IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amasase menshi yumvikanye mu gisagara ca Bujumbura

Amasase menshi yumvikanye mu gisagara ca Bujumbura

vendredi 11 Kigarama 2015

Inkoho nyinshi zumvikanye mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuwa 10 Kigarama 2015.

Amakuru ava mu mazone atandukanye y’igisagara ca Bujumbura,amenyesha ko amasase yatangye kwumvikana mw’ijoro ryo kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Kigarama 2015,mu bumanuko no mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama,mu mabarabara makuru makuru nk’ibarababara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo canke iryitiriwe umunyagihugu w’Umurundi nta bantu barengana.

Amakuru ava mu mpande zitandukanye z’igisagara amenyesha ko amakambi ya gisirikare ya Ngagara,Muha n’ishuri kaminuza rya gisirikare arivyo vyoba vyaratewe mw’ijoro ryakeye naho nyene ayo makuru ataremezwa n’abajejwe umutekano.

Mwomenya ko ivyononekaye bitaramenyekana,ariko bamwe mu banyagihugu mu gisagara ca Bujumbura bakaba badashobora gusohoka ngo baje mu mirimo ya minsi yose.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.