IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasezerano yo gukorera hamwe mukwiyunguruza n’indege hagati y’Uburundi na (...)

Amasezerano yo gukorera hamwe mukwiyunguruza n’indege hagati y’Uburundi na Quatar yemejwe

jeudi 20 Ntwarante 2014

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yaremeje ku mu munsi w’ejo kuwa gatatu integuro y’amasezerano yo gukorera hamwe mu gisata c’ukwunguruza abantu n’ibintu biciye ku ndege. Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu amenyesha ko ari iterambere ry’Uburundi.

Ayo masezerano yemejwe n’abakenguzamateka yateweko umukono ku genekerezo rya 19 Rusama 2012, akaba agenga ugukorera hamwe kw’Uburundi n’igihugu ca Quatar mu gisata c’ukwunguruza ibintu n’abantu hakoreshejwe indege. Mu nsiguro zatanzwe na Ciza Virginie, umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu, yamenyesheje ko ayo masezerano azofasha mu ruja n’uruza rw’ibidandazwa n’abantu. Nk’uko umushikiranganji Ciza Virginie yabisiguriye abakenguzamateka, ukwo gukorera hamwe kuzokwinjiza amafaranga mu kigega c’igihugu kubw’amakori azorihwa n’indege z’igihugu ca Quatar zizokorera ku butaka bw’Uburundi, co kimwe n’abanyagihugu bazoshobora kuronswa akazi kubera ayo masezerano yo gukorera hamwe hagati y’Uburundi na Quatar mu gisata c’ukwunguruza abantu n’ibintu hakoreshejwe indege.

Abakenguzamateka bose baremeje ijana kw’ijana ayo masezerano


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.