayyayayyaa

  • yayayayayayayayayyayayyaa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.